bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 11
Job 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 12 →
1
Maze Zofari w’i Nayama arishura,
2
ati Mbeg’ isinzi ry’amajambo ntirikwiye kwishurwa? Ugira ng’umuntu yotsindanishirizwa n’ukw ar’ imvuzi?
3
Canke kwihayagiza kwawe gukwiye guhoza abantu? Iy’ utukana nta wuriho yotuma ugira n’udusoni?
4
Kuk’ uvuga, ng’ Uk’ uri kwose uragororotse, Kandi ngo Nawe uratunganye mu nyonga zayo.
5
Arikw icompa Imana ikavuga, Igateranura akanwa ikakwishura:
6
Ikakwereka amabanga y’ ubgenge, Uko bumeze kw ar’ igitangaza: Ni ho womenya yukw Imana itakugiriye ibihwanye n’ ibigabitanyo vyawe.
7
Mbega woshobora kugenzura ibidashikīrwa vy’Imana? Woshobora kumenya Īshobora vyose ukanonosora?
8
Biri hejuru nk’ijuru; wogira ute? Bir’ i bgina kuruta i kuzimu; womenya iki?
9
Urugero rwavyo rusumba isi uburebure, Rusumba ikiyaga ubgaguke.
10
Iyo yiyiziye, igata abantu mu ngoyi, Igakoranya abo kuja mu rubanza, ni nde yoyibuza?
11
Kukw itayobewe abantu b’ imburakimazi, Ibona n’ibigabitanyo itarinze kuvyitegereza.
12
Arik’ umuntu we, ubgenge bgiwe n’ubujuju: Mber’ avuka nk’inyana y’ indogoba y’inyeshamba.
13
Ariko weho, ni watunganya umutima wawe, Ukaya amaboko imbere yayo;
14
Namba har’ ukugabitanya mu kuboko kwawe ugute kure, Kandi ntukundire ibitagororotse ko biba mu mahema yawe:
15
N’ukuri ni ho uzokwunamura amaso yawe ata gasembga ufise; Mber’ uzokomera, ntuzotinya.
16
Kuk’ uzokwibagira umubabaro wawe, Uzowibuka nk’amazi yatemvye;
17
Kand’ ubugingo bgawe buzokwaka kurusha umurango w’amashōka; Naho hoba umwiza, hazomera nk’umuco wo mu gatondo‐tondo.
18
Kand’ uzoba amahoro, kuko harih’ ivyizigiro; Mber’ uzokenguza, wiruhukire ata nkomanzi.
19
Kand’ uzokwiryamira, ntihagire ūgutera ubgoba; Mbere benshi bazogusaba ng’ ubatonere.
20
Arikw amaso y’abanyakibi azokoboka, Ntibazobona aho guhungira; Kand’ ivyifuzo vyabo n’ugupfa.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42