bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 12
Jeremiah 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 13 →
1
Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?
2
Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.
3
Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.
4
Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.
5
Ko wirukanye n’abiruka ku maguru bakakuruhisha, none woshobora ute gusiganwa n’amafarasi? Namb’ ugira amahoro gusa igihugu gitēkānye, non’ uzomera ute Yorodani rwigize akagabo?
6
Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.
7
Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.
8
Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambge yo mu kibira: irantontomeye, ni co gitumye ndayanka.
9
Mbeg’ ishamvu yanje ntiyampindukiye nk’ igisīga c’amabara y’uruyoberane? Mbeg’ ibindi bisīga ntivyagikonganije impande zose? Ni mugende mukoranye ibikōko vyo mw ishamba vyose, mubizane bikākagure.
10
Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.
11
Bāhagize amatongo; haramborogera, kuko habaye ibitongozi; igihugu cose n’amatongo, kukw ata wigeze kubishirak’ umutima.
12
Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.
13
Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.
14
Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.
15
Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.
16
Maze ni bigana umwete ingeso z’abantu banje, bakarahira izina ryanje, ni kwo guhoraho kwanje Uhoraho, nk’uko nyene bāri bārigishije abantu banje kurahira Bayali; ni ho bazokomezwa hagati y’abantu banje.
17
Ariko ni banka kwumva, ubgoko buzokwanka nzoburandura; ndaburandure ndabuhonnye, ni jewe Uhoraho mbivuze.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52