bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 6
Judges 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 7 →
1
Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; maz’ Uhoraho abagabura mu maboko y’Abamidiyani kumara imyaka ndwi.
2
Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.
3
Kand’ Abisirayeli iyo bahejeje kurangiriza imbuto hanze, Abamidiyani bādūgana n’Abamaleki n’ abantu b’i burasirazuba, bakabatera,
4
bagasagazayo, bagasiribanga imirima yo mur’ ico gihugu kurinda ushitsa i Gaza, ntibāsigarana Abisirayeli ico kubatunga, ar’ agatungwa cank’ agaka cank’ akadogoba.
5
Bādūgana amasho yabo n’amahema yabo, bameze nk’ isinzi ry’inzige; bo ubgabo bo n’ ingamiya zabo ntivyaharūrika; batera ico gihugu kugira ngo bagihindure iyondoyondo.
6
Nukw Abisirayeli baja mu karindiro kubg’ Abamidiyani, maze batakambira Uhoraho.
7
Ico gihe Abisirayeli batakambiye Uhoraho kubg’ Abamidiyani,
8
Uhoraho abatumak’ ūvugishwa na we, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Yabadūganye abakūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja;
9
abakūra mu maboko y’Abanyegiputa no mu maboko y’abābahahaza bose; ngw Abirukana imbere yanyu, abaha igihugu cabo;
10
ngw Arababgira, ati Nd’ Uhoraho Imana yanyu, ntimuze mwubahe imana z’Abamori, ben’ iki gihugu murimwo; ngw Ariko mwanka kumwumvira.
11
Bukeye umumarayika w’ Uhoraho araza, yicara musi y’ igiti c’umweloni cari muri Ofura; car’ ica Yowasi Umwabiyezeri, kand’ umuhungu wiwe Gideyoni yarikw arakubitira ingano mu bgato baganiramwo vino, bgimbge mu kuzimu, kugira ngw azinyegeze Abamidiyani.
12
Nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aramwiyereka, aramubarira, at’ Uhoraho ari kumwe nawe, ewe wa muhizi w’ inkomezi!
13
Gideyoni aramwishura, ati Mugenzi, namb’ Uhoraho ari kumwe natwe, n’iki gituma ivyo vyose bitubako? Kandi vya bitangaza vyiwe vyose ba sogokuruza bātubarira biri hehe, bat’ Uhoraho ni we yadukūye muri Egiputa? Ariko noneho, Uhoraho yaradutaye, yatugabuye mu maboko y’Abamidiyani.
14
Uhoraho aramwitegereza, aramubarira, ati Genda ukw izo nkomezi zawe zingana, ukize Abisirayeli ubakūre mu maboko y’Abamidiyani: ni jewe ubganje ngutumye.
15
Aramwishura, ati Mbeg’ Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu kw ar’ iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data!
16
Uhoraho aramubarira, at’ Erega jewe nzoba ndi kumwe nawe, kand’ uzoririka Abamidiyani nk’ uwishe umuntu umwe.
17
Aramubgira, ati Ni naba ngiriwe akagongwe imbere yawe, n’unyereke ikimenyetso kinyemeza kw ari wewe ubgawe uvuganye nanje.
18
Nuko ndakwinginze ntuve hano, kugeza ngarutse ah’ uri, nkuzaniye ishikanwa nkaritereka imbere yawe. Na we aramwishura, ati Nuko ndakurorēra gushitsa ugarutse.
19
Nuko Gideyoni yinjira i we, abāga isuguru y’impene, acumba udutsima tutambiwe mw ifu iri ku ngero yitwa efa; inyama azishira mu nkōko, umufa wazo awusuka mu rwavya, abimusanza musi ya ca giti c’umweloni, arabimushikanira.
20
Maz’ uwo mumarayika w’ Imana aramubarira, at’ Abīra izo nyama n’iyo mitsima, ubishire kur’ ico kibuye, ubisukeko n’uyo mufa. Nukw abigira kuno.
21
Maz’ umumarayika w’Uhoraho atuma inkoni yari yitwaje, ayikoza kur’ izo nyama na ya mitsima itambiwe, umuriro uca waduka mur’ iryo buye, urabitōngōra; nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aca akamangana: ni yo maso.
