bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 20
Proverbs 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 21 →
1
Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, Kand’ ūbidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.
2
Ugushangashirwa kw’umwami ni nk’ukwivuga kw’ intambge, Ūmurakije aba yicishije umutwe.
3
Umuntu bimubera icubahiro kwitandukanya n’imitongano, Arikw igipfu cose giterekērwa no gusinda.
4
Mu gihe c’imbeho umunebge ntakunda kurima, Ni co gituma mw iyimbura aja gusēgerereza ntagire ico aronka.
5
Inama yo mu mutima w’ umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arayivoma.
6
Abantu benshi bakunda kwirata, umuntu wese akirata ukugira neza kwiwe, Non’ umwizigirwa ni nde yomubona?
7
Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe, Hahirwa abana biwe azosiga.
8
Umwami avyagiye ku ntebe y’ imanza Agosōza ikibi cose inyonga ziwe.
9
Ni nde yoshobora kuvuga, ati Niyogeje umutima, Nihumanuye icaha canje?
10
Ibilo bitangana n’ibigeresho bitangana Vyompi n’igisesema k’Uhoraho.
11
Kandi n’umwana amenyekanira ku vyo akora, Kw ingeso ziwe zizotungana zikaba nziza.
12
Ugutwi kwumva n’ijisho ribona Uhoraho ni we yabiremye vyompi.
13
Ntugakunde kuryāmīra, kugira ng’ ubgoro ntibugutere, Kanura, ni ho uzobona ivyo kurya biguhāgije.
14
Nta co kimaze, nta co kimaze! ni k’umuguzi avuga; Arikw amaze kugenda ni ho yishima.
15
Izahabu ziriho, n’ubukenuke bg’utubuyenge twitwa marijani, Arikw iminwa y’ubgenge aba ar’ utugenegene tw’igiciro.
16
Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi, Wake ingwati uwishinze abandi.
17
Indya z’ibinyoma ziraryohera umuntu, Ariko hanyuma zikamuhindukira urusekebuye mu kanwa.
18
Imigabo yose ikomezwa n’ inama, Kandi mu kuja mu ntambara urōngōrwe n’inama y’ubgenge.
19
Ūgendagenda ar’ indanyangu amena amabanga, Nuko ntukifatanye n’ikirofoke.
20
Ūvuma se canke nyina Itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.
21
Umwandu utoranywe mu maguru masha, Hanyuma nta mugisha ugira.
22
Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza.
23
Ibilo bitangana n’igisesema k’Uhoraho, Kand’ umunzane w’ibinyoma si mwiza.
24
Urugendo rw’umuntu ruva k’ Uhoraho; Non’ umuntu buntu yotahura inzira yiwe ate?
25
N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.
26
Umwami w’ubgenge akebanya abanyakibi, Akabanywagisha ikibando.
27
Impwemu yo mu muntu n’ itara ry’Uhoraho, Risesangura hose mu bgigobeko bg’umutima.
28
Imbabazi n’ukuri ni vyo bizigama umwami, Kand’ ingoma yiwe ihangamishwa n’imbabazi.
29
Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo, Kand’ icubahiro c’abatāma n’imvi.
30
Inkoni ziciye inguma zivūra ikibi, Bo n’imimyore inyengetereye imbere mu mutima.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31