bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 8
Judges 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 9 →
1
Maz’ Abefurayimu babaza Gideyoni, bati Watubonyekw iki, cātumye utadutabaza ukija kurwana n’Abamidiyani? Baramutonganya cane.
2
Arabishura, ati Har’ ico nakoze gihwanye n’ ico mwakoze? Mbeg’ imizabibu Abefurayimu mwahumvye ntirengeye iy’ Ababiyezeri bimbuye?
3
Erega ni mwebge Imana yahaye abo baganwa b’Abamidiyani, Orebu na Zebu, ibagabura mu maboko yanyu: none har’ ico nashoboye gukora gihwanye n’ico mwakoze? Avuze ivyo, uburake bari bamufitiye burahwama.
4
Nuko Gideyoni ashika kuri Yorodani, ajabukana na za ngabo ziri kumwe na we amajana atatu, zicōmye inyuma y’abansi, zinaniwe.
5
Ashitse i Sukoti abarira abaho, ati Ntabara mumpēmbūrire aba bantu tugendanye, kuko bananiwe, kandi turacakurikiranye abami b’Abamidiyani, Zeba na Salumuna.
6
Abatware b’i Sukoti baramwishura, bat’ Aho Zeba na Salumuna murabafise, bari mu maboko yanyu, ngo duhēmbūre ingabo zawe?
7
Gideyoni arabishura, ati Nuko rero, Uhoraho ni yamara kugabura Zeba na Salumuna mu maboko yanje, nzoza mbashishaguze amahwa yo mw ishamba n’imibambangwe!
8
Avayo, aja i Peniyeli, n’abaho ababgira nk’uko, na bo bamwishura nk’ukw ab’i Sukoti bamwishuye.
9
Nukw abgira ab’i Peniyeli, ati Ni nagaruka amahoro nzohomvagura uyu munara.
10
Kandi Zeba na Salumuna bar’ i Karikori, hamwe n’ingabo zabo zishika nko ku bihumbi cumi na bitanu, ari zo zari zisigaye gusa mu ngabo zose z’ab’i burasirazuba, kuko mu rugamba hāri hāgūye ingabo ibihumbi ijana na mirongwibiri zizi kurwanisha inkota.
11
Maze Gideyoni adūgana inzira ica mu bībēra mu mahema hirya y’i Noba n’i Yogi‐beha ku ruhande rw’i burasirazuba, asanga izo ngabo zījajaye, arazitera.
12
Zeba na Salumuna barahunga, abōma inyuma, afata mpiri abo bami b’i Midiyani ukw ari babiri, aca igikuba ingabo zabo zose.
13
Nuko Gideyoni mwene Yowasi agarukira ku mudūgo w’i Heresi, aratabāruka.
14
Ahūra n’umusore wo mu b’i Sukoti, aramufata, aramudedaguza, na we aca amwandikira amazina y’abaganwa n’abakuru b’i Sukoti, bashika ku bantu mirongwirindwi n’indwi.
15
Ashitse i Sukoti abarira abaho, ati Ni murābe Zeba na Salumuna ngaba, aho mwari mukingaya, ngo Mbega Zeba na Salumuna aho murabafise, bari mu maboko yanyu, ngo duhēmbūre ingabo zawe zishonje?
16
Nukw afata abakuru bo mur’ ico gisagara, aca amahwa yo mw ishamba n’imibambangwe, abishishaguza abo bantu b’i Sukoti.
17
Maz’ ahomvagura na wa munara w’i Peniyeli, yica abantu bo mur’ ico gisagara.
18
Maz’ abaza Zeba na Salumuna, ati Mbeg’ abantu mwiciye i Tabora bāsa bate? Baramwishura, bati Bāsa n’uko kwawe: umuntu wese yasa n’umwana w’ umwami.
19
Arababgira, ati Barya bār’ abo tuvukana, mbere bāri bene mama. Iyaba mwarabaretse, mbarahiye uguhoraho kw’Uhoraho, sinabica!
20
Maz’ abarira imfura yiwe Yeteri, ati Va hasi ubice. Arik’ uyo muhungu ntiyubahuka gusokōra inkota, kuko yar’ akiri muto.
21
Nuko Zeba na Salumuna baravuga, bati Haguruka, abe ari wewe utwiyicira: urukāmvye rumara umugabo. Gideyoni aca ava hasi, yica Zeba na Salumuna, yambura ingamiya zabo ibihete vyari mu mazosi yazo.
22
Maz’ Abisirayeli babarira Gideyoni, bati N’utuganze, wewe ubgawe, n’umwana wawe az’ atuganze, n’umwuzukuru wawe, kuko wadukijije, ukadukūra mu maboko y’Abamidiyani.
23
Gideyoni arabishura, at’ Eka sinemeye kubaganza, n’umwana wanje ntazobaganza; arik’ Uhoraho ni we azobaganza.
24
Maz’ arababarira, ati Mugabo, har’ ico mbasaba: umuntu wese n’ampe impeta zo ku matwi yanyaze. (Abo bansi bari bambaye impeta z’izahabu ku matwi, kuko bār’ Abishimayeli.)
25
Baramwishura, bati Turaziguha cane. Nuko basasa impuzu hasi, umuntu wese atererakw impeta zo ku matwi yanyaze.
26
Kandi kuriba kw’izo mpeta z’izahabu kwari shekeli igihumbi n’amajana ndwi, udashizemw’ ibihete n’utugenegene n’impuzu z’inyambarabami, ivy’ abo bami b’i Midiyani bambara, udashizemwo n’imigufu yari ku mazosi y’ingamiya zabo.
27
Maz’ izo zahabu Gideyoni azikoramw’ icitwa efodi, ayishira mu gisagara c’i wabo Ofura; maz’ Abisirayeli bose bahondoganirayo, bayihurumbira nk’ibimaka; ihindukira Gideyoni n’abiwe umutego.
28
Nukw Abamidiyani bamarwa igabo n’Abisirayeli: ntibāsubira kuvyutsa umutwe ukundi; mu gihe ca Gideyoni igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.
29
Nuko Yerubayali mwene Yowasi, ari we Gideyoni, ni kwo gutaha, yībēra i muhira;
30
kand’ abahungu yivyariye bāri mirongwirindwi, kuko yar’ afise abagore benshi.
31
Kandi yar’ afise incoreke i Shekemu, na yo ayivyarak’ umwana w’umuhungu amwita Abimeleki.
32
Nuko Gideyoni mwene Yowasi apfa yīsāziye neza, bamuhamba mu mva yahambgemwo se Yowasi, ku musozi Ofura w’Ababiyezeri.
33
Maze Gideyoni apfuye, Abisirayeli baca bahindukirira za Bayali, bazihurumbira nk’ibimaka, kandi Bayali‐beriti bayigira imana yabo.
34
Maze ntibaba bacibuka Uhoraho Imana yabo, yabakijije akabakūra mu maboko y’abansi babo bose bāri babakikije.
35
Kandi ntibagirira neza ab’ inzu ya Yerubayali, ari we Gideyoni, ngo bamwishure ineza yose yari yarabagiriye.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21