bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 29
Jeremiah 29
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 30 →
1
Aya ni yo majambo y’icete ūvugishwa n’Imana Yeremiya yarungitse ar’ i Yerusalemu, akirungikira abāsigaye b’abashingantahe mu bambukanywe, n’ abaherezi n’abavugishwa n’abantu bose Nebukadineza yambukanye abakūye i Yerusalemu abajana i Babuloni.
2
Ico gihe umwami Yekoniya n’umugabekazi n’abantu b’inkone n’abaganwa b’i Buyuda n’i Yerusalemu n’ababāji n’abacuzi, bāri bamaze kuvanwa i Yerusalemu.
3
Akirungikana Elasa mwene Shafani na Gemariya mwene Hilukiya, abo Zedekiya umwami w’i Buyuda atumye i Babuloni kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, cāri canditse,
4
ng’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, abarira abānyazwe bose, abo yambukanishije ngo bakūrwe i Yerusalemu bajanwe i Babuloni,
5
ati Ni mwiyubakire amazu, muyabemwo; mwirimire amatongo murye ibiyezemwo;
6
mwiyabīrire abagore, muvyare abahungu n’abakobga; musabire abahungu banyu abageni, mushingire abakobga banyu, kugira ngo na bo bavyare abahungu n’abakobga; murondokereyo, ntimube inkehwa.
7
Mwifurize amahoro igisagara, ico natumye mwambukanirwamwo, mugisengere Uhoraho: kuko kibaye amahoro namwe muzoba amahoro.
8
Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.
9
Kuko babaragurira ibinyoma mw izina ryanje, nanje ntābatumye, ni jewe Uhoraho mbivuze.
10
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Imyaka mirongwirindwi ni yarangira mur’ i Babuloni, nzobagendera, mbashitsekw ijambo ryanje ryiza, mbagarukane aha hantu.
11
Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.
12
Kandi muzonyambaza, muzoza munsenge, nanje nzobumva.
13
Muzondondera kandi muzombona, ni mwandondeza umutima wanyu wose.
14
Nanje nzobabonekera, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntume muhindukira, muve mu kinyago, kandi nzobakoranya mbakūye mu mahanga yose n’ahantu hose aho nabirukaniye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzobagarukana ahantu nabakūye igihe nabambukanisha.
15
Ko muvuga, mut’ Uhoraho yaduhagurukirije abavugishwa na we i Babuloni.
16
Uku ni k’ Uhoraho agize ku vy’umwami ari ku ngoma ya Dawidi, no ku vy’ abantu bose baba mur’ iki gisagara, ni bo bene wanyu mutājanye igihe mwambukanwa;
17
uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.
18
Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;
19
kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.
20
None rero ni mwumve ijambo ryanje, jewe Uhoraho, mwebge mwese abambukanywe, abo narungitse ngo muve i Yerusalemu muje i Babuloni.
21
Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ku vya Ahabu mwene Kolaya no ku vya Zedekiya mwene Mayaseya, babaragurira ibinyoma mw izina ryanje, nt’ Ehe nzobatanga mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, na we azobicira imbere y’ amaso yanyu;
22
kandi bazohinduka umuvumo wo kuvumana w’abambukanywe bose b’i Buyuda bar’ i Babuloni, ng’ Uhoraho arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babuloni yataze ku muriro babona;
23
kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.
24
Kandi ku vya Shemaya w’i Nehelamu uvuge,
25
ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko warungitse ivyete mw izina ryawe, ukabirungikira ababa i Yerusalemu bose, na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi, n’abaherezi bose,
26
ukavuga, ut’ Uhoraho ko yaguhinduye umuherezi mu gishingo c’umuherezi Yehoyada, namwe kugira ngo mube ababgiriza mu ngoro y’Uhoraho, ngo mubuze umuntu wese w’ umusazi yīgira ūvugishwa n’Imana, ngo mumushire mu mpatane z’ibiti no mu minyororo;
27
none rero n’iki cakubujije guhana Yeremiya w’i Anatoti, yīgira ūvugishwa n’Imana ngo yabatumweko?
28
Kw adutumakw amajambo i Babuloni, avuga, ngo Turacasigaje igihe kirekire tur’ inyagano: ngo Ni twiyubakire amazu, tuyabemwo; ngo Ni twirimire amatongo turye ibiyezemwo.
29
Maze Zefaniya umuherezi asoma ico cete ūvugishwa n’ Imana Yeremiya yumva.
30
Nukw ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya,
31
riti Tuma ku bājanywe kw inyagano bose, ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize ku vya Shemaya w’i Nehelamu, ati Kw ababariye amagambo, nanje ntāmutumye, akabizigiza ibinyoma,
32
nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Rāba, nzohana Shemaya w’i Nehelamu n’ uruvyaro rwiwe; ntazosigarana n’ umwe mu biwe azoba mur’ ubu bgoko, na we ntazoruha abona ivyiza nzogirira abantu banje, ni jewe Uhoraho mbivuze: kuko yavuze ivy’ ukungarariza jewe Uhoraho.
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 30 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52