bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 30
Jeremiah 30
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 31 →
1
Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho,
2
rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Wandike mu gitabo amajambo yose nakubariye.
3
Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.
4
Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze ku Bisirayeli n’Abayuda:
5
at’ Uku ni ko mbivuze, jewe Uhoraho, nti Twumvise ijwi ry’ abari mu gatengo no mu bgoba, atar’ iry’ abari mu mahoro.
6
Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?
7
Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.
8
Maze kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze, nzovuna ingōgo bambitswe, ndayikūre kw izosi ryabo, ncagagure imvuto baboheshejwe; kandi ntibazoba bakijakarira amahanga:
9
ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza.
10
None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.
11
Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.
12
Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Igikomere cawe ntikivūrika, n’igisebe cawe n’ ikigoye.
13
Nta wo kukwitsa ariho, kugira ng’ upfukwe igikomere: nta n’imiti ufise yo kukuvūra.
14
Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije.
15
Non’ igikomere cawe kikuririza iki? K’uburibge bgawe butavūrika; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije, ivyo ni vyo vyatumye nkugira ntyo.
16
Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.
17
Ariko nzosubira kugukomeza, nzogukiza ibikomere vyawe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko bakwise uwirukanywe, bati Ni Siyoni, hatagifise ūkihababara.
18
Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.
19
Muri vyo hazoba gushima, n’ijwi ry’abanezerewe: kandi nzobagwiza, ntibazoba bake; nzobaha icubahiro, ntibazoba abo hasi.
20
Abana babo bazomera nk’uko bār’ ubga mbere, kand’ ikoraniro ryabo rizokomezwa imbere yanje, nanje nzohana abābahahaza bose.
21
Umwami wabo azoba uwo muri bo bgite, ūbaganza akomoke hagati muri bo: nanje nzomwiyegereza, kand’ azonshikīra: kuko ni nde yohangara kunshikīra? ni jewe Uhoraho mbibajije.
22
Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.
23
Rāba ikirura c’Uhoraho, ni bgo burake bgiwe, kirahinze, mbere n’ikirura c’inkubebe: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.
24
Uburake bg’inkazi bg’Uhoraho ntibuzohwama kugeza ah’ azoba ashikije ivyo umutima wiwe wagabiye, abiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura.
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 31 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52