bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 21
2 Kings 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 22 →
1
Manase yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’ibiri; ayimarakw imyaka mirongwitanu n’itanu ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Hefusiba.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.
3
Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, nk’uko Ahabu umwami w’Abisirayeli yagize; asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.
4
Yubaka n’ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho nzoshira izina ryanje.
5
Kandi yubakira izo ngabo zose zo kw ijuru ibicaniro mu ntangaro no mu nyubakwa vyo ku ngoro y’Uhoraho.
6
Atanga umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, agapfumuza, agatera amabara, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’ abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.
7
Ca gishushanyo ca Ashera yabāje agishinga mu ngoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, ati Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.
8
Kand’ ati Sinzosubira guturatuza Abisirayeli ngo bave mu gihugu nahaye ba sekuruza, ni bitondera ivyo nabageze vyose, n’ivyagezwe vyose umusavyi wanje Mose yabageze.
9
Yamara ntibaruha bavyumva; ariko Manase abakwegera mu bibi kuruta ivyo amahanga yakora, ayo Uhoraho yaranduye imbere y’Abisirayeli.
10
Bukeye Uhoraho avugira mu basavyi biwe yavugisha,
11
ati Manase umwami w’i Buyuda ko yakoze ivyo bizira vyose vy’ubuyobe, agakora ibibi kuruta ivyo Abamori bāmubanjirije bākoze vyose, agacumurisha Abayuda ibishushanyo vyiwe;
12
ni co gitumye jewe Uhoraho Imana y’Abisirayeli mvuze, nti Ngira ntēze i Yerusalemu n’i Buyuda ivyago bikomeye, bitume ūzovyumva wese iminzerere imuvuga mu matwi.
13
Kand’ umugozi nageresheje i Samariya ni wo nzogeresha i Yerusalemu, mpagereshe na karisho nageresheje inzu ya Ahabu; kandi nzohanagura Yerusalemu, nk’uk’ umuntu ahanagura isahani, agaheza akayubika.
14
Kandi nzoshiburira hirya amasigarira yo mw ishamvu yanje, mbagabure mu maboko y’abansi babo, bahinduke inyagano n’isahu ku bansi babo bose;
15
kuko bākoze ibibi imbere yanje, bakantera umwikomo bakandatsa, uhereye ku musi ba sekuruza bāviriye muri Egiputa gushitsa na bugingo n’ubu.
16
Kandi Manase yavishije amaraso menshi y’aberanda, araruha yuzuza Yerusalemu amaraso uhereye ku ruhande rumwe ugashitsa ku rundi; ivyo abigereka ku caha ciwe yakwegeyemw’ Abayuda, ngo bakore ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
17
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Manase, n’ivyo yakoze vyose, n’ivyaha yakoze, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda?
18
Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu murima wo ku rugo rwiwe, war’ umurima wa Uza; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.
19
Amoni yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’ibiri; ayimarakw imyaka ibiri ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Meshulemeti umukobga wa Harusi w’i Yotuba.
20
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’uko se Manase yakora.
21
Yagendana ingeso zose za se, agasaba ibishushanyo se yasaba, akabisenga.
22
Ava k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ntiyagendera mu nzira ziwe.
23
Bukeye abanyarugo b’ umwami Amoni baramugarariza, bamutsinda mu ngoro yiwe.
24
Maz’ abantu bo mu gihugu bica abo bantu bose bāgararije umwami Amoni, baraheza bimika Yosiya umuhungu wiwe, bamusubiza ku ngoma yiwe.
25
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Amoni, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
26
Nukw ahambga mu mva yiwe yari yarimbishije muri wa murima war’ uwa Uza; maz’ umuhungu wiwe Yosiya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25