bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 21
Jeremiah 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 22 →
1
Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe umwami Zedekiya yamutumako Pashuri mwene Malakiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi,
2
muti Basigurize Uhoraho; kuko Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye: kumbure Uhoraho yotugirira nk’ukw ibikorwa vyiwe vyose vy’igitangaza bimeze, agatuma asubira inyuma akatureka.
3
Maze Yeremiya arabishura, at’ Uku abe ari ko mubarira Zedekiya:
4
mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.
5
Kandi nanje ubganje nzobarwanya, mbarwanishe ukuboko kubānguye n’ukuboko kw’inkomezi, ndi n’ishavu n’ubushangashirwe n’uburake bg’inkazi.
6
Kandi nzokubita ababa mur’ iki gisagara, abantu n’ibitungwa: bazokwicwa n’ikīza gikomeye.
7
Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.
8
Maz’ aba bantu ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba mbashize imbere inzira y’ubugingo n’inzira y’urupfu.
9
Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akīsaba Abakaludaya babugarije, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe.
10
Kuko ntungiriye igitsure iki gisagara ngo nkizanekw amagorwa, sinkizanekw amahirwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kizotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azogitongoza umuriro.
11
Kandi ku vy’inzu y’umwami w’i Buyuda, ni mwumve ijambo ry’ Uhoraho:
12
Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.
13
Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu?
14
Nzobahana nk’ukw ibikorwa vyanyu vyamuje, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzodomeka umuriro mu kibira caho uzotongora ibiri hirya no hino yaho vyose.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52