bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 42
Jeremiah 42
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 43 →
1
Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,
2
bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:
3
kugira ng’ Uhoraho Imana yawe atwereke uko dukwiye kugenza n’ico dukwiye gukora.
4
Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha.
5
Bishura Yeremiya, bat’ Uhoraho n’atubere icabona c’ ukuri c’ukwizigirwa, ni tutākora nk’ukw ijambo ryose rimeze, iryo Uhoraho Imana yawe azokudutumako.
6
Ar’ ivyiza ar’ ibibi, ntituzobura kwumvira Uhoraho Imana yacu, uwo tugutumyeko; kugira ngo tuze tubone kuroranirwa ni twumvira Uhoraho Imana yacu.
7
Nukw imisi cumi ihise, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya.
8
Ahamagara Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,
9
arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, uwo mwantumyeko kumushikiriza ivyo mwasavye:
10
ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.
11
Ngo Reka gutinya umwami w’i Babuloni, uwo mutinya uwo; ntimumutinye, ni k’Uhoraho agize; ngo Kukw ari kumwe namwe ngw abakize, abarokore abakūre mu kuboko kwiwe.
12
Ngw Azobaha kumutera akagongwe, kugira ngw abagirire imbabazi, abasubize mu gihugu canyu bgite.
13
Ngw Ariko ni mwavuga, muti Ntitukigomba kuba mur’ iki gihugu; bigatuma mutamwumvira, ari we Uhoraho Imana yanyu,
14
mukavuga, mut’ Oya, ariko tugomba kuja mu gihugu ca Egiputa, aho tutazobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo tubure indya; abe ari ho tuba:
15
none rero gira mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge amasigarira y’i Buyuda: uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni mwerekeza amaso rwose muri Egiputa, ngw abe ari yo muja kuba;
16
nukw inkota mutinya izobahamvyayo, mu gihugu ca Egiputa, n’inzara mutinya izobakurikirana no muri Egiputa; kandi ni yo muzogwa.
17
Ni ko bizomerera abantu bose berekeza amaso kuja muri Egiputa ngo babeyo; bazokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza; ngo Kandi nta n’umwe muri bo azosigara canke ngo yikize ivyago azobatēza.
18
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngo Nk’uk’ uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni k’ubushangashirwe bgiwe buzosukwa kuri mwebge ni mwaja muri Egiputa; ngo Muzoba igitutsi n’ akajoreza n’ikivume n’iciro ry’ imigani: ngo Kandi ntimuzosubira kubona aha hantu.
19
Uhoraho yavuze kuri mwebge, mwa masigarira y’i Buyuda, ngo Ntimukaje muri Egiputa: mumenye mudakekeranya yuko mbibashingiye intahe uyu musi.
20
Erega mwāhenze imitima yanyu ubganyu, kuko mwantumye k’Uhoraho Imana yanyu, ngo Ni mbasengere k’Uhoraho Imana yanyu, ngw Ivyo Uhoraho Imana yanyu azovuga vyose ngo Ndabibabarire, ngo Namwe muzobikora:
21
non’ uyu musi ndabibabariye, ariko mwebge ntimwumviye Uhoraho Imana yanyu mu kintu na kimwe mu vyo yabantumyeko.
22
None rero ni mumenye mudakekeranya yuko muzokwicirwa n’inkota n’ inzara n’ikīza, aho hantu aho mwifuza kuja kuba.
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 43 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52