bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 5
Judges 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 6 →
1
Kur’ uwo musi Debora na Baraki mwene Abinowamu bararirimba,
2
bati Ni muhimbaze Uhoraho, Kuko habonetse imena zo kurōngōra Abisirayeli, Abantu bagaheba amagara yabo babikunze.
3
Ni mwumve, yemwe bami; mutege amatwi, namwe baganwa: Nanje ndirimbe, ndirimbire Uhoraho, Ndirimbe ishimwe ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
4
Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri, Ukīsidukira uvuye mu ntāra ya Edomu, Isi yahinze agashitsi, ijuru rirajojota, Mber’ ibicu bijojota amazi;
5
Imisozi yadegerejwe imbere y’Uhoraho, Na Sinayi n’uko, imbere y’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
6
Mu gihe ca Shamugari mwene Anati, No mu gihe ca Yayeli, inzira z’ibihamo zari zasivye, Abahita bāri basigaye bajana utuyira tw’inkereramucāmo.
7
Ntihāri hagisigaye abo kurōngōra Abisirayeli, Kugeza ubgo jewe Debora nahagurutse, Mpaguruka nd’ umuvyeyi w’ Abisirayeli.
8
Igihe bitoraniriza izindi mana, Intambara zaciye zishika ku marembo yabo. Nta nkinzo cank’ icumu vyari bikiboneka Mu Bisirayeli naho boba ibihumbi mirongwine.
9
Umutima wanje wose uri ku barōngōra Abisirayeli, Ku bāhevye amagara yabo mu bantu: Ni muhimbaze Uhoraho!
10
Yemwe abagendera ku ndogoba z’ibihororo, Yemwe abīshānyāngira ku mikeka myiza, Yemwe abari ku nzira, ni muririmbe.
11
Aho bavuga ibicuba ku ngomero z’inka, Abe ari ho batāzīrira Uhoraho kubg’ intsinzi yiwe, Kubg’ intsinzi yiwe arōngōye Abisirayeli. Aho ni ho abantu b’Uhoraho bāmanutse, bagatamaza mu marembo yabo.
12
Ikangure, ikangure, Debora! Ikangure, ikangure, ushirek’ uririmbe! Haguruka, Baraki, wijanire inyagano, ewe mwene Abinowamu!
13
Amasigarira y’abahambaye n’ ay’ abanyagihugu baramanuka, Uhoraho amanukanwa no kuntabara abahizi.
14
Abefurayimu bamanuka mu mwonga, Ari mwebge bakurikiye, yemwe Babenyamini, bīvanze mu banyu; Mu Bamakiri hamanuka abagabisha, Mu Bazebuloni hamanuka abatwaye inkoni y’ubugabe;
15
Abaganwa bo mu Bisakari bari kumwe na Debora, Mber’ Abisakari bakurikira Baraki; Bītera mu mwonga bamwōmye inyuma. Ku migezi y’Abareyubeni Hābaye kwibūranya gukomeye,
16
Ngo N’iki catumye wicara hagati y’impongore z’intama, Ngo wumvirize imyironge y’ abungere? Ku migezi y’Abareyubeni Ni ho hābaye kwibūranya gukomeye.
17
N’Abagileyadi bīgumiye hakurya ya Yorodani; Mbeg’ Abadani n’iki catumye biyicarira mu māto? Abasheri na bo biyicariye ku musenyi w’ikiyaga, Bīgumira mu bigobe vyaco.
18
Abazebuloni n’abantu bahevye amagara yabo kugeza ku gupfa, N’Abanafutali ni ko bitanze ku mpinga z’imisozi.
19
Abami baraza, bararwana; Abami b’i Kanani barwanira i Tanaki ku mazi y’i Megido, Ariko nta masahu y’ifeza bāronse.
20
Inyenyeri zo kw ijuru ziratabara, Zirwanya Sisera zijanye inzira zazo.
21
Umugezi Kishoni urabatembana, Ni wo wa mugezi wa kera witwa Kishoni. Ewe mutima wanje, iserure mu buhizi!
22
Amafarasi avuza imirindi Agendeshwa akābushūngwe n’ abahizi.
23
Ni muvume Merozi, ni k’ umumarayika w’Uhoraho agize; Muvume abahaba mubakoze! Kuko batātabaye Uhoraho, Ngo bamutabare kurwanya abahizi.
24
Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore, Muka Heberi Umunyakeni Aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema!
25
Yamusavye amazi, amuha amata, Amuzanira urubu mu gikombe c’icubahiro.
26
Atuma ukuboko, yābīra urumambo, Atuma ukw’i buryo, yābīra inyundo y’abakozi; Akubita Sisera, amumena umutwe, Aramusāvya, aramutobekeranya mu mvuridahita.
27
Ayāmīrira imbere y’ibirenge vyiwe, arakumbagara, ararambarara; Imbere y’ibirenge vyiwe ni ho yayāmīriye, arakumbagara: Aho yayāmīriye ni ho yacīkāniye.
28
Nyina wa Sisera arerekera mw idirisha, Acishiriza mu nshingo zaryo yibaza, Ati Mbeg’ umukogote wiwe k’ utevye kuza? Imirindi y’amafarasi akwega imikogote kw itarakakaza?
29
Ab’ incabgenge bo mu ncoreke ziwe baramubarira, Bahūza n’ivyo na we ubgiwe yibgira:
30
Ngo Ngira ngo n’uko bakigabangana isahu baronse: Umugabo wese aratwara umwigeme umwe canke babiri, Sisera na we aratwara isahu y’impuzu z’amabara, Impuzu zijererenze amabara, Zijererenze amabara impande zompi zo kwambara mw izosi zivuye mw isahu!
31
Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21