bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 17
2 Kings 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 18 →
1
Mu mwaka ugira icumi na kabiri Ahazi umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Hoseya mwene Ela yima i Samariya mu Bisirayeli; amara imyaka cenda ari ku ngoma.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ariko ntiyanganije n’abandi bami b’Abisirayeli bāmutanguriye.
3
Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.
4
Ariko hanyuma umwami w’i Ashuri abona ko Hoseya arimw’ ubugarariji, kuko yari yatumye intumwa gutabaza umwami wa Egiputa yitwa So, kandi ntiyar’ akimuzanira amarari, nk’uko yar’ asanzwe agenza, uk’ umwaka utashe; ni co catumye uwo mwami w’i Ashuri amushira mu nzu y’imbohe akamuta mu munyororo.
5
Maz’ umwami w’i Ashuri atera igihugu cose, aradūga aja i Samariya, ahugariza kumara imyaka itatu.
6
Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.
7
Ivyo vyābaye birtyo kukw Abisirayeli bācumuye k’Uhoraho Imana yabo yabakūye mu gihugu ca Egiputa, ikabagobotora mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa; hanyuma bagasaba izindi mana,
8
bakagendera mu migenzo y’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu migenzo abami b’Abisirayeli bābashiriyeho.
9
Kand’ Abisirayeli bāma bakora ibidatunganye mu mpisho, bagacumura k’Uhoraho Imana yabo, bakiyubakira utunyabugoro aho bāba hose, uhereye ku minara y’abarinzi ugashitsa ku bisagara bizitijwe inzitiro.
10
Kandi bishingiye inkingi na Ashera ku musozi wose uhagaze, no musi y’igiti cose gitotahaye;
11
bakosereza imibavu mu tunyabugoro twose, nk’ukw ayo mahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo yagenza; bagakora ibintu vy’ivyaha, bagatera Uhoraho umwikomo.
12
Bagasaba ibigirwamana, ivyo Uhoraho yari yarabihanikirije, ati Ntimugakore ben’ ivyo.
13
Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.
14
Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.
15
Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.
16
Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,
17
bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, bakaragura bagapfumura, bakitanga gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bakamutera umwikomo.
18
Ni co catumye Uhoraho arakira cane Abisirayeli, akabirukana ngo bave imbere yiwe, ntihasigara n’umwe atar’ umuryango w’Abayuda gusa.
19
Kandi n’Abayuda na bo ntibitondeye amabgirizwa y’Uhoraho Imana yabo, ariko bagendeye mu migenzo Abisirayeli bashizeho.
20
Nuk’ Uhoraho aheba uruvyaro rwose rwa Isirayeli, abatēza ivyago, abagabura mu maboko y’ababanyaga, kugeza aho yabakomboye bakava imbere yiwe.
21
Kukw igihe yashikura Abisirayeli, akabakūra ku nzu ya Dawidi, bimitse Yerobowamu mwene Nebati ngw abe umwami wabo. Maze Yerobowamu akevya Abisirayeli ngo bareke gukurikira Uhoraho, abakoresha icaha gikomeye.
22
Maz’ Abisirayeli bagendera mu vyaha vyose Yerobowamu yakora, ntibābivamwo,
23
gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.
24
Maz’ umwami w’i Ashuri yimura abantu i Babuloni n’i Kuta n’i Ava n’i Hamati n’i Sefaravayimu, abinjiza mu bisagara vy’i Samariya, mu gishingo c’Abisirayeli; nuko baraza bashikīra i Samariya, baba mu bisagara vyaho.
25
Ariko bagitangura kuhaba ntibātinya Uhoraho; ni co catumye Uhoraho abatērēra intambge, zikabīcamwo bamwe.
26
Ni kwo kubarira umwami w’i Ashuri, bati Ba bantu bo mu mahanga wajana, ukabinjiza ibisagara vy’i Samariya, ntibāmenye imigenzo y’Imana y’ ico gihugu; none rero yabatērereye intambge, kandi ziriko zirabamara, kuko batazi imigenzo y’ iyo Mana y’ico gihugu.
27
Maz’ umwami w’i Ashuri aravuga, ati Ni mujane umwe mu baherezi mwakūyeyo, agende abeyo, az’ abigishe imigenzo y’Imana y’ico gihugu.
28
Nuk’ umwe mu baherezi bari barambukanywe babakūra i Samariya araza, aba i Beteli, abigisha ingene bakwiye gutinya Uhoraho.
29
Yamar’ abo mur’ ayo mahanga yose bakomeza kwironderera izabo mana, bazishira mu tunyabugoro two mu bitabo Abasamariya bāri bārubatse, abo mw ihanga ryose uko bāba mu bisagara vyabo ni ko bāgenza.
30
Abāvuye i Babuloni bigirira ikigirwamana citwa Sukoti‐benoti, abāvuye i Kuta bigirira Nerugali, ab’i Hamati bigirira Ashima,
31
ab’i Ava bigirira Nibuhazi na Tarutaki, ab’i Sefaravayimu bātanga abana babo ngo baturirwe, babahaye Adurameleki na Anameleki, imana z’i Sefaravayimu nyene.
32
Ariko n’Uhoraho na we baramusaba, kandi bamwe muri bo bābagira abaherezi bo mu bitabo, bo kubatangira ibimazi mu tunyabugoro two mur’ ivyo bitabo.
33
Uko ni ko bāsaba Uhoraho, bagatako bagasaba izabo mana, nk’ukw imigenzo y’amahanga bākūwemwo yar’ imeze.
34
No gushitsa uyu musi wa none baracagenza nk’uko bamye bagenza kera; ntibatinya Uhoraho, ntibitondera amateka cank’ imigenzo cank’ ivyagezwe cank’ amabgirizwa, ivyo Uhoraho yahaye bene Yakobo, uwo yise Isirayeli,
35
akabasezeranira isezerano, akabihanikiriza, ati Ntimuze musabe izindi mana, canke ngo muzīkubite imbere, canke ngo muzisenge, canke ngo muzihe ibimazi;
36
ariko jewe Uhoraho nabakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bganje bginshi n’ukuboko kubanguye, abe ari jewe mwubaha, abe ari jewe mwikubita imbere, abe ari jewe muha ibimazi;
37
kand’ amateka n’imigenzo n’ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nabandikiye, mube ari vyo mwitondera, mubikore gushitsa ibihe vyose; kandi ntimuze mugire izindi mana musaba.
38
Kand’ isezerano nasezeranye namwe ntimuze muryibagire, kandi ntimuze mwubahe izindi mana;
39
ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe mwubaha; nanje nzobarokora mbakūre mu maboko y’abansi banyu bose.
40
Yamara ntibaruha bavyumva, ariko bakomeza kugenza nk’uko bamye bagenza kera.
41
Nukw ab’ ayo mahanga bātinya Uhoraho, bagatako bagasaba ibishushanyo vyabo vy’ibibāzano; n’abana babo n’abuzukuru babo bakomeza kugenza bartyo; uko ba sekuruza bāgenza, na bo ni ko bagenza na bugingo n’ubu.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25