bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 34
Job 34
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 33
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 35 →
1
Maze Elihu yongera kuvuga,
2
ati Ni mwumve amajambo yanje, yemwe banyabgenge; Muntege ugutwi, yemwe abafise ubgenge.
3
Kuk’ ugutwi kurobanura amajambo Nk’ukw akanwa kumviriza ivyo kurya.
4
Twihitiremw’ igitunganye, Twebge ubgacu twimenyere iciza ic’ ari co.
5
Kuko Yobu avuga, ngo N’ umugororotsi, Kandi ngw Imana yamurīrīriye urubanza:
6
Ngo Nah’ ari n’urubanza, abarwa nk’umubeshi; Ng’ Uruguma rwiwe ntirukivūrika, ngo Nah’ atarikw igicumuro.
7
Mbega ni nde muntu yomera nka Yobu, Agotomera ibirogotano nk’ amazi?
8
Agenda yifatanije n’abakora ivy’ ukugabitanya, Kand’ akagendana n’abanyakibi.
9
Kuko yavuze, ati Nta co bimariye umuntu Kunezerezwa n’Imana.
10
Nuko rero ni munyumvirize, mwebge bantu bazi gutahura: Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ ukugabitanya.
11
Kuk’ umuntu izomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ igikorwa ciwe, Izotuma umuntu wese abona ibihwanye n’ingeso ziwe.
12
Eka n’ivy’ ukuri, Imana nta ho yokora icaha, Īshobora vyose nta ho yogoreka imanza.
13
Ni nde yayiragije isi? Ni nde yayizigamishije ibiri kuri yo vyose?
14
Yokwisubizako Mpwemu wayo, Ikagarukana n’uguhumeka kwayo,
15
Ivyaremwe vyose vyohonera rimwe, Abantu na bo bagasubira mu mukungugu.
16
None rero namb’ ugize ubgenge, ni wumve ibi: Utegere amatwi amajambo yanje.
17
Mbeg’ uwanka guca iziroranye yoshobora kuganza? Mbega wotsindisha Īgororotse ari yo Nyenkomezi?
18
None birabereye kubarira umwami, ngo Nta co umaze? Canke kubarira abaganwa, uti Muri babi?
19
None ntibirushirije kuba ibitabereye kubibarira Īdatinya abaganwa ku kigohe, Ntikunde umutunzi kumurutisha umworo, Kuko bose ar’ igikorwa c’ intoke zayo?
20
Bapfa mu kanya isase, no mu gicugu n’uko, Bafatwa n’agatengo bakagenda akagīrīre, N’abahizi bakūrwaho, ata wubakozeko.
21
Kukw inyonga zayo ziri ku nzira z’umuntu, Kandi yitegereza urugendo rwiwe rwose.
22
Nta mwiza cank’ igitūtu c’ urupfu Ah’ abakora ivy’ ukugabitanya boshobora kwinyegeza.
23
Kukw ata gihe Imana yashingiye umuntu Co kurenguka imbere yayo mu manza.
24
Ivunagura abahizi mu buryo budaserangurika, Igashira abandi mu gishingo cabo.
25
Kukw izi ibikorwa vyabo, Ibacurikiranya mw ijoro, bagafyonyoka.
26
Ibakubita nk’abanyakibi nyene, Ibigirira ahibonekeza, abandi barorēra;
27
Kuko bākikamye, bakayiva inyuma, Bakanka gushira umutima ku nzira zayo.
28
Bagatuma ugutaka kw’abagorwa kuyishikako, Ikumva ugutaka kw’impahazwa.
29
Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;
30
Kugira ng’ ūtubaha Imana ntaje ku ngoma, Hoye kugira abatsinda abantu mu mitego.
31
Mbega har’ uwabariye Imana, Ati Narahanwe, sinzosubira gucumura;
32
At’ Ico ntabona ukinyigishe: Ati Namba naragabitanije sinzosubīra?
33
Mbeg’ ingero yayo uyankishwa n’ukw idakoze ico ugomba? Kukw ari wewe ukwiye guhitamwo, si jewe: Nuko vuga ico uzi.
34
Abantu bazi gutahura, Mbere n’umuntu wese w’ umunyabgenge anyumva, bazombgira,
35
Bati Yobu avuga ico atazi, Kand’ amagambo yiwe nta bgenge burimwo.
36
Icompa Yobu akageragezwa, agashitsa kw iherezo, Kubgo kwishura kwiwe nk’ abanyakibi.
37
Kukw agereka ubugarariji ku caha ciwe, Agakubita amashi ku yandi hagati muri twebge, Agasegenyura amagambo yo kurwanya Imana.
← Chapter 33
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 35 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42