bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 8
Jeremiah 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 9 →
1
Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, bazozura amagufa y’abami b’Abayuda, n’ay’ abaganwa babo, n’ay’ abaherezi, n’aya ba kamenyi, n’ay’ ababa i Yerusalemu, bayakūre mu mva zabo:
2
bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.
3
Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.
4
Kand’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho abaza, ati Mbeg’ abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Cank’ umuntu iy’ ahuvye inzira ntasubira kugaruka?
5
None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.
6
Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.
7
Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.
8
Muvugira iki, muti Tur’ abanyabgenge, kandi mut’ Ivyagezwe vy’Uhoraho bibana natwe? Ereg’ abanditsi banyu bandikishije ikaramu y’ibinyoma, banditse ibitar’ ivy’ ukuri.
9
Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?
10
Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.
11
Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.
12
Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.
13
Nzobanzura rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta nzabibu zizoba zikiba ku muzabibu, cank’ insukoni ku musukoni, n’ibibabi bizokabirana; kand’ ibintu nabahaye bizobavako.
14
Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.
15
Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ ibiteye ubgoba.
16
Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.
17
Ehe ngira ndungike inzoka z’imvuvyi muri mwebge, zitazoshobora kugundwa, ariko zizobakomora, ni jewe Uhoraho mbivuze.
18
Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.
19
Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?
20
Bat’ Igihe c’iyimbura kirashize, ici rirahise, natwe ntituragakira.
21
Ereg’ ikibabaje wa mukobga ari bo bgoko bgacu, nanje kirambabaje: ndiraburaniwe, mfashwe n’agatengo.
22
Mbeg’ i Gileyadi ntihariy’ umuti wo gusomōra? Nta muvūzi abayo? None n’iki cabujije uruguma rwa wa mukobga ari bo bgoko bgacu ko rukira?
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52