bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Job 6
Job 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 7 →
1
Maze Yobu arishura,
2
at’ Iyaba umwikomo wanje wāgerwa, N’ivyago vyanje bigashirwa ku munzane!
3
Kuko vyari kuremēra kurusha umusenyi wo ku kiyaga: Ni co catumye nihutira kuvuga.
4
Ereg’ imyampi y’Ūshobora vyose yantobekeranije, Ubugingo bganje bganyoye ubumara bgayo: Ibiteye ubgoba vy’Imana bitonze urugamba kundwanya.
5
Mbeg’ indogoba y’inyeshamba yokwivuga iri n’ubgatsi? Cank’ inka yokwābira iri n’ ico irisha?
6
Mbeg’ ikitaryoshe coribga kitarimw’ umunyu? Canke se, mu murenda w’irigi harimw’ icanga?
7
Umutima wanje wanse kubikorako; Bimmereye nk’ivyo kurya biteye iseseme.
8
Icompa nkaronka ico nsaba, Imana ikampa ico nifuza!
9
Imana nyene ikemera kumfyonyora, Igatuma ukuboko kwayo igacacura imigozi inziritse!
10
Aho ho ni ho noba ndonse ikinduhura, Mbere nokwiteraguzwa n’umunezero naho nagize uburibge budatenzura: Kuko ntāhakanye amajambo y’Uwera.
11
Mbeg’ inkomezi zanje n’inki ndorereye? Kand’ iherezo ryanje n’iriki nihanganira?
12
Non’ inkomezi zanje ni nk’iz’ amabuye? Canke se umubiri wanje ni nk’umuringa?
13
Mbega sinsigaye ntafise ikintabara, Ivy’ ugukira kwanje bikajanwa kure yanje?
14
Ūdendebukiwe bikwiye kw atera akagongwe abakunzi biwe, Naho yoba aretse kwubaha Ūshobora vyose.
15
Bagenzi banje babaye ba rusukabatungu nko mu mburamazi, Babaye nk’isūri yo mu mburamazi itemba igashira,
16
Iciwe iyondoyondo n’urubura, Shelegi ikīhishamwo;
17
Haje agasusuruko, ikazimangana, Ubushuhe bgaza, igakamirikirira ahantu hayo.
18
Igugu ry’abari ku rugendo ryājana inkōkoro yaho rirakevya; Badūga mu bugaragwa, bagwayo.
19
Igugu ry’ab’ i Tema ryari ribīteze, Ingenzi z’i Sheba zari zibarorereye;
20
Bamāramāzwa n’uko bāri bavyizigiye, Bashitseyo baratētērwa.
21
Noneho rero nta co mumaze; Mubonye ibiteye ubgoba, muratinya.
22
Mbega har’ aho nigeze kuvuga, nti Ni mugire ico mumpa? Canke nti Ni muntangire impongano mu bintu vyanyu?
23
Canke nti Ni mundokore munkūre mu maboko y’umwansi? Canke nti Ni muncungure munkūre mu maboko y’ abampahaza?
24
Ni munyigishe, nanje ni ho ndibuhore: Mummenyeshe ivyo nafuditse ivy’ ari vyo.
25
Ereg’ amajambo y’ukuri agira ububasha! Arikw ibihāri vyanyu bimaze iki?
26
Mbega muragomba guhinyura amajambo, Ayo uwihevye avuga amera nk’ibitwawe n’umuyaga?
27
Erega mwonapfindira impfuvyi, N’umukunzi wanyu mwomugura.
28
Enda kunda munyitegereze: N’ukuri sinobesha mu maso yanyu.
29
Ni mwirimbure, ndabinginze, hoye kuba ibifutamye; Mbere ni mwirimbure ukundi gusha, ivyanje n’ibigororotse.
30
Mbeg’ ururimi rwanje ruri n’ibifutamye? Akanwa kanje ntikazi gutandukanya ikibi?
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42