bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 1
Judges 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 2 →
1
Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho, bati Muri twebge ni nde azobanza kuja gutera Abanyakanani ngw abarwanye?
2
Uhoraho arishura, at’ Abayuda ni bo bazobanza gutera: kand’ ico gihugu ndakigabuye mu maboko yabo.
3
Nukw Abayuda babarira ab’i wabo b’Abasimeyoni, bati Ni muze mufatanye natwe dutere Abanyakanani, dushikīre umugabane wacu twaheshejwe n’ubupfindo; natwe tuzofatanya namwe ngo mushikīre uwanyu. Nukw Abasimeyoni bajana na bo.
4
Nukw Abayuda badūga gutera, maz’ Uhoraho agabura Abanyakanani n’Abaferizi mu maboko yabo, i Bezeki bahatsinda ibihumbi cumi mu ngabo zabo.
5
Basanga Adoni‐bezeki i Bezeki nyene, baramurwanya, banesha Abanyakanani n’Abaferizi.
6
Ariko Adoni‐bezeki arahunga, baramukinagiza, baramufata, bamuca intoke z’ibikumu n’amano manini.
7
Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.
8
Maz’ Abayuda batera Yerusalemu, barahatsinda, baharanduza inkota; ico gisagara bagiha impumbi.
9
Maze baramanuka, batera Abanyakanani, uhereye ku baba mu mugamba n’ababa i bumanuko n’ababa mu gihugu c’ imisozi iciye bugufi.
10
Baraheza baja gutera Abanyakanani baba i Heburoni; Heburoni kera hitwa Kiriyati‐Araba: maze bica Sheshayi na Ahimanu na Talumayi.
11
Nuko bavayo, baja gutera ab’i Debira; Debira kera hitwa Kiriyati‐seferi.
12
Kalebu aravuga, at’ Umuntu azotera i Kiriyati‐seferi akahanesha, nzomushingira umwana wanje Akisa.
13
Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu, arahanesha; araheza amushingira umukobga wiwe Akisa.
14
Maz’ agishika i w’umugabo wiwe, aramwinginga ngw asabe se itongo; Akisa ava ku ndogoba yiwe, Kalebu aramubaza, at’ Ugomba iki?
15
Aramwishura, ati Ntabara ungabire: ko wandungitse mu gihugu cumye, mpa n’amariba y’amazi. Nuko Kalebu amuha amariba yo haruguru n’ayo hepfo.
16
Maz’ abo mu ruvyaro rwa wa Munyakeni, muramu wa Mose, badūgana n’Abayuda bavuye mu gisagara co mu bigazi, baja mu bugaragwa bg’i Buyuda, ahahera i bumanuko bg’i Arada, babanayo na bene ho.
17
Bukeye Abayuda bafatanya n’ab’i wabo b’Abasimeyoni, banesha Abanyakanani bāba i Sefati, barahageseza; ni kwo kwita ico gisagara Horuma.
18
Abayuda banesha i Gaza n’impande zaho zose, na Ashikeloni n’impande zaho zose, na Ekuroni n’impande zaho zose.
19
Uhoraho yari kumwe n’Abayuda; birukana ababa mu gihugu c’umugamba, ariko ntibashobora kwirukana ababa mu biyaya, kuko bari bafise imikogote y’ivyuma.
20
Kalebu bamuha Heburoni nk’uko Mose yari yaravuze; ahirukana bene Anaki ukw ari batatu.
21
Arikw Ababenyamini ntibirukanye Abayebusi bāba i Yerusalemu; nukw Abayebusi babana n’Ababenyamini i Yerusalemu gushitsa na bugingo n’ubu.
22
Ab’ umuryango wa Yosefu na bo baradūga ngo batere i Beteli; kand’ Uhoraho yari kumwe na bo.
23
Batuma abaja gutata i Beteli; ico gisagara kera citwa Luzi.
24
Abo batasi babona umuntu avuye mur’ ico gisagara, baramubarira, bat’ Enda se twereke akanyuro twocamwo ngo dushike mur’ iki gisagara, natwe tuzokwibuka.
25
Aca abereka aho baca ngo bagishikemwo; ni kwo kuranduza inkota ico gisagara, ariko wa mugabo n’abo mu rugo rwiwe bose barabareka.
26
Uwo muntu araheza aragenda, aja mu gihugu c’Abaheti, yubakay’ igisagara, acita Luzi: ni ryo zina ryaco na bugingo n’ubu.
27
Arikw Abamanase ntibirukanye ab’i Beti‐sheyani cank’ ab’i Tanaki cank’ ababa i Dori, cank’ ababa Ibuleyamu, cank’ ababa i Megido, cank’ abo mu dusagara twagenda tuhakūkira, kukw Abanyakanani bāgataye kuva mur’ ico gihugu.
28
Maz’ Abisirayeli bamaze guhama, bashinga Abanyakanani ibikebere, ntibabirukana ngo babaherengeteze.
29
Abefurayimu na bo ntibirukanye Abanyakanani baba i Gezeri, arikw Abanyakanani babana na bo ngaho nyene i Gezeri.
30
N’Abazebuloni na bo ntibirukanye ababa i Kitironi cank’ ababa i Nahalolo; arikw abo Banyakanani babana na bo, bashingwa ibikebere.
31
N’Abasheri na bo ntibirukanye ababa ahitwa Ako, cank’ ababa i Sidoni, cank’ ab’i Ahulaba, cank’ ab’i Akuziba, cank’ ab’i Heliba, cank’ ab’i Afeka, cank’ ab’i Rehobu;
32
arikw Abasheri babana n’Abanyakanani, ben’ ico gihugu, ntibabirukana.
33
N’Abanafutali na bo ntibirukanye ababa i Beti‐shemeshi, cank’ ababa i Beti‐anati, arikw Abanafutali babana n’Abanyakanani, ben’ ico gihugu; mugabo, ababa i Beti‐shemeshi n’i Beti‐anati bashingwa ibikebere.
34
Abamori bagenda barasegenya, basunika Abadani gushitsa mu gihugu c’umugamba, ntibābakundira kumanuka mu kiyaya,
35
arikw abo Bamori bāgataye kuva ku musozi Heresi n’i Ayaloni n’i Shalubimu; arikw ab’ inzu ya Yosefu bamaze gukomera bashinga abo Bamori ibikebere.
36
Kand’ urubibe rw’Abamori rwāhēra ku mudūgo w’i Akurabimu rugashitsa i Sela rugasubiza amajaruguru.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21