bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 28
Jeremiah 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 29 →
1
Maze mur’ uyo mwaka nyene, mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Zedekiya, umwami w’i Buyuda, ni wo mwaka wa kane, mu kwezi kwa gatanu, Hananiya mwene Azuri, kamenyi w’i Gibeyoni, ambaririra mu ngoro y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abantu bose,
2
at’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mvunnye ingōgo mwambitswe n’ umwami w’i Babuloni.
3
Hasigaye imyaka ibiri yiramvuriye nkagarukana aha hantu ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho vyose, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yasahuye aha hantu, akabijana i Babuloni;
4
kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni.
5
Maze Yeremiya ūvugishwa n’Imana yishurira Hananiya kamenyi imbere y’abaherezi n’imbere y’abantu bose bāri bahagaze mu ngoro y’Uhoraho;
6
Yeremiya ūvugishwa n’Imana aravuga, at’ Amen! Uhoraho n’ akore nk’uko! Uhoraho n’ashitse amajambo yawe uvugishijwe, agarukane ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho, n’abo bose bānyazwe, abakūre i Babuloni abazane aha hantu!
7
Yamara rero ni wumve iri jambo mvugira mu matwi yawe, no mu matwi y’abantu bose:
8
Abavugishwa n’Imana ba kera bānyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe, bāvugishijwe ivy’ intambara n’ivy’ ivyago n’ivy’ ikīza bizotera ibihugu vyinshi n’ibihugu vy’ abami bahambaye.
9
Ūvugishwa akavuga ivy’ amahoro, ijambo ry’ uwo muvugishwa ni ryashika, ni ho uyo muvugishwa azomenyekana yuk’ Uhoraho yamutumye koko.
10
Maze Hananiya uwo kamenyi akūra iyo ngōgo mw izosi ry’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, arayivuna.
11
Hananiya avugira imbere y’abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Imyaka ibiri yiramvuriye itarashira, uko ni ko nzovuna ingōgo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yambitse ku mazosi y’amahanga yose. Nuko Yeremiya uwo muvugishwa aca arīgīra.
12
Maz’ ijambo ry’ Uhoraho riza kur’ uwo muvugishwa Yeremiya, Hananiya kamenyi amaze kuvuna iyo ngōgo yari kw izosi ryiwe,
13
riti Genda ubarire Hananiya, ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Uvunnye ingōgo z’ibiti, arik’ ushubije iz’ ivyuma mu gishingo cazo.
14
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo.
15
Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.
16
Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba ndagukūye kw isi: uyu mwaka urawupfamwo, kuko wavuze ivyo kungarariza jewe Uhoraho.
17
Nuko Hananiya kamenyi apfa mur’ uyo mwaka nyene mu kwezi kw’indwi.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52