bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 14
2 Kings 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 15 →
1
Mu mwaka ugira kabiri Yehowasi mwene Yehowahazi umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda yima.
2
Yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yaja ku ngoma, amara imyaka mirongwibiri n’ icenda i Yerusalemu ari ku ngoma; nyina yitwa Yehowadina w’i Yerusalemu nyene.
3
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ariko ntiyashikīra sekuruza Dawidi; yakoze nk’ivyo se Yowasi yakoze vyose.
4
Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi ntivyakūrwaho; abantu bāri bagitangira ibimazi mur’ ivyo bitabo, bakahosereza imibavu.
5
Hanyuma amaze kubona kw ahangamye ku ngoma, yica ba banyarugo bāri barishe umwami se wiwe.
6
Arikw abana b’abo bicanyi ntiyabica, nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, ivyashinzwe n’Uhoraho, ngw Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: ngw Arik’ umuntu wese az’ azire iciwe caha.
7
Kandi yishe mu Banyedomu abantu ibihumbi cumi, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu; atera n’i Sela, arahatsinda, ahahindura izina ahita i Yokiteli na bugingo n’ubu.
8
Hanyuma Amaziya atuma intumwa kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu, umwami w’Abisirayeli, muti N’uze muhangane.
9
Yehowasi umwami w’Abisirayeli atuma kwishura Amaziya umwami w’i Buyuda, mut’ Igitovu c’i Lebanoni catumye kw isederi y’i Lebanoni nyene, ut’ Umukobga wawe n’umushingire umuhungu waco. Bukeye igikōko caba i Lebanoni kihahise gikandagira ca gitovu.
10
Nka ko waratsinze Abanyedomu, uraheza wishira hejuru mu mutima wawe: ego ni wihaye, arik’ ugume i muhira; n’iki gituma ugomba kwikwegera akaziri, mugapfa mwe n’ Abayuda?
11
Ariko Amaziya ntiyaruha amwumvira. Nuko Yehowasi umwami w’Abisirayeli ni kwo kudūga, bahanganira na Amaziya umwami w’i Buyuda i Beti‐shemeshi h’i Buyuda nyene, bararumana.
12
Maz’ Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umuntu wese ahungira i we.
13
Maze Yehowasi umwami w’Abisirayeli afata mpiri Amaziya umwami w’i Buyuda, mwene Yowasi, Yowasi mwene Ahaziya, amufatira i Beti‐shemeshi nyene; aca aja i Yerusalemu, asangangura uruzitiro rwaho rw’amabuye, uhereye kw irembo ry’Abefurayimu ugashitsa kw irembo ryo ku mfuruka, hose har’ amatambge amajana ane y’ ukuboko uciriye mu nkokora.
14
Asahura amazahabu n’amafeza yose, n’ibintu vyose vy’imbombovu bāsanze mu ngoro y’Uhoraho n’ivyo bāsanze mu bubīko bgo mu ngoro y’umwami, afata n’abantu abajana bari mu bugōmbe, araheza asubira i Samariya.
15
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehowasi, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, n’ingene yarwanye na Amaziya umwami w’i Buyuda, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
16
Nuko Yehowasi ahamvya ba sekuruza, ahambga i Samariya hamwe n’abami b’Abisirayeli; maz’ umuhungu wiwe Yerobowamu asubira ku ngoma yiwe.
17
Yehowasi mwene Yehowahazi umwami w’Abisirayeli amaze gutanga, Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda amara iyindi myaka cumi n’itanu.
18
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Amaziya, none ntivyanditswe mu gitabo c’ ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
19
Bukeye ab’i Yerusalemu baramugarariza, ahungira i Lakishi; barungika abamukurikirana i Lakishi, bamutsindayo.
20
Umuvyimba wiwe bawuremēka amafarasi, bawuzana i Yerusalemu, bamuhamba hamwe na ba sekuruza ku murwa wa Dawidi.
21
Maz’ abantu bose bahitana Uziya baramwimika, bamusubiza ku ngoma ya se Amaziya; Uziya yar’ amaze imyaka cumi n’itandatu.
22
Ni we yasanasannye i Elati, ahagarura i Buyuda, umwami Amaziya amaze guhamvya ba sekuruza.
23
Mu mwaka ugira icumi na gatanu Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Yerobowamu mwene Yehowasi umwami w’Abisirayeli yima i Samariya; amara imyaka mirongwine n’umwe ari ku ngoma.
24
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; ntiyava mu vyaha vyose vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.
25
Mugabo asubiza urubibe rw’i Bgisirayeli aharwo, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kiyaga co mu kiyaya Araba, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli ryavuze, iryo yavugiye mu musavyi wiwe Yona mwene Amitayi w’i Gati‐heferi, uwo yavugisha.
26
Kuk’ Uhoraho yabonye amagorwa y’Abisirayeli iyo bava bakagera ingen’ ari menshi, kand’ ata mutabazi ariho wo kubatabara.
27
Arik’ Uhoraho ntiyari yaravuze kw azozimanganya izina ry’Abisirayeli musi y’ijuru, nuko rero, abakirisha Yerobowamu mwene Yehowasi.
28
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Yerobowamu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, n’ingene yarwanye intambara, n’uburyo yagaruriye Ubgisirayeli i Damasiko n’i Hamati, ahanyaze Abayuda, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
29
Maze Yerobowamu ahamvya ba sekuruza, ari bo bami b’Abisirayeli; umuhungu wiwe Zekariya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25