bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 20
Judges 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 21 →
1
Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.
2
Maz’ abakuru bo mu bantu bose b’imiryango yose y’Abisirayeli bava hasi mw ikoraniro ry’abantu b’Imana, ryakoranye ar’ ingabo ibihumbi amajana ane zizi kurwanisha inkota.
3
(Kand’ Ababenyamini bari bumvise kw Abisirayeli badūze i Misipa.) Maz’ Abisirayeli barabaza, bati Tubarire ukw ico caha cakozwe.
4
Wa Mulewi, umugabo wa wa mugore yishwe, arabishura, ati Nashitse i Gibeya h’i Bubenyamini, mpāka indāro ndi kumwe n’umugore wanje.
5
Maz’ abagabo b’i Gibeya bahenga mw ijoro barantera, bakikiza inzu narimwo; jewe bāgomba kunyica, kand’ umugore wanje baramwonona, arapfa.
6
Ndaheza ndamufata, mmuhimbaguramw’ ibihimba, mbirungika mu gihugu cose c’ishamvu y’Abisirayeli, kuko bākoze igiteye isoni c’ubuyobe mu Bisirayeli.
7
None rero yemwe Bisirayeli mwese, ni murondere inama y’ivyo, mubijekw ingingo!
8
Maz’ abantu bose bavira hasi icarimwe, bati Nta muntu n’umwe muri twebge azosubira i muhira canke ngw atahe i we;
9
arikw ico dukwiye kugirira i Gibeya n’ ukuhatera, nk’uk’ ubupfindo buzotwereka.
10
Kandi tuzogenda dutora abantu, mw ijana tuhakūra cumi, mu gihumbi tuhakūra ijana, mu bihumbi cumi tuhakūra igihumbi, duhetūre mu miryango yose y’Abisirayeli, kugira ngo baje gukoranya ivyo kurya vy’ingabo zigiye kuja i Gibeya h’i Bubenyamini kubahōra ubuyobe bgose bākoreye mu Bisirayeli.
11
Nukw ingabo zose z’Abisirayeli zikoranira kurwanya ico gisagara, bahūje umutima nk’umuntu umwe.
12
Maz’ ab’ imiryango y’Abisirayeli batuma intumwa mu muryango w’Ababenyamini iy’ uva ukagera, zo kubabaza, ut’ Ubgo buyobe bgabaye muri mwebge bgavuye ku ki?
13
Uti None ni mubahe abo bantu b’abagesera b’i Gibeya, babice, bakūre ikibi mu Bisirayeli. Arikw Ababenyamini banka kwumvira ab’i wabo b’Abisirayeli.
14
Maz’ Ababenyamini bava mu bisagara vyabo bakoranira i Gibeya, kugira ngo barwane n’Abisirayeli.
15
Uwo musi hakorana Ababenyamini bavuye mur’ ivyo bisagara ingabo zizi kurwanisha inkota ibihumbi mirongwibiri na bitandatu, udashizemw’ abasanzwe baba i Gibeya, ingabo z’intorwa amajana ndwi.
16
Kandi mur’ izo ngabo zose hārimw’ abantu b’intorwa amajana ndwi b’amabamfu, kand’ umwe‐umwe muri bo yashobora guteresha ibuye umugozi ntāhushe, n’iyo koba agashatsi kamwe.
17
Abandi Bisirayeli, udashizemw’ Ababenyamini, bākoranye ar’ ibihumbi mirongwine bazi kurwanisha inkota: abo bose bar’ ingabo.
18
Maz’ Abisirayeli barahaguruka baja i Beteli, ngo basiguze Imana; barayibaza, bati Muri twebge ni ba nde bazotangura kuja gutera Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Abayuda ni bo bazotangura kugenda.
19
Nuko bukeye Abisirayeli barahaguruka, basagaza inyuma y’i Gibeya.
20
Ingabo zabo zitera Ababenyamini, zitonda urugamba i Gibeya ngo zibarwanye.
21
Maz’ Ababenyamini barasokoroka bava i Gibeya, batikiza Abisirayeli kur’ uwo musi, bahasiga imihindigiti ibihumbi mirongwibiri na bibiri.
22
Arikw izo ngabo z’Abisirayeli zirīyūngūnganya, basubira gutonda urugamba hamwe bari barutonze ubga mbere.
23
Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.
24
Nuko ku musi ugira kabiri Abisirayeli bongera kwēgereza Ababenyamini.
25
Maz’ Ababenyamini bongera gusokoroka bava i Gibeya kur’ uwo musi wa kabiri nyene, basubira gutikiza Abisirayeli, bahasiga imihindigiti ibihumbi cumi n’umunani, bose ar’ abāri bazi kurwanisha inkota.
26
Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.
