bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jeremiah 35
Jeremiah 35
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 36 →
1
Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu gihe ca Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda,
2
riti Genda ku b’inzu ya Rekabu, uvugane na bo, ubinjize mu ngoro y’Uhoraho, ubashikane muri kimwe mu vyumba vyubatswe kuri yo, ubahe vino banywe.
3
Nuko njana Yazaniya mwene Yeremiya, Yeremiya wa Habaziniya, n’abo bavukana, n’abana biwe bose, n’ab’ inzu ya Rekabu bose,
4
mbinjiza mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca bene Hanani, Hanani wa Igidaliya umuntu w’Imana, gihereranye n’icumba c’abaganwa, cari hejuru y’icumba ca Mayaseya mwene Shalumu umushibamyi wo ku muryango.
5
Ntereka imibindi yuzuye vino, bo n’amakarabo, imbere y’ab’ inzu ya Rekabu, ndababgira, nti Ngiyo vino ni munywe.
6
Na bo baravuga, bati Nta vino tunywa: kuko Yonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu yatwihanikirije, ati Ntimuze mwigere munywa vino, mwebge cank’ abana banyu,
7
canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.
8
Kandi twumviye Yonadabu mwene Rekabu sogokuruza mu vyo yatuziririje vyose, kutanywa vino imisi tuzomaraho yose, twebge n’abagore bacu n’abahungu bacu n’abakobga bacu;
9
no kutubaka amazu yo kubamwo, no kutagira uruzabibu cank’ itongo cank’ imbuto zo gutera;
10
ariko twibereye mu mahema, twumvira iragi rya vyose Yonadabu sogokuruza yadusigaranye.
11
Maze rero, Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye iki gihugu, turavugana, tuti Ngo tuje i Yerusalemu, duhunge ingabo z’Abakaludaya, duhunge n’ingabo z’Abasiriya; ni kwo kuba i Yerusalemu.
12
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya,
13
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, uti Mbega ntimworuha mwemera indero yanje ngo mwumvire amajambo yanje? ni jewe Uhoraho mbibajije.
14
Amajambo ya Yonadabu mwene Rekabu, ayo yihanikirije abana biwe ngo ntibanywe vino, barayashitsa, no gushitsa kur’ uyu musi nta yo banywa, kuko bumviye iragi rya sekuruza; ariko jeho navuganye namwe, nama nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwanyumvira.
15
Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.
16
Bene Yonadabu wa Rekabu ko bāshikije iragi rya sekuruza yabasigaranye, arik’ ubu bgoko bgo ntibgānyumviye;
17
nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.
18
Nuko Yeremiya abarira ab’ inzu ya Rekabu, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko mwumviye iragi rya sogokuruza Yonadabu, mukitondera amabgirizwa yiwe yose, mukagenza nk’uko yababariye muri vyose;
19
nuko rero, uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Yonadabu mwene Rekabu ntazokwigera abura uwo kuzokwama ahagarara imbere yanje gushitsa ibihe vyose.
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 36 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52