bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 13
Proverbs 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 14 →
1
Umwana w’ubgenge ashira umutima ku gutozwa indero nziza na se, Arik’ umucōkōranyi ntiyumvira igihano.
2
Umuntu azorya ivyiza abiheshejwe n’ibivuye mu kanwa kiwe, Arikw ingunge zifuza kugira amanyama.
3
Ūrinda akanwa kiwe azigama ubugingo bgiwe, Arikw ikirofoke kizoranduka.
4
Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, Arik’ umutima w’abanyamwete uratotahara.
5
Umuntu agororotse yanka ibinyoma, Arik’ umuntu w’umunyakibi n’agatētereza kandi n’agaterasoni.
6
Ubugororotsi buzigama ūgenda agororotse, Arikw ikibi gitsinda hasi umunyavyaha.
7
Har’ uwifata rutunzi ata co afise, Har’ uwifata rworo kand’ afise ibitayega.
8
Ico umuntu yicunguza n’ itunga ryiwe, Arik’ umworo ntiyicura imikankamo.
9
Umuco w’abagororotsi n’akanyamuneza, Arikw itara ry’abanyakibi rizozimwa.
10
Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.
11
Ubutunzi buronkeshejwe amagambo atagira ikimazi bugenda buyōka, Arik’ ūrundanya yitonze azokwunguka.
12
Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, Arikw icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubugingo.
13
Umuntu wese akēngēra ijambo yikwegera guhona, Arik’ uwubaha icagezwe azohērwa.
14
Ibgirizwa ry’umunyabgenge n’ isōko y’ubugingo, Rikūra mu mitego y’urupfu.
15
Gukerebuka kwiza gutera igikundiro, Arikw inzira y’ingunge irababazanya.
16
Uwitonda wese akorana ubgenge, Arikw igipfu canda ubupfu bgaco.
17
Intumwa mbi igwa mu vyago, Arikw intumwa yizigirwa izana gukira.
18
Ubgoro n’ibitētērwa bizoba ku wanka gutozwa indero nziza, Arik’ uwumvira igihano azokwubahwa.
19
Icifujwe kigashika kiryohera umutima, Arikw ibipfu, kuri vyo kirazira ko biva mu bibi.
20
Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.
21
Ivyago bikurikirana abanyavyaha, Arikw abagororotsi bazohērwa ivyiza.
22
Umunyangeso nziza araga n’ abuzukuru, Arik’ ubutunzi bg’umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi.
23
Har’ indya nyinshi mu ndimiro z’imisito y’aboro, Ariko har’ abo zononekara kubgo kudakora ibiroranye kwabo.
24
Ūrinda umwana inkoni aba amwanse, Arik’ ūmukunda amuhana hakiri kare.
25
Umugororotsi ararya, umutima ugahāga, Arikw inda z’abanyakibi zamana inzara.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31