bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 17
Judges 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 18 →
1
Kandi hār’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Mika.
2
Abarira nyina, ati Za shekeli z’ifeza igihumbi n’ijana wari wibge, nkumva uvumana, ni jewe nazitwaye, ndazifise. Nyina aravuga, at’ Uragahezagirwa n’ Uhoraho, mwana wanje!
3
Nukw asubiza nyina izo shekeli z’ ifeza igihumbi n’ijana; nyina aravuga, at’ Izi feza ndazēguriye Uhoraho ngo zibe izera, kugira ng’ uzironderemw’ igishushanyo kibājwe n’igishushanyo kivugutiye mu nkero, mwana wanje: none rero ndaziguhaye.
4
Nukw amaze gusubiza nyina izo feza, nyina ahitanamw’ amajana abiri, aziha umucuzi, azikūramw’ igishushanyo kibājwe n’igishushanyo kivugutiye mu nkero; babishira mu nzu ya Mika.
5
Uwo mugabo Mika yar’ afise akanyabugoro k’ibigirwamana; arondeza umwambaro witwa efodi na terafimu, yirobanurira umwe mu bahungu biwe ngw amubere umuherezi.
6
Mur’ iyo misi Abisirayeli nta mwami bāribgagire: umuntu wese yakora ico yigombeye.
7
Kandi hārih’ umusore w’i Betelehemu h’i Buyuda wo mu muryango wa Yuda w’Umulewi, yari yaje ngaho.
8
Yari yaravuye mur’ ico gisagara c’i Betelehemu h’i Buyuda, aja kurondera ah’ aba; akirikw arāngāra mu mugamba w’Abefurayimu aserukira ku rugo rwa Mika.
9
Mika aramubaza, at’ Uva hehe? Aramwishura, ati Nd’ Umulewi w’i Betelehemu h’i Buyuda: ngenda ndondera aho mba.
10
Mika aramwishura, at’ Igumire ngaha i wanje, umbere umuvyeyi umbere n’umuherezi, nanje nzoguhemba shekeli cumi mu mwaka, n’impuzu n’ivyo kurya. Nuk’ uwo Mulewi aca arinjira,
11
yemera kubana na we; uwo musore amuhindukira nk’ umwe mu bana biwe.
12
Nuko Mika arobanura uwo Mulewi, ahinduka umuherezi wiwe, yībēra mu rugo rwiwe.
13
Maze Mika aravuga, ati Noneho mmenye yuk’ Uhoraho azongirira neza, kuko mfise Umulewi k’umuherezi.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21