bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 19
Job 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 20 →
1
Maze Yobu arishura,
2
ati Muzogeza hehe kubabaza umutima wanje, Mukamvunaguza amagambo yanyu?
3
Ubu n’ubugira icumi munshinyagurira; Nta n’agasoni mugira ko kungirira nabi.
4
Namba naracumuye koko, Igicumuro canje ni jewe kiriko.
5
Namba mugomba kunyiratako, No kunyagiririsha ivyago vyanje mubindemēka,
6
Mumenye yukw ar’ Imana yubitse urubanza rwanje, Ikanta hagati mu mutego.
7
Rāba, ntakishwa n’umuryano, ariko sinumvirwa; Ndatabaza, sincirwe urubereye.
8
Inzira yanje yarayishibije ngo sinshobore kuhaca; Kandi yakwiragije umwiza mu nzira zanje.
9
Yanyaze icubahiro canje, Inyambura n’igitsibo co mu mutwe wanje.
10
Yansanganguye impande zose, ndapfuye; Kand’ ivyizigiro vyanje yabiranduye nk’igiti.
11
Yandometseko n’uburake bgayo, Imparūra mu barwanizi bayo.
12
Ingabo zayo zaziye icarimwe, zitegura inzira yo kuntera, Zisagaza irya n’ino y’urugo rwanje.
13
Yantandukanije n’abo tuvukana, Kandi n’abo twari tuzinanyi baranyihakanye.
14
Ab’i wacu bantaye, N’abakunzi banje pfampfe banyibagiye.
15
Ababa mu rugo rwanje, n’ incoreke zanje, bangize nk’ umushitsi: Mbaye nk’umunyamahanga mu maso yabo.
16
Mpamagara umushumba wanje, ntaruha anyitaba, Naho nomukomera ibobo.
17
Umugore wanje azinutswe ubgaku bganje, Nteye ishishi bene mama.
18
Mbere n’abana bato barankēngēra; Iyo mvuye hasi bamvuga nabi.
19
Abajanama banje baranzinutswe bose, N’abo nakunda bahindukiye kundwanya.
20
Amagufa yanje amatanye n’ urukoba n’inyama: Nshigaje gatoya ngapfa.
21
Mungirire akagongwe, mungirire akagongwe, yemwe bakunzi banje, Kuk’ ukuboko kw’ Uhoraho kwankozeko.
22
N’iki kibatera kundendereza nk’ukw Imana ingize? Uk’umubiri wanje wabaye ntikubahāgije?
23
Icompa amajambo yanje akaba yanditswe! Icompa akaba yanditswe mu gitabo!
24
Icompa akaba akorogoshowe mu gitandara N’ikaramu y’icuma, n’icuma c’isāsu, akazohoraho!
25
Ariko jewe ubganje nzi yuk’ Umucunguzi wanje ariho, Kandi ko kw iherezo azohagarara kw isi:
26
Kand’ urukoba rwanje ni rwamara kubora, Nzobona Imana mfise umubiri.
27
Nzoyībonera ubganje, Amaso yanje azoyitegereza, nta wundi nzorāba. Umushaha wanje udendebuwe n’inkumbu.
28
Ko muvuga muti Ngo tumutemvye: Mut’ Inyanduruko y’ivyiwe imubonetseko!
29
Ni mutinye inkota: Kuk’ uburake bgihamagarira inkota, Kandi mumenye yuk’ urubanza ruzocibga.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42