bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 6
Proverbs 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 7 →
1
Mwana wanje, asangwa warabaye ishinga kuri mugenzawe, Cank’ ukarahira kw ari wewe umwishinze,
2
Uba utezwe n’amagambo yo mu kanwa kawe, Uba ufashwe n’amagambo yo mu kanwa kawe.
3
None rero, mwana wanje, kora urtya, wirokore, Kuk’ ushitse mu kuboko kwa mugenzawe; Bandanya, wicishe bugufi, wisabe mugenzawe ushishikaye.
4
Amaso yawe ntuyahe itiro, N’ibigohe ntubihe guhūnyiza.
5
Wirokore, nk’ukw ingeregere iva mu kuboko kw’umuhīgi, Kandi nk’ukw inyoni iva mu kuboko kw’umutezi.
6
Genda ku kimonyo, wa munyabute; Witegereze ingeso zaco, uce ubgenge:
7
Naho kitagira umucamanza, Cank’ umubgiriza cank’ ūganza,
8
Ciziganiriza indya zaco zo mu ci, Kikēgeranya ivyo kurya vyaco mw iyimbura.
9
Uzogeza ryari kwiryamira, ga wa munebge we? Uzovyuka ryari ng’ uve mw itiro?
10
Ngo Hinge nce agatiro gakeya, mbe ndisinziriye gatoya, Nisegure ukuboko gatoya niboterere:
11
Uko ni k’ubgoro bgawe buzogushikako nk’umwambuzi, N’ikigoyi kizogushikako nk’ umuntu w’umurwanyi.
12
Umuntu w’umugarariji, umuntu w’umugabitanyi, Agendana akanwa kagoreka;
13
Avuniranira akagohe, akeburanisha ibirenge, Yāgana akāra;
14
Ukugoreka kuri mu mutima wiwe, kandi yama yigenera ibibi; Avyura imitongano.
15
Ni co gituma ukuranduka kuzomushikako giturumbuka; Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.
16
Har’ ibintu bitandatu Uhoraho yanka, Mbere n’indwi bimusesema:
17
Amaso y’ubgibone n’ururimi rw’ibinyoma, N’amaboko avisha amaraso y’ aberanda;
18
N’umutima ugera imigabo mibi, N’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi;
19
N’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ ubuhūmvyi, N’ūvyura imitongano mu bavukana.
20
Mwana wanje, itondere icagezwe ca so, Kandi ntute ibgirizwa rya nyoko:
21
Ubihambirire ku mutima wawe ibihe vyose, Ubipfundike mw izosi ryawe.
22
Bizokuja imbere ugenda, Bizoguteramira usinziriye, Bizoyāga nawe wikanguye.
23
Kukw icagezwe ar’ itara, kand’ amabgirizwa ar’ umuco; Kand’ uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo:
24
Ngo bikurinde umugore w’ umunyakibi, N’uguhemana kw’ururimi rw’ umugore w’icigenze.
25
Ntukifuze ubgiza bgiwe mu mutima wawe, Kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.
26
Kuko kubga maraya umuntu afūtāna gushitsa asigaye ku kamanyu k’agatsima: Kand’ umusambanyikazi ahīga ubugingo bg’igiciro.
27
Har’ umuntu yoshira umuriro mu gikiriza, Impuzu ziwe ntizishe?
28
Canke har’ uwogenda ku makara yaka, Ibirenge vyiwe ntibizigire?
29
Ni ko bimerera uwinjirana umugore wa mugenzi we; Ūmukorako wese ntazobura guhanwa.
30
Abantu ntibagaya umwivyi, iyo yibishwa No kumara akaruru kiwe ari n’inzara:
31
Arikw iy’ afashwe ariha ibihetangabo ndwi; Azokwoza urugo rwiwe rwose.
32
Ūsambana n’umugore aba igipfamutima; Ūgira artyo aba arondera guhonnya ubugingo bgiwe.
33
Azoba yihamagariye inguma no gutītūka; Kand’ ibara azoba yiyambitse ntirizozimangana.
34
Kuko gufūha kw’umugabo kurandamura ishavu; Kandi ntazogira akagongwe ku musi wo kwihōra.
35
Ntazokwemera icīru na kimwe, Kandi ntazonyurwa naho womuhongera vyinshi.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31