bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 43
Jeremiah 43
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 44 →
1
Maze Yeremiya ahejeje kubarira abantu bose amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ayo Uhoraho Imana yabo yamubatumyeko, ni yo ya majambo yose,
2
Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo;
3
ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranijeko, kugira ngo dutangwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice, canke batujane i Babuloni tur’ inyagano.
4
Nuko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ ingabo bose, n’abantu bose, ntibumvira Uhoraho, ngo babe mu gihugu c’i Buyuda.
5
Ariko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose, bajana amasigarira yose y’Abayuda, abāri bagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yose aho bāri barirukaniwe;
6
abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;
7
baja mu gihugu ca Egiputa, kuko batumviye Uhoraho: nuko bashika i Tahapanesi.
8
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya i Tahapanesi,
9
rit’ Abīra amabuye manini, uyahishe mw ivu musi y’amatafari ari mw ishikiro ry’irebe ry’ingoro ya Farawo i Tahapanesi, abagabo b’ Abayuda barorēra;
10
ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngw Eh’ azotuma kuzana Nebukadineza umwami w’i Babuloni umusavyi wiwe, na we azotereka intebe yiwe y’ubgami kur’ aya mabuye mpishije; kand’ azoshinga ihema ryiwe ry’ubgami kuri yo.
11
Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.
12
Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro.
13
Kand’ azohomvagura inkingi ziri mu rusengero rw’izuba, ruri mu gihugu ca Egiputa; kand’ amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa azoyatongoza umuriro.
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 44 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52