bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 31
Jeremiah 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 32 →
1
Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.
2
Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abantu bāsigajwe n’inkota ni bo bāgiriwe ubuntu mu bugaragwa, ni bo Bisirayeli, abo nagiye mpa kuruhuka.
3
Uhoraho yanyiyeretse kera, ati N’ukuri naragukunze urukundo rudashira; ni co gituma nkwiyegerezanya imbabazi.
4
Nzosubira kukwubaka, nawe uzoba wubakitse, ewe nkumi, ni yo Bgisirayeli: uzosubira gushazisha udushako twawe tw’ingoma, usohoke uvyinane n’abanezerewe.
5
Uzosubira gutera inzabibu ku misozi y’i Samariya: abarimyi bazozitera, bazīyereze.
6
Kuko hazoza umusi abama bagavye ku misozi ya Efurayimu bazosemerera, bati Ni muve hasi tudūge i Siyoni, dushengerere Uhoraho Imana yacu.
7
Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize, ati Muririmbane umunezero kubga Yakobo, musemerere kubg’ umukuru w’amahanga: mwamamaze mushima, mut’ Uhoraho, kiza abantu bawe, ni bo masigarira y’Abisirayeli.
8
Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.
9
Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.
10
Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.
11
Kuk’ Uhoraho yagobotoye aba Yakobo, yabacunguye abakūra mu kuboko kw’uwabarusha inkomezi.
12
Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.
13
Ni ho inkumi izonezerezwa n’ imvyino, n’abasore n’abatāma bose hamwe: kukw ikigandaro cabo nzogihindura umunezero, nzobīrūra, mbanezereze mbakūye mu mubabaro wabo.
14
Imitima y’ abaherezi nzoyihāza ibinure, kand’ abantu banje bazohāzwa n’ ivyiza vyanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.
15
Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Induru yumvikana i Rama, amaborogo n’amarira menshi: Rakeli aririra abana biwe, yanka kwīrūrwa umubabaro w’abana, kuko batakiriho.
16
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Buza ijwi ryawe ryoye kurira, n’amaso yawe yoye gukorora amosozi, kukw ibikorwa vyawe bizokwishurwa, ni k’Uhoraho agize; kandi bazosubira kugaruka bavuye mu gihugu c’abansi.
17
Kandi hazoba ivyizigiro vyo mw iherezo ryawe, ni k’Uhoraho agize; abana bawe bazosubira kugaruka mu gihugu cabo bgite.
18
N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.
19
N’ ukuri mmaze guhindukizwa narihannye; bimaze kunyigisha narishishitiye: nagize isoni, mbere ndatētērwa, kukw ibiteye isoni vyo mu buto bganje vyansubiyeko.
20
Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.
21
Wishingire ibimenyetso bikurangira inzira, wironkere ibiti vy’ivyapa: shira umutima ku nzira y’iroro, imwe wajana ukijayo: hindukira, ewe nkumi, ruvyaro rwa Isirayeli, hindukira ugaruke mur’ ibi bisagara vyawe.
22
Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.
23
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.
24
Maz’ ab’ i Buyuda n’ibisagara vyaho vyose bazohasāsagara; bo n’abarimyi n’abaragiye imikuku.
25
Kuko nashubije intege mu mutima urushe, n’umutima udendebukiwe nkawuhēmbūra.
26
Bishitse aho ndikangura, nsanga itiro ryari rindyoheye.
27
Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzobiba imbibe, ni yo nzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda, ndayibibemw’ imbuto, ari zo bantu n’ibitungwa.
28
Maz’ ico gihe, nk’uko nabahozakw igitsure ngo mbarandure, mbahomvore, mbasangangure, mbahonnye, mbababaze, ni ko nzobahozakw ijisho ngo mbubake mbatēragire, ni jewe Uhoraho mbivuze.
29
Mur’ iyo misi ntibazoba bakivuga, ngo Ba se barya inzabibu z’ibitumbge, amenyo y’abana akajiginyurwa.
30
Arik’ umuntu wese azopfa azize ivyiwe bigabitanyo nyene: ūriye inzabibu z’ibitumbge, ayiwe menyo nyene ni yo azojiginyurwa.
31
Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda:
32
ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.
33
Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.
34
Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.
35
Uku ni k’Uhoraho agize, uwatanze izuba ngo ribe umuco w’ umurango, akagera ukwezi n’ inyenyeri ngo vyake mw ijoro, ni we azīkurura ikiyaga ngw imipfunda yaco ibomborane: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe:
36
at’ Ivyo nageze ivyo ni vyava mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ni ho uruvyaro rwa Isirayeli na rwo ruzoreka kuba ihanga mu nyonga zanje ibihe bidashira.
37
Uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Ijuru ryogerwa, amatanguriro y’isi agaserangurwa, ni ho nanje noca uruvyaro rwose rwa Isirayeli, mbahōye ivyo bakoze vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze.
38
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, ca gisagara kizokwubakirwa Uhoraho, uhereye ku munara wa Hananeli, ugashitsa no kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro.
39
Kand’ umugozi bazogeresha uzovuduka aho hantu ugororwe ushike ku gatumba k’i Garebu, maz’ uzozenguka ushike i Gowa.
40
Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 32 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52