bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 15
2 Kings 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 16 →
1
Mu mwaka ugira mirongwibiri n’indwi Yerobowamu umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, Uziya mwene Amaziya umwami w’i Buyuda ni ho yima.
2
Yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’itandatu, ayimarakw imyaka mirongwitanu n’ibiri i Yerusalemu; nyina yitwa Yekoliya w’i Yerusalemu nyene.
3
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ivyo se Amaziya yakoze vyose.
4
Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi ntivyakūrwaho; abantu bari bagitangira ibimazi mur’ ivyo bitabo, bakahosereza imibavu.
5
Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
6
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Uziya, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda?
7
Nuko Uziya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ uwo muhungu wiwe Yotamu asubira ku ngoma yiwe.
8
Mu mwaka ugira mirongwitatu n’umunani Uziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Zekariya mwene Yerobowamu yima i Samariya mu Bisirayeli; amara amezi atandatu ari ku ngoma.
9
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’uko ba sekuruza bākora, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.
10
Maze Shalumu mwene Yabeshi aramugarariza, amugurukirakw imbere y’abantu, aramwica, asubira ku ngoma yiwe.
11
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Zekariya vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.
12
Vyabaye nk’ukw ijambo Uhoraho yari yarabariye Yehu ryāvuze, rit’ Abana bawe bazokomeza ku ngoma mu Bisirayeli gushitsa ku mwuzukururuza wawe. Nuko birashika.
13
Mu mwaka ugira mirongwitatu n’icenda Uziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Shalumu mwene Yabeshi yima; amara ukwezi kumwe i Samariya ari ku ngoma.
14
Maze Menahemu mwene Gadi ava i Tirusa, aradūga aja i Samariya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe.
15
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Shalumu, n’ingene yagararije, vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.
16
Menahemu araheza atera i Tifusa, arahatsinda, ageseza n’ abari mur’ ico gisagara bose, anesha n’intara yaco uhereye i Tirusa nyene; icatumye ahageseza n’uko banse kumwugururira amarembo; nukw afomoza abagore bose bafise inda bari muri co.
17
Mu mwaka ugira mirongwitatu n’icenda Uziya umwami w’ Abayuda ari ku ngoma, ni ho Menahemu mwene Gadi yima mu Bisirayeli; amara imyaka cumi i Samariya ari ku ngoma.
18
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ntiyigeze ava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.
19
Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.
20
Kand’ ayo mahera Menahemu yari yayatoje mu Bisirayeli, mu bantu b’abatunzi, umuntu wese yari yamutoje shekeli mirongwitanu, ngw ayahe umwami w’i Ashuri. Nuk’ uwo mwami w’i Ashuri arahindukira, ntiyaguma mur’ ico gihugu.
21
Non’ ibindi vyose vyadonzwe kuri Menahemu, n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
22
Nuko Menahemu ahamvya ba sekuruza, maz’ umuhungu wiwe Pekahiya asubira ku ngoma yiwe.
23
Mu mwaka ugira mirongwitanu Uziya umwami w’Abayuda ari ku ngoma, ni ho Pekahiya mwene Menahemu yima i Samariya mu Bisirayeli; amara imyaka ibiri ari ku ngoma.
24
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.
25
Bukeye Peka mwene Remaliya, umugabisha wiwe, afatanya n’ Abanyegileyadi mirongwitanu, aramugarariza, amwicana na Arugobi na Ariyeha, abatsinda i Samariya mu munara wo mu rugo i bgami; nukw amaze kumwica asubira ku ngoma yiwe.
26
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Pekahiya, n’ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.
27
Mu mwaka ugira mirongwitanu na kabiri Uziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Peka mwene Remaliya yima i Samariya mu Bisirayeli; amara imyaka mirongwibiri ari ku ngoma.
28
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.
29
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
30
Hanyuma Hosheya mwene Ela agarariza Peka mwene Remaliya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe; hāri mu mwaka ugira mirongwibiri Yotamu mwene Uziya ari ku ngoma.
31
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Peka, n’ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.
32
Mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Yotamu mwene Uziya, umwami w’i Buyuda, yima.
33
Yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yima; amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Yerusha, umukobga wa Sadoki.
34
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ ivyo se Uziya yakoze vyose.
35
Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi ntivyakūrwaho; abantu bāri bagitangira ibimazi mur’ ivyo bitabo, bakahosereza imibavu. Yotamu ni we yubatse ikirimba co haruguru ku ngoro y’ Uhoraho.
36
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Yotamu, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
37
Mur’ ico gihe ni ho Uhoraho yatangura kugomora Rezini umwami w’i Siriya na Peka mwene Remaliya kurwanya Abayuda.
38
Maze Yotamu ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa sekuruza Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Ahazi asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25