bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 1
Job 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 2 →
1
Mu gihugu c’i Uzi hār’ umuntu yitwa Yobu; kand’ uwo muntu yar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.
2
Yar’ afise abahungu ndwi n’abakobga batatu.
3
Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.
4
Kand’ abahungu biwe bāhora barondera amazimano mu nzu y’ umuntu wese muri bo ku musi ashinze, bagatumira bashiki babo ukw ari batatu ngo baze gusangira na bo.
5
Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.
6
Umusi ur’ izina abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, kandi na Satani yazananye na bo.
7
Uhoraho abaza Satani, at’ Uvuye hehe? Satani yishura Uhoraho, ati Mvuye gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo.
8
Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?
9
Maze Satani yishura Uhoraho, ati Mbeg’ ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?
10
Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu.
11
Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’ afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.
12
Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ivy’ afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuz’ umukoreko. Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho.
13
Maz’ umusi ur’ izina, abahungu n’abakobga ba Yobu bāriko barasangira, banywera vino mu nzu ya mukuru wabo,
14
haza imbitsi kuri Yobu, it’ Inka zariko zirarima, n’indogoba zarisha i ruhande yazo;
15
maz’ Abasabeya barazinyaze, barazitwaye: mbere n’abungere babaririkishije inkota; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.
16
Akibivuga, haza uwundi na we, at’ Umuriro w’Imana watibutse uva mw ijuru, uyigiza intama n’abungere, urabimara; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.
17
Akibivuga, haza uwundi na we, at’ Abakaludaya bigize imice itatu, banyaze ingamiya, barazitwaye: mbere n’abungere babaririkishije inkota; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.
18
Akibivuga, haza uwundi na we, at’ Abahungu bawe n’abakobga bawe bāriko barasangira banywera vino mu nzu ya mukuru wabo,
19
nuko haza umuyaga w’ igihuhuta uturutse mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’inzu; maz’ isidukira kur’ abo bahungu, barapfa; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.
20
Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga,
21
ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.
22
Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42