bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 14
Judges 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 15 →
1
Samusoni aramanuka aja i Timuna; abonay’ umwigeme wo mu Bafilisitiyakazi.
2
Maz’ aradūga, abarira se na nyina, ati Nabonye umwigeme i Timuna w’Umufilisitiyakazi: none ni mumunsabire.
3
Se na nyina baramwishura, bati Mbega nta mwigeme n’umwe ari mu b’i wanyu canke mu b’iki gihugu, igitumye uja gusaba umugeni mu Bafilisitiya batākebge? Ariko Samusoni yishura se, ati Nsabira uyo, kukw ari we nagomwe.
4
Ariko se na nyina ntibāri bāzi ko bivuye k’Uhoraho; kuko yarondera inyanduruko ku Bafilisitiya. Kand’ ico gihe Abafilisitiya ni bo bāganza Abisirayeli.
5
Hanyuma Samusoni amanukana na se na nyina, baja i Timuna; ashitse mu mizabibu yaho, ahūra n’umugunza w’intambge, iramutontomera.
6
Maze Mpwemu w’ Uhoraho amuzako akābushungwe, arayitabagura nk’uwotabagura umwagazi w’impene, kandi yar’ imbokoboko. Ariko ntiyabgira se canke nyina ico akoze.
7
Araheza aramanuka, ayāga n’uwo mwigeme, yumva amuhimbaye.
8
Bukeye asubiyeyo kurongora, akebereza ha handi kurāba wa muvyimba w’intambge; asanga ikirangara, inzuki zakiremeyemwo ziri n’ubūki.
9
Arabuhakura, abushira mu minwe, agenda araburya; ashikiriye se na nyina, abubahako, na bo baraburya; ariko ntiyababgira kw abukūye mu kirangara c’intambge.
10
Se amanutse i wabo w’uwo mwigeme, Samusoni arondeza amazimano y’ubukwe, kukw abasore ari wo war’ umugenzo wabo.
11
Bamubonye, bamuzanira abagenzi mirongwitatu ngo babe baragumanye na we.
12
Maze Samusoni arababgira, ati Hinge mbasōkōze igisōkōranyo; ni mwashobora kugipfīndūra, mukakinsobanurira, iyi misi ndwi yo kuba mu nkinga itarashira, nzoheza mbahe imikenyero yera mirongwitatu n’ impuzu zo gukūranya mirongwitatu nyene;
13
ariko ni cabananira, ni mwebge muzompa imikenyero yera mirongwitatu n’impuzu zo gukūranya mirongwitatu nyene. Baramwishura, bati Dusōkōze, twumve igisōkōranyo cawe.
14
Arababgira, ati Mu muryi hāvuyemw’ ivyo kurya, Mu munyenkomezi hāvuyemw’ ibisōsa. Bamara imisi itatu bananiwe kugisobanura.
15
Maze ku musi ugira kane babarira muka Samusoni, bati Genda uhendahende umugabo wawe, udusobanurize ico gisōkōranyo, ntiduhave tuza tukaguturirana n’urugo rwa so. Mbega mwaduhamagariye kunyaga utwacu?
16
Nuko muka Samusoni amuririra imbere, aramubarira, at’ Ereg’ uranyanka gusa, ntunkunda; ko wasōkōje ab’i wacu igisōkōranyo, ntukimbarire. Aramwishura, at’ Erega na data na mama sinakibabariye, none nokibarira wewe?
17
Arangiza iyo misi ndwi bari mu nkinga amuririra imbere; maze ku musi ugira indwi arakimubarira, kuko yamujigirije: na we aca abarira ab’i wabo ico gisōkōranyo.
18
Maze kur’ uwo musi ugira indwi nyene, izuba ritararenga, abo mu gisagara baramubarira, bati N’iki corusha ubūki gusōsa? canke n’iki corusha intambge inkomezi? Na we arabishura, at’ Iyaba mutarimishije inka yanje, Ntimuba mupfīndūye igisōkōranyo canje!
19
Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.
20
Ariko muka Samusoni bamuha umwe wo muri ba bandi bagenzi ba Samusoni, uwo yari yātoye kuba mukuru.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21