bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 28
Proverbs 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 29 →
1
Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.
2
Iyo havyutse umugararizo mu gihugu abakiganza baba benshi, Arikw abantu b’ubgenge bakerebutse batuma impore ihoraho.
3
Umuntu w’impabūke guhahaza abagorwa Ni nk’imvura y’isegenya idasigaza indya.
4
Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, Arikw abitondera ivyagezwe barabarwanya.
5
Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.
6
Umworo agendera mu bugororotsi bgiwe Aruta ikigoramange kijana inzira zibiri, nah’ ar’ umutunzi.
7
Uwitondera ivyagezwe wese aba ar’umwana w’ubgenge, Arik’ umugenzi w’abakunzi b’ inda atētereza se.
8
Ūgwirisha itunga ryiwe inyungu ivuye ku vyo yagurānye, akāka n’ibirenzeko, Aba abirundanirije ūgirira akagongwe abagorwa.
9
Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, N’ugusenga kwiwe na kwo kuba igisesema.
10
Umuntu wese azimiza abagororotsi ngo bajane inzira mbi, Na we nyene azogwa mu rwobo rwiwe ubgiwe: Arikw abatunganye bazoragwa ivyiza.
11
Umutunzi yibarira kw afise ubgenge, Arik’ umworo ari n’umutima aramuhinyura.
12
Abagororotsi iyo banesheje haba icubahiro cinshi, Arikw abanyakibi iyo bari hejuru abantu barinyegeza.
13
Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.
14
Hahirwa umuntu yama yiyubara; Arik’ uwikomantaza umutima azogwa mu vyago.
15
Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.
16
Umuganwa w’imburabgenge akunda guhahaza cane, Arik’ uwanka inyungu mbi azoramba.
17
Umuntu arikw amaraso y’ uwundi Azokwama ahunga arinde ashika i kuzimu; ntihaze hagire ūmubuza.
18
Ūgenda atunganye azorokorwa, Arikw ikigoramange kijana inzira zibiri, kikagwa mur’ imwe.
19
Ūrima itongo ryiwe azogira indya nyinshi, Arik’ ūkurikira ibitagira ikimazi azorya ubgoro bgiwe.
20
Umuntu w’umwizigirwa agira umugisha mwinshi, Arik’ uwihutira kuba umutunzi ntazobura guhanwa.
21
Gutinya abantu ku kigohe si vyiza, Kandi si vyiza k’umuntu acumuzwa n’akamanyu k’ umutsima.
22
Uw’ ijisho ribi yihutira itunga, Kandi ntamenya yuk’ ubukene buzoteba bukamutera.
23
Ūhanūra umuntu, hanyuma azobona ishimwe Kuruta ūhemanisha ururimi.
24
Uwiba se canke nyina, akavuga ati Nta gicumuro, Uyo aba ari mugenzi w’ ūgeseza.
25
Uwigungirako vyose avyura imitongano, Arik’ uwizigira Uhoraho agira itōto.
26
Uwizigira uwiwe mutima aba ar’ igipfu, Arik’ ūgendana ubgenge azorokorwa.
27
Ūha umworo ntazokwigera akena, Arik’ ūmwirengagiza azogira imivumo myinshi.
28
Abanyakibi iyo bari hejuru abantu barinyegeza, Arikw iyo bahona abagororotsi baragwira.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31