bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Judges 18
Judges 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 19 →
1
Mur’ ico gihe Abisirayeli nta mwami bāribgagire. Kand’ ico gihe umuryango w’Abadani warik’ urironderera ishamvu yo kubamwo, kuko kugeza ico gihe ata shamvu bāribgaronke mu miryango yindi y’Abisirayeli.
2
Nukw Abadani batora mu muryango wabo wose abantu batanu barīndūka, bava i Sora n’i Eshitayoli, babatuma kuja gutata igihugu no kugisuzuma; barababarira, bati Ni mugende musuzume ico gihugu uko kimeze. Nuko baragenda, bīhēreza umugamba w’Abefurayimu, bashika ku rugo rwa Mika, ngw abe ari ho barāra.
3
Bacegereje kwa Mika, bamenya ijwi rya wa musore w’Umulewi, bakeberezayo, baramubaza, bati Ni nde yakuzanye ino? Ukora iki hano, kand’ uhatungiwe n’iki?
4
Abadōndera uko Mika amutunze kwose, at’ Arampemba, nanje nd’ umuherezi wiwe.
5
Baramubarira, bat’ Enda se tubarize Imana, tumenye ko tuzogira amahirwe mu rugendo rwacu.
6
Uwo muherezi arabishura, ati Ni mugende uburarame: Uhoraho arabaragira mu rugendo rwanyu.
7
Nukw abo bantu ukw ari batanu baragenda, bashika i Layishi, bitegereza abantu baho, babona ingene bīrāye nk’ukw ab’ i Sidoni basanzwe bamera, bitekerereje ata co bīnona, ata co babuze mur’ ico gihugu, bifitiye ubutunzi; babona n’ingene baba kure y’ab’i Sidoni, n’ingene batifatanya n’umuntu wundi n’umwe.
8
Nukw abo batasi bahindukiye mu b’i wabo i Sora n’i Eshitayoli, barababaza, bati Muzanye inkuru ki?
9
Barabishura, bati Ni mukūre hasi tuje kubatera, kuko twitegereje igihugu, kandi ni ciza cane. None mwopfa kwiyicarira ngaho? Ntimutebagane kuja kwinjira ico gihugu ngo mucegukire.
10
Nuko ni mwagenda, muzosanga abantu bīrāye; ico gihugu kirāgutse, kand’ Imana yakigabuye mu maboko yanyu. N’ahantu hadakennye ikintu na kimwe kiba mw isi.
11
Nukw abantu bo mu muryango wa Dani bashika ku majana atandatu barahaguruka, bava i Sora n’i Eshitayoli, bitwaje ibirwanishwa;
12
baradūga, basagaza kuri Kiriyati‐yeyarimu i Buyuda. Ni co catumye aho hantu bahīta Mahane‐dani na bugingo n’ubu; hār’ ahahera i burengerazuba bg’i Kiriyati‐yeyarimu.
13
Bavudukayo baca mu mugamba w’ Abefurayimu, baca kwa Mika.
14
Maze ba bandi ukw ari batanu bāri baragiye gutata igihugu c’i Layishi, babgira bagenzi babo, bati Harya murazi ko mur’ uru rugo harimwo efodi na terafimu n’igishushanyo kibājwe n’igishushanyo kivugutiye mu nkero? None rero ni mwiyumvire ico mwokora.
15
Bakeberezaho, bashika mu nzu ya wa musore w’ Umulewi mu rugo rwa Mika, baramuramutsa;
16
ba bandi ukw ar’ amajana atandatu bo mu Badani bari bahagaze kw irembo, bitwaje ibirwanishwa vyabo.
17
Nuko bano ukw ari batanu bāri baratase ico gihugu, ni kwo kudūga bakinjira mu nzu, bagasahura ico gishushanyo kibājwe na efodi na terafimu na ca gishushanyo kivugutiye mu nkero; arik’ uwo muherezi yar’ ahagaze kw irembo hamwe n’abo bantu ukw ar’ amajana atandatu bitwaje ibirwanishwa.
18
Nukw abo bamaze kwinjira mu nzu ya Mika, no gusahura ico gishushanyo kibājwe na efodi na terafimu na ca gishushanyo kivugutiye mu nkero, uwo muherezi arababaza, ati Mbeg’ ivyo mugira n’ibiki?
19
Baramwishura, bat’ Ihorere ni winumire: uz’ ujane natwe, utubere umuvyeyi n’umuherezi. Mbeg’ ugira ngw iciza n’uko woba umuherezi w’urugo rumwe kuruta uko woba umuherezi w’inzu yose, ari wo muryango umwe wo mu miryango y’Abisirayeli?
20
Nuk’ uwo muherezi agira akanyamuneza mu mutima, ajana efodi na terafimu na ca gishushanyo kibājwe, agenda acagatiwe n’abo bantu.
21
Nuko barakebānuka, baragenda, bimiriza abana n’ivyo bashoreye n’intēkera zabo.
22
Bagenze nk’ikirēre bavuye kwa Mika, abo mu mihana ihereranye na Mika baratabara, baseseka ku Badani;
23
babatera akāmo; Abadani barakebuka, babaza Mika, bati Mbega n’ibiki, k’uzananye n’ ingabo?
24
Arabishura, ati Ko munsahuye imana zanje nironkeye, n’umuherezi wanje, mukīgīra mugasiga munyogeje, none murambaza, muti N’ibiki?
25
Abadani baramwishura, bati Ntusubire kudusemerera inyuma, bamwe muri twebge bohava bashangashirwa, bakabagwako, bakakwicana n’abo mu rugo rwawe!
26
Nukw Abadani baca bīgīra; maze Mika abonye kw atobashobora, arahindukira asubira i we.
27
Nukw Abadani ni kwo gutwara ivyo Mika yari yarironkeye, bo n’umuherezi yar’ afise, bashika i Layishi, mu bantu bitekerereje ata co bīnona, babīcisha inkota, baturira n’igisagara cabo.
28
Kandi ntihāgira gitabara, kuko hāri kure y’i Sidoni, kand’ abaho ntibāri bīfatanije n’umuntu wundi n’ umwe. Aho hantu hāri mu kiyaya gihereranye n’i Beti‐rehobu. Maz’ Abadani basanura ico gisagara, bakibamwo.
29
Bacita Dani, bacitiranije na sekuruza wabo Dani mwene Isirayeli; arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Layishi.
30
Maz’ Abadani bīshingira ca gishushanyo kibājwe; kandi Yonatani mwene Gerushomu, Gerushomu wa Mose, ni we yabaye umuherezi w’umuryango w’Abadani, bo n’uruvyaro rwiwe, gushitsa igihe abo mu gihugu bajanywe kw inyagano.
31
Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21