bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 28
Job 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 29 →
1
N’ukuri har’ inganzo yimbgamw’ ifeza, N’ahantu bakūra izahabu ngo bazivugutire.
2
Ubutare bukūrwa mw ivu, N’ibuye barivugutira ngo rivemw’ imiringa.
3
Abantu badōbēra mu mwiza bakawurangiza, Bagashika kw iherezo ry’ urubibe rwawo Basesangura amabuye yo mu mwiza w’umuzitanya no mu gitūtu c’urupfu.
4
Bimba urwobo rugera kure y’aho abantu baba; Ingenzi zihahita nta co zībaza kuri bo; Bacundeba muri rwo kure y’abantu, bakenena hirya no hino.
5
Isi ivamw’ ivyo kurya; Arikw i kuzimu muri yo hazīkururwa nk’aho hazīkuruwe n’umuriro.
6
Mu mabuye yaho harih’ ahantu h’utubuyenge twitwa safiro, Hakaba n’ifu y’izahabu.
7
Iyo nzira nta gisiga c’amero kiyizi, N’ijisho ry’ikinyakabaka ntiryigeze kuyibona:
8
N’ibikōko vyihayagiza nta ho vyayikandagiyemwo, Cank’ intambge y’inkazi ngw iyihitemwo.
9
Baramvura amaboko yabo ku kibuye c’isare; Bubika imisozi bahereye mu mizi yayo.
10
Basatagura inzira mu bibuye; Amaso yabo yitegereza ikintu cose c’igiciro kinini.
11
Bagomera imigezi ntidonye; Kandi n’icari gihishijwe bakizana ahabona.
12
Arik’ ubgenge bgo, buzoboneka hehe? Cank’ ahantu ugutahura kuba ni hehe?
13
Abantu ntibazi igiciro cabgo, Ntibuboneka mw isi y’abariho.
14
I bgina haravuga, hati Ntiburi muri jewe; N’ikiyaga kiravuga, kiti Ntibur’ aho ndi.
15
Ntiburonkeshwa amazahabu, Kandi n’amafeza ntagerwa ku munzane ngw abe igiciro kibuguze.
16
N’amazahabu yavuye muri Ofiru nta ho yohūza uburiba na bgo, Cank’ utubuyenge twitwa shohamu tw’igiciro kinini, haba n’utwitwa safiro.
17
Izahabu n’ibirahuri nta ho vyoshobora kugereranywa na bgo; N’ivyacuzwe mw izahabu nziza ntivyobukāba.
18
Ivyitwa fezaruka n’ibirahuri ntivyoruha binavugwa, Mber’ igiciro c’ubgenge kirengeye utubuyenge twitwa marijani.
19
Ivyitwa pitida vyavuye muri Etiyopiya nta ho vyogereranywa na bgo, Kand’ izahabu iramuye nta ho yohūza uburiba na bgo.
20
None rer’ ubgenge bganduruka he? Kand’ ahantu ugutahura kuba ni hehe?
21
Ko buhishijwe amaso y’abariho bose, Bukanyegezwa ibiguruka mu kirēre.
22
Amahonero n’urupfu biravuga, Biti Twumvise impuha zabgo ku matwi gusa.
23
Imana ni yo izi inzira yabgo, Ni yo izi ahantu buba.
24
Kuko yitegereza gushitsa ku mpera z’isi, Ikarāba n’ibiri musi y’ijuru vyose.
25
Hamwe yagera uburemerezi bg’umuyaga, Ikagera amazi mu rugero,
26
Hamwe yashingira imvura icagezwe, N’umuravyo w’inkuba ikawugerera inzira;
27
Ni ho yabgitegerereje, irabuserura; Irabushinga, mber’ irabusuzuma.
28
Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42