bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 37
Jeremiah 37
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 38 →
1
Zedekiya mwene Yosiya aja ku ngoma mu gishingo ca Koniya mwene Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari we amwimitse mu gihugu c’i Buyuda.
2
Ariko ntiyumvira amajambo y’Uhoraho ayo yavugisha Yeremiya, ubgiwe cank’ abasavyi biwe cank’ abantu bo mu gihugu.
3
Maz’ umwami Zedekiya atuma Yehukali mwene Shelemiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana, ati N’udusengere k’Uhoraho Imana yacu.
4
Kandi Yeremiya yar’ acigendagendera mu bandi bantu, kuko bataribgamushire mw ibohero.
5
Kand’ ingabo za Farawo zari zije zivuye muri Egiputa: maz’ Abakaludaya bari bugarije i Yerusalemu bumvise inkuru zavyo, bata i Yerusalemu barakimirana.
6
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kur’ uwo yavugisha Yeremiya,
7
rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira umwami w’i Buyuda yabantumyeko kunsiguza, muti Rāba ingabo za Farawo zije kubatabara zizosubira muri Egiputa mu gihugu cabo.
8
Kand’ Abakaludaya bazogaruka, batere iki gisagara; bazogitsinda bagitongoze umuriro.
9
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimwihende, mut’ Abakaludaya bazotuvako nta kabuza: kuko batazobavako.
10
Kuko naho mwotikiza ingabo zose z’Abakaludaya babarwanya, hagasigaramw’ abakomeretse basa, na ho nyene bova hasi, umuntu wese aho yar’ ari mw ihema ryiwe, bagatongoza iki gisagara umuriro.
11
Nukw ingabo z’Abakaludaya zimaze gukimirana zitaye i Yerusalemu kubgo kugirira ubgoba ingabo za Farawo,
12
Yeremiya asokoroka i Yerusalemu ngw aje mu ntāra ya Benyamini, gushikiririzway’ umugabane wiwe hagati mu bantu.
13
Agishika mw irembo ryitwa irya Benyamini, umukuru w’ abashibamyi yitwa Iriya mwene Shelemiya, Shelemiya wa Hananiya, ni ho yar’ ahagaze: afata uwo muvugishwa Yeremiya, at’ Uroye kwisaba Abakaludaya.
14
Yeremiya ati S’ivy’ ukuri; singiye kwisaba Abakaludaya. Ariko yanka kuvyumva: nuko Iriya afata Yeremiya, amushīra abaganwa.
15
Abaganwa bashavurira Yeremiya, baramukubita, bamushira mw ibohero mu nzu ya Yonatani umukarani, kuko bāri bayigize ibohero.
16
Nuko Yeremiya amaze gushika mw ibohero, mu kazu ko mu kuzimu, ahamaze imisi myinshi,
17
umwami Zedekiya atuma kumuzana; nuk’ umwami amubariza mu mpisho mu ngoro yiwe, ati Mbega nta jambo ryoba rivuye k’Uhoraho? Yeremiya ati Ririho; at’ Uzotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni.
18
Ikindi, Yeremiya abaza umwami Zedekiya, ati Mbega nagucumuyekw iki, cank’ abantu bawe, cank’ ubu bgoko, ko mwanshize mw ibohero?
19
Ba kamenyi banyu bābabarira, ng’ Umwami w’i Babuloni ntazobatera canke ngw atere iki gihugu, bari hehe?
20
Non’ urazirikanye, mwami wanje nyen’ ingoma, tegēra ivyo ngusavye ndakwinginze; ntunsubize mu nzu ya Yonatani umukarani, simpfireyo.
21
Nuk’ umwami Zedekiya aravuga, bashira Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamugaburira umutsima uko bukeye, bawuguriye ku nzira y’abacumvyi, gushitsa ah’ imitsima yose yahebūriwe mu gisagara. Nuko Yeremiya aguma ngaho mu rugo rw’ibohero.
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 38 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52