bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 11
Judges 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 12 →
1
Maze hāri Yefuta w’Umugileyadi, kandi yar’ umuhizi w’inkomezi; yari yavutse kuri maraya, yamuvyaweko na Gileyadi.
2
Ariko muka Gileyadi bari baravyaranye abandi bahungu; abo bamaze gukura, bāri bārirukanye Yefuta, bati Nta co uteze mu vya data, kuko wavutse ku mugore w’ icangazi.
3
Maze Yefuta aca ahunga bene se, aragenda aba mu gihugu c’i Tobu; abantu b’ imburakimazi bakoranira kuri we, bakagenda bambura abantu.
4
Igihe kiragera, Abamoni ni kwo gutera Abisirayeli.
5
Maze babateye, abakuru b’i Gileyadi baragenda ngo bakūre Yefuta mu gihugu c’i Tobu;
6
baramubarira, bati N’uze ube umugabisha wacu, tubone kurwanya Abamoni.
7
Yefuta yishura abakuru b’i Gileyadi, ati Mbega si mwebge mwanyanse, mukanyirukana mu rugo rwa data? None muhenga mugowe mukaza iyo ndi?
8
Maz’ abakuru b’i Gileyadi baramwishura, bati Noneh’ igitumye tuza iy’ uri n’ukugira ng’ ujane natwe, urwanye Abamoni; uzoheza ube umukuru wacu, uganze ababa i Gileyadi bose.
9
Yefuta arababaza, ati None ni mwansubiza i wacu kurwana n’Abamoni, Uhoraho akampa kubatsinda, nzoheza mbe umukuru wanyu koko?
10
Abo bakuru b’i Gileyadi baramwishura, bat’ Uhoraho abaye icabona hagati yacu, yuko tuzoshitsa ivyo uvuze.
11
Nuko Yefuta ajana n’abo bakuru b’i Gileyadi, abantu bamugira umugabisha wabo n’umukuru wo kubaganza; Yefuta asubira muri ya majambo yiwe yose imbere y’Uhoraho i Misipa.
12
Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami w’Abamoni, muti Ngo Mupfa iki, gitumye umukūriye hasi, ukaza gutera igihugu ciwe?
13
Umwami w’Abamoni yishura intumwa za Yefuta, uti N’ukw Abisirayeli, bamaze kuva muri Egiputa, banyaze igihugu ciwe uhereye ku ruzi Arunoni ugashitsa kuri Yaboki no kuri Yorodani. Uti None rero, n’umusubize ivyo bihugu ku neza.
14
Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami w’Abamoni,
15
ziramubgira, ziti Yefuta ngw Abisirayeli si bo bānyaze igihugu c’i Mowabu cank’ igihugu c’Abamoni,
16
ut’ Arikw Abisirayeli, igihe bādūga bava muri Egiputa, bāciye mu bugaragwa bashika ku Kiyaga Gitukura; hanyuma bashika i Kadeshi.
17
Ut’ Abisirayeli baraheza batuma intumwa ku mwami wa Edomu kumwinginga ngw abareke bahite mu gihugu ciwe, arik’ umwami wa Edomu ntiyabakundira. Uti Batuma no ku mwami w’i Mowabu nk’uko nyene, na we nyene aranka. Uti Nukw Abisirayeli baguma i Kadeshi.
18
Uti Hanyuma baca mu bugaragwa, bagendana urubibe rw’igihugu ca Edomu n’ic’ i Mowabu, bashika ku ruhande rw’i burasirazuba rw’igihugu c’i Mowabu, basagaza hakurya ya Arunoni; ut’ Ariko ntibārenze urubibe rw’i Mowabu, uti Kuko Arunoni ari rwo rwar’ urubibe rwaho.
19
Uti Maz’ Abisirayeli batuma intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, uti Kumwinginga ngw abareke bahite mu gihugu ciwe, baje mu cabo.
20
Ut’ Ariko Sihoni ntiyabashirwako ngw abareke bahite mu gihugu ciwe; ut’ Arikw akoranya ingabo ziwe zose, abategera i Yahasi, arabarwanya.
