bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 19
2 Kings 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 20 →
1
Maz’ umwami Hezekiya avyumvise, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, yinjira mu ngoro y’Uhoraho.
2
Maz’ atuma Eliyakimu umuzezwarugo, na Shebuna umukarani, n’abakuru bo mu baherezi, bambaye amagunira, k’ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi.
3
Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’ umusi w’umubabaro n’ibihano n’ ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara.
4
Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.
5
Nukw abantu b’ umwami Hezekiya bashika kuri Yesaya.
6
Yesaya arababgira, at’ Uku abe ari ko mubgira shobuja, mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntutinye ayo magambo wumvise, abo baja b’umwami w’i Ashuri bamurogoseko.
7
Ngo Rāba azomushiramw’ uwundi mutima, kand’ azokwumva impuha zitume asubira mu gihugu ciwe; kandi ngw Azomwicishiriza inkota mur’ ico gihugu ciwe nyene.
8
Nuko Rabushake asubira inyuma, asanga umwami w’i Ashuri ateye i Libuna; ajayo kuko yari yumvise ko yavuye i Lakishi.
9
Bukeye umwami w’i Ashuri yumvise bavuga Tiruhaka umwami w’i Etiyopiya, bat’ Araje kugutera; yongera gutuma intumwa kuri Hezekiya,
10
mut’ Uku abe ari ko muzobgira Hezekiya umwami w’i Buyuda, mut’ Iyo Mana wishimiye ntiz’ iguhende, ngw I Yerusalemu ntihazotangwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.
11
Muti Mbega ntiwumvise ukw abami b’i Ashuri bāgiriye ibihugu vyose, bakabirandura rwose? muti None wewe uzokira?
12
Muti Mbeg’ imana z’amahanga, ayo ba sekuru bāranduye, zararokoye ab’i Gozani n’i Harani n’i Resefu n’ Abanyedeni baba i Telasari?
13
Mut’ Umwami w’i Hamati ari hehe’ cank’ umwami w’i Arupadi, n’umwami w’umurwa w’i Sefaravayimu, n’uw’ i Hena n’uw’ i Iva?
14
Bukeye Hezekiya ashikirizwa ico cete n’izo ntumwa, aragisoma; maz’ aradūga, aja mu ngoro y’ Uhoraho, arakigaranzura, agishira imbere y’Uhoraho.
15
Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.
16
Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe Uhoraho, witegereze; wumve amagambo ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.
17
Uhoraho, n’ivy’ ukuri abami b’i Ashuri bārahoneje ayo mahanga n’ibihugu vyayo,
18
bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’ abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.
19
Nuko none, Uhoraho Mana yacu, ndakwinginze udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Mana wenyene, ewe Uhoraho.
20
Maze Yesaya mwene Amosi atuma kuri Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Ivyo wamutakambiye ku vya Senakeribu umwami w’i Ashuri, yavyumvise.
21
Ut’ Iri ni ryo jambo Uhoraho yamuvuzeko, at’ Umukobga w’inkumi w’i Siyoni aragukēngereye, agutwengeye mw ijigo; umukobga w’i Yerusalemu akuzungurije umutwe.
22
Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera wa Isirayeli.
23
Watumye intumwa zawe kuntuka, jewe Umwami Imana, uravuga, ng’ Udūganye igitero cinshi c’imikogote yawe y’intambara, ushitse mu mpinga z’imisozi, no mu dushōka tw’i Lebanoni; ngo Wiciye ibiti vy’amasederi vyaho birebire, n’ivy’ akajwari vyaho vyiza‐vyiza; ngo Wahanyuragiye ushika mu bgigobeko bgaho hirya cane, no mu biti vyo mw itongo ryaho rimera cane.
24
Ngo Wimvye amazi mu mahanga, urayanywa; wakamishije inzūzi zo muri Egiputa ubgōro bg’ibirenge vyawe.
25
Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira.
26
Ni co catumye abābibamwo baba imburamaboko, bagacika ivutu, bakamāramāra; bagacika nk’ubgatsi bgo ku gahinga, nk’ubgatsi bg’urumerera, nk’ivyatsi vyimejeje ku nzu, nk’ingano zirumvye zikir’ ibironge.
27
Ariko ndazi imyicarire yawe, n’amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe.
28
None rero kubg’ ubushangashirwe wangiriye, n’uko numvise ivy’ agashamango kawe, nzogutūngīra umurinda wanje mu mazuru, n’umujiginya wanje mu kanwa, ngusubize mu nzira wazananye.
29
Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko.
30
Kand’ amasigarira arokotse yo mu nzu ya Yuda bazokwongera gushōra imizi hasi, ahahera hejuru bahūrike ivyamye.
31
Kuko muri Yerusalemu hazosokoroka amasigarira, no ku musozi Siyoni have abārokotse: ishaka ry’Uhoraho rizoshitsa ivyo.
32
Uti Ni co gitumye Uhoraho avuga ivy’ umwami w’i Ashuri, ati Ntazoruha agera mur’ iki gisagara, canke ngw aharase n’umwampi, canke ngw ahatumbereze n’inkinzo, canke ngw aharunde ikirundo co kwūririrako.
33
Ut’ Inzira yazananye ni yo nyene izomusubizayo; ntazoruha agera mur’ iki gisagara, ni k’Uhoraho agize.
34
Ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.
35
Maze mur’ iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’ imivyimba.
36
Nuko Senakeribu umwami w’i Ashuri aca arataha, asubira inyuma, aja kuba i Ninewe.
37
Umusi ur’ izina, arikw arasenga ari mu ngoro y’ikigirwamana ciwe citwa Nisiroki, Adurameleki na Sharezeri bamwicisha inkota; baca bahungira mu gihugu c’i Ararati. Maz’ umuhungu wiwe Esarihadoni asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25