bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 15
Judges 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 16 →
1
Maz’ igihe gihise, hageze mw igenya ry’ingano, Samusoni asubira iy’ umugore ari, ajanye agasuguru k’impene. Aravuga, ati Hinge nje iy’ umugore wanje ari, haruguru; ariko sebukwe ntiyamukundira kujayo.
2
Aramubgira, at’ Erega nagira ngo waramwanse rwose; ni co catumye ndamuha umwe muri bagenzi bawe. Mbega murumuna we si we anamurusha ubgiza? Enda mujane mu gishingo ciwe.
3
Samusoni arababgira, at’ Ubu ho nta kizombako ku vy’Abafilisitiya, ni naramuka ndabagiriye nabi.
4
Nuko Samusoni aragenda afata imbgebge amajana atatu, ahambira ivyatsi vyo gukongerezak’ umuriro; araheza izo mbgebge azitumberanya imirizo, agenda abohera ivyo vyatsi ku mirizo ibiri‐ibiri.
5
Amaze kudomeka ivyo vyatsi, azirekurira mu mirima y’ingano z’Abafilisitiya; uwo muriro ugenda uratōngōra kuva ku mikama itēkeye no ku ngano zigihagaze gushitsa no ku mirima y’imyelayo.
6
Maz’ Abafilisitiya barabaza, bati Ni nde yakoze ivyo? Bati Ni Samusoni, umukwe wa wa Munyatimuna, kuko yamwātse umugore wiwe akamushingira uwundi. Nukw Abafilisitiya baca baradūga, uwo mugore bamuturirana na se.
7
Maze Samusoni arababarira, ati Ko mukoze murtyo, sinzogenda ntabīhōye! Ariko ni naheza kubīhōra nzorekeraho.
8
Aca arabahindikiranya, arabatikiza bikomeye; araheza aramanuka, aja kuba mu gihoro co mu gitandara c’ahitwa Etamu.
9
Maz’ Abafilisitiya baradūga, basagaza mu Buyuda, baragandagaza, barinda bashika i Lehi.
10
Ab’i Buyuda barababaza, bati N’iki kibazanye kudutera? Barabishura, bati Tuzanywe no gufata Samusoni ngo tumubohe, tumugirire nk’ivyo yatugiriye.
11
Maz’ abantu b’i Buyuda ibihumbi bitatu baca baramanuka, basanga Samusoni muri ca gihoro co mu gitandara c’ahitwa Etamu; baramubaza, bati Mbega ntuzi yukw Abafilisitiya ari bo batuganza? Non’ ivyo udukoreye n’ibiki? Arabishura, at’ Erega kwar’ ukubasubiriza mu nkōko ivyo bāngiriye.
12
Baramwishura, bat’ Ikituzanye n’ukugufata ngo tukubohe, tugutange mu maboko y’ Abafilisitiya. Samusoni arabishura, ati Ni mundahire ko mutanyica mwebge ubganyu.
13
Baramwishura, bat’ Oya, turakuboha gusa, tubagushikirize, ariko twebge ubgacu ntitukwica. Nuko bamubohesha imigozi misha ibiri, bamukūra mur’ ico gitandara baramudūgana.
14
Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bamusanganiza urwamo. Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, imigozi yar’ imuboshe amaboko ihinduka nk’ubugwēgwe bufashwe n’umuriro; ivyari bimuboshe ku bikonjo biravutagurika.
15
Abona urwāsaya rw’indogoba rutarūma, atuma ukuboko araruraha, arwicisha abantu igihumbi.
16
Maze Samusoni aravuga, at’ Urwāsaya rw’indogoba ndarurundishije ibirundo n’ ibirundo, Urwāsaya rw’indogoba ndarwicishije abantu igihumbi!
17
Ahejeje kuvuga artyo, ashibura rwa rwāsaya yar’ afise mu minwe; aho hantu haca hitwa Ramati‐lehi.
18
Agwa umwūmwa, atakambira Uhoraho, ati Jewe umusavyi wawe ko wampaye uku kunesha gukomeye, none nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’ abatākebge?
19
Maz’ ikinogo car’ i Lehi Imana iragisatura, amazi aradudubiza; nukw amaze kunywa, udutege turagaruka, arahēmbūka. Ni co catumye bacita Eni‐hakore: kiracar’ i Lehi na bugingo n’ubu.
20
Nukw amara imyaka mirongwibiri acira imanza Abisirayeli, mu gihe c’Abafilisitiya.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21