bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 4
Judges 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 5 →
1
Ehudi amaze gupfa, Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
2
Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, yaba i Harosheti‐ha‐goyimu.
3
Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, kubg’ imikogote y’ivyuma amajana cenda Yabina yar’ afise, kandi yar’ amaze imyaka mirongwibiri ahahaza Abisirayeli bibi.
4
Ico gihe Debora, uwavugishwa n’Imana, muka Lapidoti, ni we yar’ umucamanza w’Abisirayeli.
5
Yakunda kwicara musi y’ikigazi citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama na Beteli mu mugamba w’Abefurayimu; kand’ Abisirayeli bāma badūga baja kuri we ngw abacire imanza.
6
Bukeye atuma i Kedeshi‐nafutali guhamagara Baraki mwene Abinowamu; aramubgira, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli arakugeze, ngo Genda ukoranirize i Tabora ingabo ibihumbi cumi bo mu ba Nafutali no mu ba Zebuloni;
7
ngo Na we azokwegakwega Sisera, umugabisha w’ingabo za Yabina, agusange ku mugezi Kishoni n’imikogote yiwe n’ingabo ziwe, kandi ngw Azomugabura mu maboko yawe.
8
Baraki aramwishura, ati Ni twajana nawe nzogenda, ariko ni tutajana sinzogenda.
9
Aramwishura, ati Nuko tuzojana: yamara rer’ urwo rugendo uzogenda ntiruzotuma ushirwa hejuru, kuk’ Uhoraho agiye kuzogabura Sisera mu maboko y’umugore. Nuko Debora ava hasi, ajana na Baraki i Kedeshi.
10
Bukeye Baraki ahamagaza Abazebuloni n’Abanafutali ngo bakoranire i Kedeshi; nukw ingabo ibihumbi cumi ziradūga zimukōndōreye inyuma, na Debora na we barajana.
11
Heberi w’Umunyakeni yari yaritandukanije n’Abanyakeni bandi, ari bo buzukuruza ba Hobabu muramu wa Mose, yar’ ashinze ihema ryiwe musi y’igiti c’umweloni i Sananimu, hafi y’i Kedeshi.
12
Maze babarira Sisera yuko Baraki mwene Abinowamu adūze ashitse ku musozi Tabora.
13
Nuko Sisera akoranya imikogote yiwe yose y’ivyuma ukw ar’ amajana cenda, n’ingabo zose yar’ afise, uhereye i Harosheti‐ha‐goyimu ugashitsa ku mugezi Kishoni.
14
Maze Debora abgira Baraki, ati Haguruka, kuk’ uyu musi ari wo Uhoraho agabuye Sisera mu maboko yawe. Rāba Uhoraho ni we akugiye imbere. Nuko Baraki amanukana n’ingabo ziwe ukw ar’ ibihumbi cumi, bava ku musozi Tabora bamukōndōreye inyuma.
15
Maz’ Uhoraho ashwiragiriza imbere ya Baraki imikogote yose ya Sisera n’ingabo ziwe zose, abatsindisha inkota; Sisera arataruka ava mu mukogote wiwe, ahunga yiruka ku maguru.
16
Ariko Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote n’izo ngabo, barinda bashika i Harosheti‐ha‐goyimu; ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira.
17
Ariko Sisera, uko yagahunze yiruka ku maguru, ashika kw ihema rya Yayeli muka Heberi w’Umunyakeni, kuko Yabina umwami w’i Hasori n’ab’ inzu ya Heberi Umunyakeni bari bafitaniye ubumwe.
18
Maze Yayeli arasohoka, asanganira Sisera, aramubarira, ati Kebereza hano mugenzi, winjire i wanje, ntutinye. Nukw arakevya, yinjirana na we mw ihema, amurenzak’ uburengeti.
19
Sisera aramubarira, at’ Enda se n’umpe utuzi two kunywa, kukw inyota inyishe. Yayeli apfundura icansi c’amata, aramuha aranywa; maz’ aramupfuka.
20
Sisera aramubarira, ati Genda wihagararire mu muryango w’ihema, maze ni hagira umuntu aza, akakubaza, ati Har’ umuntu aje ngaho? umwishure, uti Na mba.
21
Maze Yayeli muka Heberi yābīra urumambo rw’ihema n’inyundo, aza yōmbōka, amunega urumambo mu mvuridahita, rushinga hasi, kuko yari mw itiro ryinshi, arushe cane; nukw arapfa.
22
Maze haza Baraki akurikiranye Sisera; Yayeli arasohoka, aramusanganira, aramubarira, ati Ngwino nkwereke uwo urondera. Barinjirana, asanga Sisera arambaraye, yapfuye, urumambo rukineze mu mvuridahita.
23
Uko ni kw Imana yamaze igabo Yabina umwami w’i Kanani kur’ uwo musi, imbere y’Abisirayeli.
24
Nukw Abisirayeli bagenda barushiriza kugira ubushobozi bgo kumunesha, gushitsa bamuherengeteje.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21