bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 21
Job 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 22 →
1
Maze Yobu arishura,
2
ati Ni mwitwaririke kwumva ivyo mvuga; Uko ni ko mwommara umubabaro.
3
Ni munyihanganire, mvuge nanje, Maze ni naheza kuvuga mukomeze mutwenge.
4
Mbeg’ abantu ni bo nganyira? Icotuma nihangana n’iki?
5
Ni munyitegereze mwumirwe, Mwifate ku munwa.
6
Iyo mvyibutse ngira ubgoba, Umubiri wanje ugafatwa n’ agatengo.
7
N’iki gituma abanyakibi babaho, Bakīsāzira, mbere bakarushiriza kugira inkomezi?
8
Uruvyaro rwabo rwāruka barubona, Abana babo bārukira imbere y’amaso yabo.
9
Ingo zabo zībēra amahoro ata co zīkanga, Kand’ inkoni y’Imana ntibagerako.
10
Impfizi zabo nta ho zihangūra kuvyara; Inka zabo zama zivyara, ntiziramburure.
11
Ibibondo vyabo birōngōra imbere yabo nk’umukuku, Kand’ abana babo bama bavyina.
12
Baririmbisha udushako tw’ ingoma n’inanga, Bakanezererwa ijwi ry’umwironge.
13
Imisi yabo bayimara baroraniwe, Maze bakamanuka i kuzimu banihutse.
14
Yamar’ ari bo bābariye Imana, bati Tuve i ruhande, Kuko tutagomba kumenya inzira zawe.
15
Bat’ Īshobora vyose n’iki, ngo tuyisabe? Kandi ni twayisenga, bizotumarira iki?
16
Rāba, umugisha wabo si bo bawizigamiye: Inama y’abanyakibi iba kure yanje.
17
Mbega har’ aho mubona itara ry’abanyakibi rizima, Ivyago bikabatera, Imana ikabagabanganya imibabaro iri n’uburake,
18
Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?
19
Mbeg’ Imana izohanira abana ibigabitanyo vya se? Eka ni yihanirwe ubgiwe, yibonereko!
20
Ayiwe maso ni yibonere ivyago vyiwe, Kand’ anywe ku burake bg’ Īshobora vyose!
21
Ibizoba ku b’inzu yiwe bazomukurikira mbeg’ azobibabara, Kand’ apfuye akenyutse?
22
Har’ uwokwigisha Imana ubgenge, Kand’ ari yo icira imanza abahambaye?
23
Umwe apfa, agifise inkomezi zishitse, Acidibamiye mu mahoro,
24
Ivyansi vyiwe bicuzuye amata, Umusokōro ukiyagagira mu magufa yiwe.
25
Uwundi apfana intimba mu mutima, Atigeze kubona ivyiza.
26
Bompi baryamana mu mukungugu, Inyo zikaborosa.
27
Erega ndazi ivyiyumviro vyanyu, N’imigabo mibi mungīra.
28
Kuko muvuga, mut’ Inzu y’ ūhambaye iri hehe? N’urugo abanyavyaha bāhoramwo ruri hehe?
29
Mbega ntimuraruha mubaza abantu b’ingenzi? Ntimwemeye ivyo bashingiye intahe,
30
Yukw inkozi y’ikibi ihora irokoka ku musi w’ivyago, Kandi kw ikira ku musi w’ uburake?
31
Ni nde yomwereka ingeso ziwe imbonankubone? Ni nde yomusubiriza mu nkōko ivyo yakoze?
32
Yamar’ azoterurirwa mu cobo, Bazorinda imva yiwe.
33
Ibisinde vyo mu mwonga bizomworohera, Abantu bose bazomukurikira, Kand’ abāmwitangiye imbere babaye isinzi.
34
None rero n’iki gituma munyirurisha ivy’ ubusa? Ibisigaye mu vyo munyishura n’ibinyoma bisa!
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42