bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 38
Job 38
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 37
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 39 →
1
Maz’ Uhoraho yishurira Yobu mu gashururu,
2
at’ Uyo ni nde azimanganya inama Mu magambo atarimw’ ubgenge?
3
Enda kenyera magabo! Kuko ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.
4
Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’ amatanguriro y’ isi? Bivuge, namb’ ufise ubgenge.
5
Ni nde yatamvye amatambge yayo, namb’ ubizi? Canke ni nde yayigeresheje umugozi?
6
Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbururiwe mu ki? Canke ni nde yashizeh’ ibuye rigumya imfuruka,
7
Igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zāririmbira hamwe, N’abana b’Imana bose bagasēsereza impundu?
8
Ni nde yugarije ikiyaga inzugi, Igihe cafyiruka nk’ikivuye mu nda?
9
Igihe nagira ibicu imyambaro yaco, Nkakizingirak’ umwiza w’ umuzitanya nk’impuzu y’ uruyoya,
10
Nkagishingira akarimbi, Nkagishirirah’ ibihindizo n’ inzugi,
11
Nkavuga, nti Garukira aha, ntuharēngāne: Nt’ Aha ni ho imipfunda yawe yīshira hejuru izogarukira?
12
Mbeg’ aho wabereye, har’ aho wigeze kugera ko busambura, Ukarangira umutwenzi ahantu uhēra,
13
Ngo na wo ufate imikugiro y’isi, Uyikunkumuremw’ abanyakibi?
14
Isi ica irahinduka, nk’ukw ikibumbano giciye amagarwe kimera; Vyose bikaja ahabona nk’ ivyambaye.
15
Kand’ abanyakibi bakwa umuco wabo, N’ukuboko kubanguwe kuravunika.
16
Mbega warashitse mu masōko y’ikiyaga? Canke waragendagenze ahigobetse i bgina bgaco?
17
Har’ aho weretswe amarembo y’urupfu? Cank’ amarembo y’igitūtu c’ urupfu har’ aho wigeze kuyabona?
18
Mbega waratahuye ubgaguke bg’isi? Bivuge, namb’ ubizi vyose.
19
Inzira ija i wabo w’umuco iri hehe? N’umwiza na wo ah’ uba ni hehe,
20
Kugira ng’ ubisubize aho bihānira imbibe, Kandi ng’ umenye inzira zija ku nzu zavyo?
21
Ereg’ urabizi, kuko wari waravutse ico gihe, N’igitigiri c’imisi yawe kikaba cinshi!
22
Har’ aho wigeze gushika mu bubīko bga shelegi? Cank’ urābona ububīko bg’ urubura,
23
Urwo nabīkiye igihe co kuzana amagorwa, Nkarubīkira umusi w’intambara no kurwana?
24
Inzira ijana ah’ ibishwarara vy’umuco bitangurira n’ iyihe? Cank’ inzira ijana ah’ umuyaga w’i burasirazuba uturuka, mu k’usāba kw isi?
25
Ni nde yaciriye isegenya imigende imanukana, Canke yaciriye umuravyo w’ inkuba inzira;
26
Kugira ngw arekurire imvura mu gihugu kitagiramw’ abantu, N’ubugaragwa butarimw’ umuntu n’umwe;
27
Ngw ahēmbūre ahantu h’ uruharabuga hagadutse, Ngw ahameze ubgatsi butotahaye.
28
Mbeg’ imvura iri na se? Canke ni nde yavyaye udutonyanga tw’ikime?
29
Urubura rwavuye mu nda ya nde? N’urume rw’igikonyozi ruva mw ijuru ni nde yarugīriye ku rwahi?
30
Amazi aravura, agacika nk’ ibuye, Amazi yo hejuru y’idamba agafatana.
31
Mbega woshobora guhambira hamwe akarundo k’inyenyeri zitwa Kilimiya, Canke kubohora ingoyi z’ izitwa Oriyoni?
32
Woshobora kurōngōra za Mazaroti mu gihe cazo? Canke woyobora izitwa Arukuturo n’abana bazo?
33
Mbeg’ urazi ivyagezwe biganza ijuru? Woshobora gushinga uko riganza isi?
34
Woshobora gushira ijwi hejuru ngo rishikīre ibicu, Kugira ngw amazi y’isegenya akwitabe?
35
Woshobora gutuma imiravyo, ikagenda, Cank’ ikakwitaba, iti Sabge?
36
Ni nde yashize ubgenge mu mutima w’umuntu? Canke mu mushaha wiwe ni nde yahashize ugutahura?
37
Ni nde yogira ubgenge bgomushoboza guharūra ibicu? Canke ni nde yoshobora gucuranura amazi yo mu mibindi yo mw ijuru,
38
Igihe umukungugu uhinduka ivyondo, Ibinonko bikamatana hamwe?
39
Mbega woshobora guhīgira ingore y’intambge? Canke wohāza imigunza y’ intambge,
40
Igihe ziryamye mu masenga yazo, N’igihe zibunze mw ishamba ziteze ico zifata?
41
Ni nde aronderera igikōna ivyo kurya, Igihe ivyana vyaco bitakambira Imana, Biyererezwa no kubura ico birya?
← Chapter 37
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 39 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42