21
Uti Maz’ Uhoraho Imana y’ Abisirayeli agabura Sihoni n’ ingabo ziwe zose mu maboko y’Abisirayeli, barabatsinda. Uti Nukw Abisirayeli bashikīra igihugu cose c’Abamori bāba mur’ ico gihugu.
22
Bashikīra igihugu cose c’Abamori, uhereye kuri Arunoni ugashitsa kuri Yaboki, uhereye no mu bugaragwa ugashitsa kuri Yorodani.
23
Uti Non’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli, ko yasohoye Abamori ngo babise abantu biwe b’Abisirayeli, uti None ni wewe wohabāka?
24
Uti Non’ igihugu imana yawe Kemoshi yoguha, ntiwocegukira? Uti Na bo n’uko, igihugu Uhoraho Imana yabo yasohoyemwo bene co bose ngo bababise, bāracegukiye.
25
Uti Mbeg’ uraruta Balaki mwene Sipori umwami w’i Mowabu? Uti Har’ aho yigeze aja impaka n’Abisirayeli? Uti Har’ aho yarwanye na bo?
26
Ut’ Abisirayeli ko bamaze imyaka amajana atatu baba i Heshiboni no mu dusagara tuhakūkira, n’i Aroweri no mu dusagara tuhakūkira, no mu bisagara vyose vyo kuri Arunoni; uti None n’iki cababujije kubisubirana mur’ ico gihe cose?
27
Uti We nta co agukoreye, ni wewe umugiriye nabi k’uje kumutera. Ut’ Uhoraho Umucamanza uyu musi ni yerekane Abisirayeli n’Abamoni abatsinze ab’ ari bo.
28
Arik’ umwami w’Abamoni ntiyaruha yumva amajambo Yefuta yamutumyeko.
29
Maze Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, na we anyuranganya i Gileyadi no mu bg’aba Manase, aca i Misipe h’i Gileyadi, avay’ aragenda ngw aje mu Bamoni.
30
Maze Yefuta asezeranira Uhoraho isezerano, ati Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje,
31
ngatabaruka amahoro mvuye kurwana na bo, ūzobanza gusohoka mu nzu yanje kunsanganira, azoba uwawe, Uhoraho, nanje nzomutanga kw ikimazi c’ukwoswa.
32
Nuko Yefuta ajabuka mu Bamoni, arabatera; Uhoraho abagabura mu maboko yiwe.
33
Arabatikiza uhereye i Aroweri ugashitsa i Miniti, atsinda ibisagara mirongwibiri, arinda ashitsa i Abeli‐keramimu; kaba agatikizo gakomeye. Uko ni kw Abamoni bāmazwe igabo n’Abisirayeli.
34
Maze Yefuta aratabaruka, aja i Misipa; ashitse i we, umwana wiwe w’umwigeme asohoka kumusanganira afise udushāko tw’ ingoma, arikw aratamba, atārīka. Kand’ uwo mwana wiwe yar’ ikinege: nta muhungu nta mwigeme wundi yar’ afise, atar’ uyo gusa.
35
Amubonye, yitantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza.
36
Aramwishura, ati Data, ko vyakwīvīriye mu kanwa ukabibarira Uhoraho, n’ungenze nk’uko wavuze; kazima Uhoraho yaguhaye kwīhōra abansi bawe b’Abamoni.
37
Kand’ abarira se, ati Mugabo har’ ico ngusaba: ube urandetse amezi abiri, ngende ku misozi, twe na bagenzi banje, ndirire ubukumi bganje.
38
Se aramwishura, ati Genda. Aramusezera ngw aje kumara amezi abiri. Ajana na bagenzi be, aririra ubukumi bgiwe mu misozi.
39
Maz’ amezi abiri ashize, agaruka kwa se, na we amugenza nk’ukw isezerano yasezeranye riri; kandi ntiyari yarīgeze kumenya icitwa umugabo. Bica biba umugenzo mu Bisirayeli, uk’ umwaka utashe:
40
abigeme b’Abisirayeli bama bagenda kwibuka uwo mukobga wa Yefuta w’Umugileyadi, bamuririra imisi ine mu mwaka mu mwaka.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21