bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 37
Job 37
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 38 →
1
Ivyo bihindisha agashitsi umutima wanje, Ukamvamwo.
2
Ni mwumve yemwe, ni mwumvirize ukwivuga kw’ijwi ryayo, N’ukuririkiza kuva mu kanwa kayo.
3
Igukwiza musi y’ijuru hose, N’imiravyo yayo ikayishitsa ku mpera z’isi.
4
Hanyuma y’ivyo ijwi ryayo rirahinda, Igaturagarisha ijwi ry’icubahiro cayo: Ntirinda kuziganya imiravyo, ijwi ryayo rica ryumvikana.
5
Imana ituragarisha ijwi ryayo bitangaje; Ikora ibikomeye tudashobora gutahura.
6
Kukw ibarira shelegi, iti Gwa kw isi; Ikabarira n’imvura y’umuvuvu, N’iy’ isegenya, iti Ni mukomere.
7
Yugarana abantu bose, Kugira ngw abo yaremye bose babimenye.
8
Ico gihe ibikōko binyegera mu bgihisho, Bikaguma mu masenga yavyo.
9
Mu birēre vy’i bumanuko hava ikirura, N’imbeho ikava i burārūko.
10
Urubura ruzanwa n’impwemu zihumetswe n’Imana, Maz’ amazi adengereye agafatana.
11
Mber’ ibicu bitwaye intunda ibiremereza amazi; Ibicu bisanzaza imiravyo yayo.
12
Bikuba iserere nk’ukw igomba, Kugira ngo bikore ico ibigeze cose, Biri hejuru y’isi ibakw abantu:
13
Ni yo ibirungika, ari bga nkoni ihanisha igihugu cayo, Cank’ ar’ uguhesha umugisha.
14
Umve ibi, yewe Yobu: Hagarara, witegereze ibikorwa vy’Imana bitangaje.
15
Mbeg’ urazi ingen’ Imana ibigera, N’ingen’ ibarira umuravyo w’igicu cayo kuravya?
16
Cank’ urazi ingen’ ibicu bishigikiwe? Urazi ibikorwa bitangaje vy’ Iyizi ubgenge bgose?
17
Cank’ imyambaro yawe igituma isusuruka, Igihe isi icereje kubg’ umuyaga uva i bumanuko?
18
Mbega woshobora kwaganura ijuru ufatanije na yo, Kandi rikomeye nk’icirore cavugutiwe mu nkero?
19
Enda twigishe ico twoyibarira; Kuko tubuzwa n’umwiza gutunganya amajambo yacu.
20
Mbega har’ uwoyibarira ko ngomba kugira ico mvuga? None har’ umuntu yokwifuza kumirwa miyonzwa?
21
Kandi n’ubu abantu ntibashobora guhanga amaso umuco ukayanganira mw ijuru, Iy’ umuyaga uhise wēyūye ibicu.
22
I burārūko hava ubgiza bukayangana nk’izahabu; Imana yambaye igitinyiro giteye ubgoba.
23
Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje; Kand’ ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: Nta ho idendereza.
24
Ni co gituma abantu bayubaha; Nta ho ishira umutima ku muntu n’umwe yīgize umunyabgenge.
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 38 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42