bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 4
Job 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 5 →
1
Maze Elifazi w’i Temani aramubarira,
2
ati Mbeg’ uwogerageza kugira ico akubarira, vyokubabaza? Ariko se har’ uwokwama afumbije?
3
Rāba ingene wahora wigisha benshi, Wakomeza amaboko areganutse.
4
Amajambo yawe yaramira uwarikw aratemba, Kandi wagumisha amavi aregarega.
5
Ariko none ni wewe bishitseko, kand’ urihebuye; Biraguteye, uhagarika umutima.
6
Mbeg’ ivyizigiro vyawe s’uko wubaha Imana? Kand’ inzira zawe zigororotse si zo wishimira?
7
Ibuka ndakwinginze, ni nde yigeze kugesera atācumuye? Canke har’ ah’ abagororotsi bigeze kurandurwa?
8
Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, Bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura.
9
Bagesezwa n’impwemu z’ Imana, Bakamarwa n’igihuhuta c’ uburake bgayo.
10
Kwivuga kw’intambge, n’ijwi ry’intambge y’inkazi birahezwa, N’imikāka y’imigunza y’intambge iravunagurwa.
11
Intambge nah’ ikomeye yicwa no kubura ico ifata, Kand’ ibibgana vy’intambge birasābagira.
12
Nuko, har’ ijambo ryanshitseko mu mpisho, Maz’ ugutwi kwanje kwumva utwongoshwa twaryo.
13
Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,
14
Mfatwa n’ubgoba n’agatengo, Bituma amagufa yanje yose atetemera.
15
Maz’ impwemu zihita imbere yanje, Ubgoya bgo ku mubiri wanje buramerereza.
16
Haca haboneka ikintu gihagaze, ariko sinashobora kwihweza uko casa; Hār’ ishusho imbere y’amaso yanje: Habah’ agacerere, maze numva ijwi rivuga,
17
Ngo Mbeg’ umuntu buntu yorusha Imana kugororoka? Mbeg’ umuntu yorusha Umuremyi wiwe gutungana?
18
Rāba kw itizigira abasavyi bayo, N’abamarayika bayo kw ibabonakw amafuti,
19
None ntivyorushiriza ku baba mu nzu z’ibumba, Amatanguriro yazo akaba mu mukungugu, Bahonyoreka nk’inyenzi?
20
Hagati y’igihe c’igitondo n’ umugoroba baravunagurwa: Bapfa akagīrīre, ntihagire ūbishirak’ umutima.
21
Mbeg’ umugozi w’ihema ryabo ntiwabakūwemwo? Bapfa, kand’ ata bgenge.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42