bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 13
Judges 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 14 →
1
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; Uhoraho abatanga mu maboko y’Abafilisitiya kumara imyaka mirongwine.
2
Kandi hār’ umuntu w’i Sora wo mu muryango w’Abadani, yitwa Manowa. Umugore wiwe yar’ ingumba itigeze kuvyara.
3
Umumarayika w’Uhoraho yiyereka uwo mugore, aramubarira, ati Rāba ur’ ingumba, ntiwigeze kuvyara; arik’ uzosama inda, uvyare umwana w’umuhungu.
4
None rero, uz’ uzire akaziri ntunywe vino cank’ ikiboreza na kimwe, kandi ntuz’ urye ikintu na kimwe gihumanya;
5
kukw ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’ uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.
6
Uwo mugore aragenda, abibarira umugabo wiwe, at’ Umuntu w’Imana yaje aho ndi; kandi mu maso hiwe hāsa n’ah’ umumarayika w’Imana, kandi hateye ubgoba cane. Ariko sinamubajije iy’ avuye, na we ntiyambgiye izina ryiwe.
7
Ariko yambariye ngo nzosama inda, mvyare umuhungu; kandi ngo none nze nzire akaziri sinze nnywe vino cank’ ikiboreza na kimwe canke ngo ndye ikintu na kimwe gihumanya, ngo kuk’ uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda ngo gushitsa ku musi azopfirako.
8
Maze Manowa yinginga Uhoraho, ati Bgirukiro, ndakwinginze, wa muntu wawe wadutumako ni yongere agaruke kuri twebge, atubarire uko tuzogenza uwo mwana azovuka.
9
Nukw Imana yemerera Manowa; maz’ uwo mumarayika w’Imana asubira kugaruka aho wa mugore ari, amusanga aho yari yicaye mu murima; ariko Manowa umugabo wiwe ntiyari kumwe na we.
10
Nuk’ uwo mugore aca aranyaruka, arirukanga, abibgira umugabo wiwe, ati Wa muntu yaza bga bundi yongeye kunyiyereka.
11
Maze Manowa ava hasi, akurikira umugore wiwe; ashikiriye uwo muntu aramubaza, ati Mbega ni wewe wavuganye n’uyu mugore? Na we ati Ni jewe.
12
Manowa aramubaza, at’ Ivyo wavuze ni vyashika, uwo mwana tuzomurera dute? Azokora iki?
13
Uwo mumarayika w’Uhoraho yishura Manowa, at’ Ivyo nabariye uyu mugore vyose, az’ avyirinde:
14
ntaz’ arye ku kintu na kimwe kivuye ku muzabibu, ntaz’ anywe vino cank’ ikiboreza na kimwe, canke ngw arye ikintu na kimwe gihumanya; ivyo namubariye vyose az’ avyitondere.
15
Maze Manowa abarira uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Ndakwinginze, banza uhagarare, tukubāgire agasuguru.
16
Uwo mumarayika w’Uhoraho aramwishura, ati Nah’ umpagaritse nta co ndiburye ku vyo kurya vyawe; ariko namb’ ugomba kubāga ikimazi co kwosa, ugishikanire Uhoraho. Ariko Manowa ntiyaribgamenye kw ar’ umumarayika w’Uhoraho.
17
Maze Manowa abaza uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Witwa nde, kugira ngw ivyo wavuze ni vyashika tuze tugushemagize?
18
Uwo mumarayika w’Uhoraho aramwishura, at’ Umbariza iki izina ryanje, kw ar’ izina ritangaje?
19
Nuko Manowa yābīra iyo suguru y’impene n’ishikanwa ry’ifu, abishikanirira Uhoraho hejuru ku gitandara; haca haba igitangaza, Manowa n’umugore wiwe babirorēra:
20
umuriro wo ku gicaniro ukiriko urarabagiza uja hejuru, wa mumarayika w’Uhoraho adūga mur’ uwo muriro wo ku gicaniro, Manowa n’umugore wiwe babirorēra; baca barapfukama, barūnama.
21
Kuva ubgo, uwo mumarayika w’Uhoraho ntiyongeye kwiyereka Manowa cank’ umugore wiwe ukundi. Nuko Manowa amenya kw ar’ umumarayika w’Uhoraho.
22
Maze Manowa abarira umugore wiwe, ati Nta kabuza turapfuye, kuko tubonye Imana!
23
Arik’ umugore wiwe aramwishura, at’ Iyaba Uhoraho yagomba kutwica, ntaba yātwākīriye ikimazi cacu coshejwe bo n’ishikanwa ryacu ry’ifu, kandi ntaba yātweretse ivyo vyose, canke ngw atubarire amajambo ameze nk’ayo.
24
Hanyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu, amwita Samusoni; uwo mwana arakura, Uhoraho amuha umugisha.
25
Maze Mpwemu w’Uhoraho atangura kumucānīra ar’ i Mahane‐dani, hagati y’i Sora n’i Eshitayoli.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21