bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 22
Job 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 23 →
1
Maze Elifazi w’i Temani arishura,
2
ati Mbeg’ umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi? Ushime n’umunyabgenge nta wundi yokigirira shiti kucīgirira ubgiwe.
3
Mbeg’ ukugororoka kwawe kurahimbara Īshobora vyose? Canke se gutunganya ingeso zawe har’ ico biyungura?
4
Mbeg’ ukuyubaha kwawe ugira ngo ni kwo kwatumye iguhana, Ikagushira mu rubanza?
5
S’ukw ivyaha vyawe bikomeye? Mber’ ibigabitanyo vyawe ntibigira akagero.
6
Kuko wanyaze bene wanyu ingwati z’ubusa, Ugakoba impuzu z’abatagira ico bambara.
7
Umuntu arushe ntiwamuhaye amazi yo kunywa, Kand’ umushonji wamwimye ivyo kurya.
8
Ūhambaye ni we yiganziye igihugu, Ūtinywa mu kigohe akacībēramwo.
9
Wirukanye abapfakazi bagenda imvumure, N’amaboko y’impfuvyi aravunagurwa.
10
Ni co gituma imitego igukikije, Ubgoba bga giturumbuka buguhagaritse umutima,
11
N’umwiza na wo ukagukikiza, ukakubuza kubona, Kand’ amazi menshi akakurengera.
12
Mbeg’ Imana ntiri hejuru mw ijuru? Kandi rāba inyenyeri ziri hejuru iyo bigwa, ingene zir’ ahītereye kure!
13
Nawe ukavuga, ngw Imana izi iki? Kand’ uti Yoshobora ite guca imanza iri mu mwiza w’ umuzitanya?
14
Ut’ Ibicu bitwaye intunda birayitwikiriye, biyibuza kubona; Yigendagendera ahihese hejuru kw ijuru.
15
Mbeg’ ugomba gukomeza inzira ya kera, Iy’ abanyakibi bājanye?
16
Bācakiwe igihe cabo kitaragera; Itanguriro ryabo ryatemvye nk’umugezi.
17
Bakabgira Imana, bati Tuve i ruhande; Bat’ Īshobora vyose yotumarira iki?
18
Yamara yujuje inzu zabo ivyiza: Inama z’abanyakibi zikaba kure yayo.
19
Abagororotsi barabibona bakanezerwa, Abatarikw igicumuro barabatwengera mw ijigo,
20
Bati N’ukuri abāri badukūriye hasi bararanduwe, N’amasigarira yo muri bo atongowe n’umuriro.
21
Enda rero ni wiyuzuze na yo, ubone kuba amahoro: Uko ni k’uzobona amahirwe.
22
Ndakwinginze, wemere kwigishwa n’ibiva mu kanwa kayo, Amajambo yayo uyabīke mu mutima wawe.
23
Ni wagaruka kw Īshobora vyose, Ugashira ukugabitanya kure y’urugo rwawe, uzokomezwa.
24
Rekurira itunga ryawe mu mukungugu, N’izahabu yavuye muri Ofiru uyirekurire mu mabuye yo mu migezi;
25
Maz’ Īshobora vyose izokubera itunga, N’ifeza y’igiciro kinini.
26
Ni ho uzonezererwa Īshobora vyose, Ukunamurira amaso yawe ku Mana.
27
Uzoyisaba, na yo izokwumva; Kand’ uzoshitsa amasezerano yawe.
28
Iy’ ugize ico ugabira, kizokubera uko wagomba, Kand’ umuco uzomurika mu nzira zawe.
29
Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.
30
Mber’ izorokora n’ūrikw igicumuro: N’ukuri uzorokorwa no gutungana kw’amaboko yawe.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42