bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 2
Judges 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 3 →
1
Umumarayika w’Uhoraho ava i Gilugali aradūga, aja i Bokimu. Arababarira, ati Nabadūganye mbakūye muri Egiputa, mbashikana mu gihugu nasezeraniye ba sogokuruza, nkavuga, nti Nta ho nzova mw isezerano nabasezeraniye;
2
nti Namwe ntimuze musezerane na ben’ iki gihugu, ariko muze musangangure ibicaniro vyabo. Yamara ntimwanyumviye. N’iki catumye mukora murtyo?
3
None nanje hinge ndababarire: Abo sinzobirukana ngo bababise, ariko bazobabera ibibahanda mu mbavu, n’imana zabo zizobabera umutego.
4
Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.
5
Aho hantu baca bahita i Bokimu; bahatangira ibimazi, babishikanira Uhoraho.
6
Kandi Yosuwa igihe yar’ amaze gusēzera abantu, umuntu wese aja mw ishamvu yiwe, ngo begukire ico gihugu.
7
Yosuwa akiriho, abantu bāgumye k’Uhoraho, no mu gihe cose c’abakuru bāsigaye Yosuwa amaze gupfa, abāri bārabonye ibikorwa vyose bihambaye Uhoraho yakoreye Abisirayeli.
8
Yosuwa mwene Nuni umusavyi w’Uhoraho ahwera amaze imyaka ijana n’icumi.
9
Bāmuhamvye mw ishamvu yiwe bgite i Timunati‐sera mu mugamba w’Abefurayimu, ku ruhande rw’i burārūko rw’ umusozi Gashi.
10
Hanyuma ab’ urwo runganwe bose na bo barapfa, bahamvya ababo; bakurikirwa n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli.
11
Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali;
12
bava k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakūye mu gihugu ca Egiputa, bakurikira izindi mana zo mu mana z’abanyamahanga babakikije, bakazūnamira, bakaratsa Uhoraho.
13
Uko ni ko bātaye Uhoraho, bagasaba Bayali na Ashitaroti.
14
Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.
15
Aho bāja gutera hose, Uhoraho yarabarwanya, nk’uko yari yaravuze akabarahira; bituma baja mu vyago bikomeye.
16
Maz’ Uhoraho akabahagurukiriza abacamanza, bakabakiza bakabakūra mu maboko y’abābanyaga.
17
Ariko bakanka kwumvira abo bacamanza babo, bakagenda bahurumbira izindi mana nk’ibimaka, bakazūnamira, bagata vuba inzira ba sekuruza bāhora bagenderamwo, ntibumvira ivyagezwe vy’ Uhoraho nk’ukw abo bāvyumvira.
18
Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.
19
Ariko hanyuma, uwo mucamanza amaze gupfa, bagasubira inyuma, bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza, bagakurikira izindi mana bakazisaba, bakazūnamira; mu ngeso zabo mbi bakanka kugira n’imwe bata, canke ngo bareke no gukomantaza imitima.
20
Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akavuga, at’ Iri hanga ko ryishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza, ntibanyumvire,
21
nanje guhēra ubu sinzokwongera kwirukana ihanga na rimwe ngo ribabise, mu yo Yosuwa yasizeho igihe yapfa,
22
kugira ngw Abisirayeli ndabageragereshe ayo mahanga, ndābe ko boruha bakagumya inzira yanje, bakayigenderamwo, nk’uko ba sekuruza bāyigenderamwo, canke ko bazokwanka.
23
Ni co catumye Uhoraho areka ayo mahanga, ntayirukane n’ingoga na n’ingoga; kandi ntiyayagomoreye Yosuwa.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21