bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 5
Proverbs 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 6 →
1
Mwana wanje, shira umutima ku bgenge bganje; Tega ugutwi uburyo bganje bgo gutahura.
2
Kugira ng’ ugumye amakenga, N’iminwa yawe izigame ukumenya.
3
Kukw iminwa y’umugore w’ icigenze itonyanga nk’ikigigu c’ubūki, Kand’ akanwa kiwe kanyerera kurusha amavuta ya elayo:
4
Arikw iherezo ryiwe rirura nk’umururazi, Rikarishe nk’ubūgi bg’inkota.
5
Ibirenge vyiwe bimanuka mu rupfu; Intambuko ziwe zimushikana i kuzimu;
6
Bituma atabona inzira isēnnye y’ubugingo, Ingendo ziwe ziradandabagirana, kandi ntazi iy’ aja.
7
None rero bana banje, munyumve, Ntimukave ku majambo y’ akanwa kanje.
8
Uz’ umuce kure, Kandi ntiwēgēre umuryango w’inzu yiwe:
9
Woye kwiha abandi, ngo bonone igikundiro cawe, Na ruburakigongwe ntumumarirekw imyaka yawe:
10
Abanyamahanga boye guhāga ivyawe, Kand’ ivyakuruhije vyoye kuja mu nzu y’uwundi;
11
Nawe ukazoboroga kw iherezo ryawe, Ah’ umubiri wawe n’amagara yawe bizoba bishize,
12
Ukavuga, ut’ Ewe ngo ndanka guhanūrwa, N’umutima wanje ugakēngēra guhanwa;
13
Sinumvire ijwi ry’abigisha banje, Sintege ugutwi abāmpanūra!
14
Nari nshigaje gatoya ngahetura ibibi vyose Hagati y’ishengero n’ikoraniro.
15
Unywe amazi yo mw isōko yawe wiharije, N’amazi atemba yo mw iriba ryawe.
16
Mbeg’ imigezi yawe yosābagira hose, N’inzuzi z’amazi zosābagira mu nzira?
17
Ni bibe ivyawe ubgawe, Ntubisangire n’ivyigenze.
18
Isōko yawe igire umugisha, Kand’ unezererwe umugore wo mu buto bgawe.
19
Nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; Kandi wame uhimbarwa n’ urukundo rwiwe.
20
N’iki cotuma ga mwana wanje, uhimbarwa n’umugore w’icigenze, Ukagwa mu gikiriza c’ūtar’ uwawe?
21
Kukw ingendo z’umuntu zir’ imbere y’inyonga z’Uhoraho, Kand’ asēna inzira ziwe zose.
22
Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.
23
Azopfa azize kudahaha, Kubg’ ubupfu bgiwe bukomeye azozimira.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31