bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 42
Job 42
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
1
Maze Yobu yishura Uhoraho,
2
ati Nzi yuk’ ushobora vyose, Kandi kw ata gishobora kubuza imigabo yawe.
3
Uyo ni nde azimanganya inama ata bgenge agira? Erega ni co catumye mvuga ivyo ntatahuye, Nkavuga ibitangaza bindengeye ntazi.
4
None ndakwinginze ni wumve, nanje mvuge: Ngira nkubaze, nawe umbarire.
5
Nari narumvishije ivyawe ugutwi, Ariko noneh’ ijisho ryanje rirakwiboneye.
6
Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.
7
Nuk’ Uhoraho amaze kubgira Yobu ayo majambo, Uhoraho abarira Elifazi w’i Temani, at’ Uburake bganje burakuziriringiye, mwe na bagenzi bawe bompi: kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.
8
None rero ni mwijanire amashūri ndwi n’impfizi z’intama ndwi, muje ku musavyi wanje Yobu, mwitangire ibimazi vyoswa; kand’ umusavyi wanje Yobu azobasabira, kukw ari we nzokwemera, kugira ngo noye kubagirira nk’uk’ ubupfu bganyu bumeze; kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.
9
Nuko Elifazi w’i Temani na Biludadi w’i Shuhi na Zofari w’i Nayama baragenda, bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye: maz’ Uhoraho yumvira ugusenga kwa Yobu.
10
Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’ uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’ afise ibihetangabo kabiri.
11
Maz’ abo bavukana bose baraza, na bashiki biwe bose, n’abāri bāzinanyi na we bose ubga mbere, basangirira na we mu nzu yiwe; baje kumugarukirako no kumwirura kubg’ ivyago vyose Uhoraho yari yaramutēje; umuntu wese amuha ihera ryitwa kesita n’impeta y’ izahabu.
12
Nuk’ Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere: aronka intama ibihumbi cumi na bine, n’ ingamiya ibihumbi bitandatu, n’ inka zirima ibihumbi bibiri, n’ indogoba zivyara igihumbi.
13
Kand’ avyara n’abahungu ndwi n’abakobga batatu.
14
Umukobga wa mbere amwita Yemima; uw’ ubuheta amwita Keziya; uwa gatatu amwita Kereni‐hapuki.
15
Kandi mu gihugu cose nta bigeme bāri bahwanije akaranga n’ abakobga ba Yobu: nuko se abaraga hamwe na basaza babo.
16
Hanyuma yaho, Yobu amara imyaka ijana na mirongwine, abona abana biwe n’abuzukuru biwe, gushitsa no ku buzukururuza.
17
Nuko Yobu apfa yīsāziye, ageze mu zabukuru.
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42