bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 16
Judges 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 17 →
1
Maze Samusoni aja i Gaza, abonayo maraya, yinjira i we.
2
Babarira ab’i Gaza, bati Samusoni ashitse hano. Baramuryamira, barāra bamutegeye kw irembo ry’igisagara, bakēsha ijoro ryose banumye, bati Tubanze turorēre buce, duheze tumwice.
3
Ariko Samusoni ariryamira gushitsa mu gicugu; hageze mu gicugu aravyuka, afata inzugi z’ irembo ry’igisagara, n’ibikingi vyompi vy’irembo, abishingūra vyose hamwe n’igihindizo cavyo, abita ku bitugu, abidūgana ku mpinga y’umusozi urābana n’i Heburoni.
4
Hanyuma y’ivyo agomwa umugore yitwa Delila, yaba ku mwonga Soreki.
5
Maz’ abaganwa b’ Abafilisitiya baja iy’ uwo mugore ari, baramubarira, bati Genda umuhendahende, umenye ah’ inkomezi ziwe nyinshi ziva, n’uburyo twomushobora, kugira ngo tubone kumuboha, tumumare amanyama; nawe tuzoguha amafeza, umuntu wese igihumbi n’ ijana.
6
Nuko Delila abarira Samusoni, ati Ndakwinginze, mbarira ah’ inkomezi zawe nyinshi ziva, n’icoshobora kukuboha, ugashira amanyama.
7
Samusoni aramwishura, at’ Abombohesha imvuto ndwi zikiri mbisi zitarūma, noca mpinduka goyigoyi, nkamera nk’abandi.
8
Maz’ abo baganwa b’Abafilisitiya bazanira uwo mugore imvuto ndwi zikiri mbisi zitarūma, arazimubohesha.
9
Kand’ uwo mugore yar’ afise abantu babunze mu cumba c’imbere mu nzu; nukw aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Arikw acagagura izo mvuto, nk’uk’ ubugwēgwe bucika bgumvise umuriro. Nukw inkomezi ziwe ntizamenyekana aho ziva.
10
Maze Delila abarira Samusoni, at’ Ereg’ urampenze, umbariye ibinyoma! Enda se, ndakwinginze, mbarira icoshobora kukuboha.
11
Aramwishura, ati Bombohesha imigozi misha itigeze gukoreshwa, noca mpinduka goyigoyi, nkamera nk’abandi.
12
Nuko Delila yābīra imigozi misha, arayimubohesha, aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Kand’ abāmubundiye bāri mu cumba c’imbere mu nzu. Maze Samusoni aca acagagura iyo migozi imuboshe amaboko, nk’ūcagagura inyuzi.
13
Delila abarira Samusoni, ati Na non’ uracampenda, umbarira ibinyoma gusa! Ntabara umbarire icoshobora kukuboha. Aramwishura, at’ Ibitsibo ndwi vy’ umushatsi wanje wobijishira ku kijisha impuzu, vyoshoboka.
14
Nukw arabijisha, abigumisha urumambo, maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, ashikura urwo rumambo rw’inshingiro hamwe n’ikijishirwakw impuzu.
15
Delila aramubarira, ati Wokagize ng’ Urankunda, kand’ ufise ivyo unkinga! Eh’ umpenze aka gatatu kose, wanka kumbarira ah’ inkomezi zawe nyinshi ziva.
16
Maz’ akomeje kumuzigiriza imisi yose, amukubakuba, abona kw atakimucanan’ uwāka.
17
Nukw amumenera impuri rwose, aramubarira, ati Nta rupfuhe rwigeze kugera ku mutwe wanje, kuko nabaye Umunaziri w’Imana uhereye nkiva mu nda ya mama; nomobga, inkomezi zanje zoca zimvako, ngahinduka goyigoyi, nkamera nk’abandi bose.
18
Nuko Delila abonye kw amumeneye impuri rwose, atuma guhamagaza ba baganwa b’Abafilisitiya, uti Ni mudūge iri rimwe gusa, uti Kuko yamumeneye impuri. Nukw abo baganwa b’Abafilisitiya baza iy’ ari, bāzanye ya mafeza.
19
Maze Delila amusinziriza ku bibero vyiwe; araheza ahamagara umuntu, amumwa vya bitsibo ndwi vy’umushatsi. Atangura guhinduka goyigoyi, inkomezi ziwe zimuvako.
20
Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abīkunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse.
21
Maz’ Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamufatisha iminyororo y’imiringa, bamugira umusyi mu nzu y’imbohe.
22
Ariko naho bamumoye, umushatsi wiwe utangura gusubira kumera.
23
Hanyuma abaganwa b’Abafilisitiya bakoranira gutanga ibimazi vyinshi babiha Dagoni imana yabo no kunezerwa, kuko bāvuga, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu Samusoni mu maboko yacu.
24
Nukw abantu bamubonye batāzīra iyo mana yabo, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu mu maboko yacu, ari we yar’ umuranduzi w’igihugu cacu, yishe benshi muri twebge.
25
Maze bacuzuye umunezero, baravuga, bati Ni muhamagare Samusoni, tube turamwitwengera. Nuko baja guhamagara Samusoni, bamukūra mu nzu y’imbohe; ashitse imbere yabo baramwitwengera. Bamuhagarika hagati y’inkingi;
26
maze Samusoni abarira umuhungu yar’ amufashe ukuboko, ati Njana numve ah’ inkingi ziri ziteze iyi nzu, mbe ndazegamiye.
27
Kand’ iyo nzu yari yuzuye abagabo n’abagore, n’abaganwa bose b’Abafilisitiya ni ho bāri bari; kandi no hejuru ku nzu hār’ abagabo n’abagore nk’ibihumbi bitatu, bāriko bararorēra bamwitwengera.
28
Maze Samusoni atakambira Uhoraho, at’ Ewe Mwami Uhoraho, ndakwinginze nyibuka, umpe se inkomezi iri rimwe gusa, Mana, nsubirize Abafilisitiya mu nkōko aka kanya gusa, mpōre amaso yanje yompi.
29
Nuko Samusoni afata izo nkingi zompi zo hagati ziteze inzu, arazegamira, ukuboko kw’i buryo gufata imwe, ukw’ i bumoso iyindi.
30
Maz’ aravuga, ati Reka mpfane n’Abafilisitiya. Araheza arīkōngānya n’inkomezi ziwe zose, arazishika, inzu ihomvokera kuri ba baganwa no ku bantu bose bari muri yo. Nukw abo yishe mu gupfa kwiwe bāruta abo yishe akiriho.
31
Maz’ ab’i wabo n’abo kwa se bose baramanuka, bajana ikiziga ciwe, barakidūgana, bamuhamba hagati y’i Sora n’i Eshitayoli, ahantu aho se Manowa yahambge. Kandi Samusoni yar’ amaze imyaka mirongwibiri acira imanza Abisirayeli.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21