22
Maze Gideyoni aca amenya ko yar’ umumarayika w’Uhoraho; aravuga, at’ Ewe Mwami Uhoraho, ndahūmiwe, kuko mbonye umumarayika wawe imbonankubone, Uhoraho!
23
Maz’ Uhoraho aramubarira, ati Mpore, nta co utinya, ntupfa.
24
Nuko Gideyoni araheza ahubakira Uhoraho igicaniro, acita Yehova‐shalomu; kiracari ku musozi Ofura w’Ababiyezeri na bugingo n’ubu.
25
Mw ijoro ry’uwo musi, Uhoraho aramubarira, ati Hitana impfizi ya so, imwe ya kabiri imaze imyaka ndwi, usangangure igicaniro ca Bayali kiri kwa so, utemagure inkingi y’ikigirwamana Ashera ishinzwe i ruhande yaco,
26
uheze unyubakire igicaniro kur’ iki gitandara, jewe Uhoraho Imana yawe, mu buryo bushinzwe, ujane ya mpfizi ya kabiri uyitange kw ikimazi co kwoswa, ucanirize inkwi za ya nkingi ya Ashera uzoba watemaguye.
27
Nuko Gideyoni ajana abantu cumi bo mu bantu biwe, abigenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; ariko yabikoze mw ijoro, ntiyatinyutse kubikora ku murango kubgo gutinya abo mu muryango wabo, n’ababa mur’ ico gisagara.
28
Bukeye abantu bo mu gisagara bavyutse, basanga ca gicaniro ca Bayali gisanganguwe, na ya nkingi ya Ashera yar’ ishinzwe i ruhande yaco yatemaguwe, na ya mpfizi ya kabiri yatangiwe ku gicaniro cubatswe.
29
Barabazanya, bati Ni nde yakoze ibi? Bamaze kubibariritsa no kubihwēbūtsa, basanga ari Gideyoni mwene Yowasi yabikoze.
30
Maz’ abantu bo mur’ ico gisagara babarira Yowasi, bati Sohokana umuhungu wawe, apfe, kuko yasanganguye igicaniro ca Bayali, agatemagura inkingi ya Ashera yar’ i ruhande yaco.
31
Yowasi yishura abamuhagurukiye bose, ati Mbega mugomba kurwanira Bayali? canke mugomba kuyitabara? At’ Ūgomba kuyirwanira ni bamwice hakiri kare! Asangw’ ar’ imana, ni yīrwanire, kuko basanganguye igicaniro cayo!
32
Nuko kur’ uwo musi aca yita Gideyoni Yerubayali; ati Bayali ni yirwanirire, kuko yasanganguye igicaniro cayo.
33
Maz’ Abamidiyani bose n’ Abamaleki n’ab’i burasirazuba bakoranira hamwe, bajabuka Yorodani, basagaza mu kiyaya c’i Yezireli.
34
Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Gideyoni; aca avuza inzamba, maz’ Ababiyezeri bakoranira kuri we.
35
Atuma intabaza mu gihugu cose c’Abamanase, na bo baraza bakoranira kuri we; atuma n’izindi mu Basheri no mu Bazebuloni no mu Banafutali, baradūga ngo baje guhūra na bo.
36
Maze Gideyoni abarira Imana, ati Namb’ uzokiza Abisirayeli, ubakirishije jewe nk’uko wavuze,
37
ehe ngiye gushira ubgoya bg’ intama ku mbuga; ni nasanga ikime gitonze ku bgoya bgonyene, hasi hose hūmye, nuko nzoca mmenya kw ari jewe uzokirisha Abisirayeli nk’uko wavuze.
38
Nuko biba birtyo: bukeye azinduka kare, bga bgoya arabukāmūra, abukānyamw’ ikime, amazi yaco yuzura urwavya.
39
Gideyoni yongera kubarira Imana, at’ Uburake bgawe ntibunziriringire: ntunga mvuge iri rimwe gusa: ndasavye nsubire ngeragereshe rimwe ubu bgoya; ubu ho ikime kize gitonde hasi hose, arik’ ubgoya abe ari bgo busigara bgūmye gusa.
40
Nukw Imana ibigenza irtyo no mur’ iryo joro: ubgoya bgonyene busigara bgūmye, ikime gitonda hasi hose.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21