bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 3
Job 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 4 →
1
Hanyuma y’ivyo Yobu yanzika kuvuga, avuma umusi wo kuvuka kwiwe.
2
Nuko Yobu aravuga,
3
at’ Umusi navukiyeko urakazimangana, Bo na rya joro ryavuzwemwo, ng’ Umwana w’umuhungu atwawe inda!
4
Uwo musi uragacura umwiza; Imana yoye kuwitegereza ir’ iyo hejuru, Kandi n’umuco woye kuwākira.
5
Umwiza n’igitūtu c’urupfu biwugire uwavyo, Igicu kiwubarareko: Ivyīrīsha ubgīrakabiri vyose biwutere ubgoba.
6
Iryo joro, umwiza w’umuzitanya uricakire: Ntirikanezeranwe n’imisi y’ umwaka; Ntirigaharūrwe mu gitigiri c’amezi.
7
Mber’ iryo joro rirakaba ingumba; Ntirikabonekemwo ijwi ry’ umunezero.
8
Abazi kuvuma imisi ni barivume, Ni bo bar’ uburyo bgo kuvyutsa Lewiyatani.
9
Inyenyeri zo mu gahuru karyo ziragacura umwiza: Ryitege umuco, riwubure, Kandi ntirikabone ugutambika kw’umutwenzi:
10
Kuko ritūgaye inda ya mama, Ngo rihishe amaso yanje umubabaro.
11
N’iki catumye ntāpfuye nkiri mu nda? N’iki catumye impwemu zanje zitāheze nkiyivamwo?
12
N’iki catumye ibibero binkikira, Canke ngahabga amabere, nkayonka?
13
Iyaba ari ko vyagenze, ubu mba ndyamye nkaba amahoro, Mba nsinziriye; ni ho mba nduhutse.
14
Mba ndi kumwe n’abami n’ abajanama bo mw isi, Biyubakiye ahār’ imisaka;
15
Canke mba ndi kumwe n’ abaganwa bāri bafise izahabu, Bakuzuza amazu yabo ifeza;
16
Iyo mba narabaye nk’inda ikorotse igahishwa, simba narabayeho; Canke nk’inzoya zitigeze zibona umuco.
17
Iyo ni ho abanyakibi barekera kugorana; Iyo ni ho abārushe baruhukira.
18
Iyo ni ho imbohe zībēra amahoro zose hamwe; Ntiziba zicumva ijwi ry’ūbakoresha abahindagiza.
19
Uworoshe n’ūhambaye ni ho bari; Umushumba ahafitiye umwidegemvyo kuri shebuja.
20
N’iki gituma umunyamubabaro ahabga kubona umuco, N’ūfise akabonge mu mutima agahabga ubugingo?
21
Bifuza urupfu, ntiruze: Barwimba kurusha abimba izahabu zānyegejwe;
22
Iyo barushe bakabona imva Birabahimbara cane, bakanezerwa.
23
Mbeg’ umuntu ayobewe inzira, Imana ikamutangatanga, N’iki gituma ahabga kubona umuco?
24
Kuko kuniha kwanje kumbereye ivyo kurya, Kand’ amaborogo yanje asukwa nk’amazi.
25
Kukw ico natinya ari co canshitseko, Kand’ icantera ubgoba ari co canjeko.
26
Simmerewe neza, simfise amahoro, simfise uburuhukiro; Ariko haza ivyago gusa.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42