27
Maz’ Abisirayeli basiguza Uhoraho, (kukw ico gihe isandugu y’isezerano ry’Imana ari ho yar’ iri;
28
na Finehasi mwene Eleyazari umwuzukuru wa Aroni ni we yahagarara imbere yayo); babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’i wacu b’Ababenyamini, canke dusigeho? Uhoraho arabishura, ati Dūga, kukw ejo nzobagabura mu maboko yanyu.
29
Nukw Abisirayeli barekura abaca ibico ngo batangatange i Gibeya impande zose.
30
Maze ku musi ugira gatatu Abisirayeli baja gutera Ababenyamini, batonda urugamba i Gibeya nk’ubga mbere.
31
Ababenyamini baraza barabarwanya, na bo barabahenda, babavana hafi y’ico gisagara; maz’ Ababenyamini batangura kubica ingenda nk’ubga mbere, babatsinda mu mabarabara, mu rija i Beteli no mu rija i Gibeya, no mu misozi; mu Bisirayeli hapfa abantu nka mirongwitatu.
32
Maz’ Ababenyamini barihaya, bati Turabanesheje nk’ubga mbere; arikw Abisirayeli bati Ngo twiruke, tubahende, bave hafi y’igisagara bashike mu mabarabara.
33
Uko ni kw Abisirayeli bose bāvuye aho bāri bari, baja gutonda urugamba i Bayali‐tamari; maz’ abāri baciye ibico baravyuka, bava aho bāri babunze i Mare‐geba:
34
nukw abo bantu, ukw ar’ ibihumbi cumi b’intorwa bo mu Bisirayeli bose, baraza batera i Gibeya; haba intambara ikomeye; arikw Ababenyamini ntibāri bazi kw ivyago bibashikiriye.
35
Maz’ Uhoraho atuma Ababenyamini baneshwa imbere y’Abisirayeli; kur’ uwo musi Abisirayeli batikiza mu Babenyamini abantu ibihumbi mirongwibiri na bitanu n’ijana, bose ar’abāri bazi kurwanisha inkota.
36
Nukw Ababenyamini babona ko baneshejwe. Uko ni kw Abisirayeli bāhenze Ababenyamini, kuko bāri bizigiye abo bari bashize mu bico inyuma y’i Gibeya;
37
abo bāri mu bico ni kwo kwiruka akābushūngwe, bagatera i Gibeya, bagasāgiriza ico gisagara, bakaranduza abari muri co bose inkota.
38
Ikimenyetso Abisirayeli bāri bāhānye n’abāri mu bico n’uko ni bāturira igisagara, umwotsi mwinshi ugapfūndūka,
39
Abisirayeli ni ho bazoca babahindukirana. Kand’ Ababenyamini bāri bamaze gutangura kwica mu Bisirayeli abantu nka mirongwitatu, bihaya, bati N’ukuri turabanesheje nko muri ya ntambara ya mbere.
40
Arik’ umwotsi utanguye kudūga utwaje uva mu gisagara, Ababenyamini ni kwo gukebuka, bakabona igisagara cose gipfūndūka umwotsi udūga intumbgejuru.
41
Abisirayeli ni kwo kubahindukirana, Ababenyamini bakagwa igihūmura, kuko babonye yukw ivyago bibashikiriye.
42
Nuko baha ibitugu Abisirayeli, bajana inzira ija mu bugaragwa; arikw ingabo zibōma inyuma, kand’ izivuye mu gisagara zibīteramwo hagati, zigenda zirabica.
43
Baca Ababenyamini hirya no hino, barabakinagiza, bagize ngo baratēnyēnya barabasiribanga, kurinda bashika aharābana n’i Gibeya, ku ruhande ruhera i burasirazuba.
44
Mu Babenyamini hapfa abantu ibihumbi cumi n’ umunani, bose n’abahizi.
45
Uko ni ko bākebeje, bagahunga bajanye inzira ija mu bugaragwa, kugira ngo bashike ku gitandara c’i Rimona; abo bishe ingenda mu mabarabara bār’ ibihumbi bitanu, bakomeza kubōma inyuma gushitsa i Gidomu, batsinday’ abandi ibihumbi bibiri.
46
Nukw abāpfuye kur’ uwo musi mu Babenyamini bose na bose bār’ ibihumbi mirongwibiri na bitanu bazi kurwanisha inkota; abo bose bār’ abahizi.
47
Mugabo, abantu amajana atandatu bākebeje, bagahunga bajanye inzira ija mu bugaragwa, bāruhiye gushika kuri ca gitandara c’i Rimona; bagumayo kumara amezi ane.
48
Maz’ Abisirayeli barahindukira, bongera kurwanya abandi bo mu Babenyamini, babicisha inkota uhereye ku bantu no ku bigenda bindi no ku vyo barengutseko vyose; kand’ ibisagara vyose bārengukako barabiturira.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21