bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 19
Judges 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 20 →
1
Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.
2
Bukeye umugore wiwe amucumurako, arasambana, arāhukana, aja kwa se i Betelehemu h’i Buyuda; amaray’ igihe nk’amezi ane.
3
Bukeye umugabo wiwe arīkora, aramukurikira, kugira ngw amuhōyahōye, amugarukane; ajana n’ umuntu wiwe n’indogoba zibiri; ashitse i wabo w’uwo mugore, se wa nya mugore amubonye, aza kumusanganira anezerewe.
4
Maze sebukwe, se wa nya mugore, aramusīvya, amarana na we imisi itatu, barya, banywa, ari ho barāra.
5
Ku musi ugira kane bavyutse kare, arīkora ngw agende. Se wa nya mugore abarira uwo mukwe wiwe, ati Banza wābīre utw’ utamira, uhēmbūre umutima, mubone kugenda.
6
Nuko bompi baca baricara, bararya, baranywa, kugeza se wa nya mugore amubariye, at’ Enda se subira urāre hano, ube urījandajandira.
7
Arik’ uwo mugabo arahaguruka ngw agende; sebukwe aramwinginga, arongera ararāra.
8
Ku musi ugira gatanu azinduka kare ngw agende. Se wa nya mugore aravuga, at’ Enda banza wihēmbūre! Ba muraguma hano gushitsa umusi ukuze. Nuko bompi bararya.
9
Uwo mugabo araheza ava hasi ngw agende, bo n’umugore wiwe n’umuntu wiwe; maze sebukwe, se w’uwo mugore, aramubarira, at’ Ehe burije, ndabinginze murāre hano iri joro; rāba bgāhinnye: kīnja hano wījandajandire! Ejo uz’ uhenge mu gatwenzi, wifatire inzira, utahe.
10
Arik’ uwo mugabo ntiyemera kurāra; arīkora, aragenda, ashika aharābana n’i Yebusi, ari ho Yerusalemu; kandi yar’ afise indogoba zibiri zirikw amatandiko, n’umugore wiwe bari kumwe.
11
Kandi bāshitse hafi y’i Yebusi buriko buragoroba. Wa muntu abgira shebuja, at’ Enda ngo dukevye, twāke indāro muri kirya gisagara c’Abayebusi.
12
Ariko shebuja aramubarira, ati Ntitwokevya ngo tuje mu gisagara c’abanyamahanga kitar’ ic’ Abisirayeli; ariko ngo tujabuke dufate i Gibeya.
13
Yongera abarira uwo muntu wiwe, at’ Enda tuje mu gisagara kimwe muri biriya, twāke indāro i Gibeya cank’ i Rama.
14
Nuko bararamiriza, izuba ricokera bashitse hafi y’i Gibeya h’Ababenyamini.
15
Bakeberezayo, baja kwāka indāro i Gibeya. Ashitseyo, apfa kwicara mu kibuga co mur’ ico gisagara, kukw ata wemeye kubaha indāro.
16
Maze haza umutāma avuye mu murima gukora buhwibiriye; kand’ uwo muntu yahora mu mugamba w’Abefurayimu, acīkira i Gibeya, arikw abo mur’ ico gisagara bār’ Ababenyamini.
17
Yunamuye amaso, abona umuntu w’ingenzi ari ngaho mu kibuga co mur’ ico gisagara. Uwo mutāma aramubaza, at’ Uva hehe, ukaja he?
18
Aramwishura, ati Tuvuye i Betelehemu h’i Buyuda, tuja mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, iyo naturutse; nari nagiye i Betelehemu h’i Buyuda, none ndatashe; kandi mbuze umuntu yompa indāro,
19
naho nari nīfitiye ivyarire vy’indogoba zacu n’ivyo kurya vyazo, bo n’ivyo kurya vya twe n’uyu mugore n’uyu muhungu turi kumwe: nta co tubuze na mba.
20
Uwo mutāma aramwishura, ati Ruhuka, gira amahoro: ivy’ ugomba vyose ndabikugirira; mugabo ntimushobora kurāra ku musozi.
21
Nukw abajana i we, agaburira izo ndogoba; nuko bamaze kwoga ibirenge, bararya baranywa.
22
Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.
23
Uwo mugabo nyen’ urugo arasohoka, arababarira, ati Sigaho bagenzi banje, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo; kuk’ uyu mugabo aje mu nzu yanje: ntimukore ikizira kingana girtyo!
24
Rāba harih’ umwigeme wanje w’inkumi n’umugore w’uyo mugabo: hinge ndababasohorere, abe ari bo mwonona, mubagenze uko mugomba kwose; arik’ uwo mugabo mwoye kumukorakw ikizira kingana girtyo.
25
Arikw abo bagabo banka kumwumvira; nuk’ uwo mushitsi afata umugore wiwe, aramubahereza; barārana na we baramwonona bakēsha ijoro; umutwenzi utambitse, baramurekura.
26
Nuko mu mutwenzi nya mugore araza, ahenukira imbere y’umuryango w’inzu y’uwo mutāma, ah’ umugabo wiwe ari, burinda buca ari ngaho.
27
Maz’ umugabo wiwe mu gatondo aravyuka, yugurura urugi rw’inzu, arasohoka agira ngw agende. Asanga uwo mugore wiwe arambaraye imbere y’umuryango w’inzu, ibiganza vyiwe biri mu rwinjiriro.
28
Aramubarira, ati Vyuka, tugende; ariko ntiyakakaza. Nukw aramuterura, amurambika ku ndogoba; uwo mugabo ni kwo guca yitahira.
29
Ashitse i we, ahitana imbugita, afata umuvyimba w’uyo mugore wiwe, awuhimbaguramw’ ibihimba cumi na bibiri, acīra mu ngingo mu ngingo, abirungika mu bihugu vyose vy’Abisirayeli.
30
Maz’ ababibonye bose baravuga, bat’ Ikintu kimeze girtyo nticīgeze gukorwa canke kuboneka, uhereye ku musi Abisirayeli bādūgiye bava mu gihugu ca Egiputa kugeza uyu musi! Nuko ni muvyiyumvire, mubije inama, mugire ico muvuga!
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21