bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 10
Judges 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 11 →
1
Hanyuma ya Abimeleki haza Tola mwene Puwa, Puwa wa Dodo, wo mu muryango wa Isakari, arahaguruka akiza Abisirayeli. Yaba i Shamiri mu mugamba w’Abefurayimu.
2
Amara imyaka mirongwibiri n’itatu ar’ umucamanza mu Bisirayeli; apfuye, bamuhamba i Shamiri nyene.
3
Hanyuma yiwe hahaguruka Yayiri w’Umugileyadi; amara imyaka mirongwibiri n’ibiri ar’ umucamanza mu Bisirayeli.
4
Kandi yar’ afise abahungu mirongwitatu, bagendera ku ndogoba mirongwitatu nyene, kandi bari bafise ibisagara mirongwitatu vyitwa Havoti‐yayiri, kandi ni ko bicitwa na bugingo n’ubu; biri mu gihugu c’i Gileyadi.
5
Yayiri apfuye, bamuhamba i Kamoni.
6
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.
7
Uburake bg’ Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’ Abamoni.
8
Mur’ uwo mwaka bacuranguza Abisirayeli, barabahahaza; bamara imyaka cumi n’umunani bagirira nabi Abisirayeli bose bo hakurya ya Yorodani mu gihugu c’Abamori i Gileyadi.
9
Hanyuma Abamoni bajabuka Yorodani baja gutera n’Abayuda na bo n’Ababenyamini n’ab’ umuryango w’Abefurayimu, bituma Abisirayeli babura epfo na ruguru.
10
Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, bati Twagucumuyeko, kuko twakuvuyeko ari wewe Imana yacu, tugasaba za Bayali.
11
Uhoraho yishura Abisirayeli, ati Mbega si jewe nagenda mbakiza Abanyegiputa n’Abamori n’Abamoni n’Abafilisitiya?
12
Kandi hamwe Abasidoni n’Abamaleki n’Abamayoni bābahahaza, mukantakambira, nagenda mbarokora nkabakūra mu maboko yabo.
13
Yamara, ko mwamvuyeko, mukaja gusaba izindi mana, ni co gituma ntongera kubakiza.
14
Ni mugende mutakambire za mana mwitoranirije, abe ari zo zibakiza mu gihe c’amagorwa yanyu.
15
Abisirayeli bishura Uhoraho, bati Twaracumuye koko, none n’utugire uk’ ugomba: mugabo, wemere kudukiza iri rimwe gusa.
16
Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.
17
Maz’ Abamoni bakoranira hamwe, basagaza i Gileyadi, Abisirayeli na bo barakorana, basagaza i Misipa.
18
Abantu baravugana, ari bo bakuru b’i Gileyadi, bati Ni nde yotangura gusomboroza Abamoni? Uwoboneka azohabga ubukuru mu b’i Gileyadi bose.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21